Trump avuga ko Elizabeth Jean Carroll amwagiriza ko yashatse kumufata ku nguvu badakwiranye

Elizabeth Jean Carroll yagiriza Bwana Trump ko yashatse kumufata ku nguvu mu myaka ya 1990

Ahavuye isanamu, REUTERS AND GETTY

Insiguro y'isanamu, Elizabeth Jean Carroll yagiriza Bwana Trump ko yashatse kumufata ku nguvu mu myaka ya 1990
Yatangajwe

Umukuru w'igihugu wa Leta zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, arahakana ivyo yagirizwa ko yashatse gufata ku nguvu umumenyeshamakuru Elizabeth Jean Carrollmu myaka ya 1990, avuga ati "ntidukwiranye".

Bwana Trump avuga ko umupfasoni Carroll "yabeshe cane" ku vyo amwagiriza ko yashatse kumufata ku nguvu mu mangazini y'i New York.

Bwana Trump, yabwiye ikinyamakuru The Hill ati: "Ndabivuga mu rupfasoni rwinshi: Ubwa mbere, ntidukwiranye. Ubwa kabiri, ntivyigeze biba. Ntivyigeze biba, sawa?"

Umupfasoni Carroll w'imyaka 75 y'amavuko yatanze ayo makuru mu kinyamakuru New York Magazine ku munsi wa gatanu w'indwi iheze.

Mu biganiro yagiranye n'amateleviziyo CNN na MSNBC, uyo mupfasoni asanzwe yandikira ikinyamakuru Elle yavuze ko agiye kwongereza akariro kugira ngo Bwana Trump akurikiranwe.

Umupfasoni Carroll abaye umugore agira 16 yagirije Bwana Trump ko yamufashe ku nguvu. Bwana Trump wewe abandanya ahakana ivyo yagirizwa vyose.

None Elizabeth Jean Carroll amwagiriza iki?

Avuga ko ivyo vyoba vyabereye mu mangazini ya Bergdorf Goodman iri Manhattan mu mpera z'umwaka wa 1995 canke mu ntango za 1996, mu gihe abo babiri bahurira muri iyo mangazini bari gusuma.

Bwana Trump ngo yoba yamusavye ko yomuha impanuro mu gihe yariko agurira impuzu uwundi mugore, hanyuma yifyinatira amusaba ko yobanza akayigera.

Avuga ko mu gihe bari mu vyumba vy'ukwihindura, Bwana Trump yamusimbiyeko aca amwegeka ku ruhome ashaka ku mufata ku nguvu.

Umupfasoni Carroll asanzwe yandika inkuru yitwa "Ask E. Jean" muri ico kinyamakuru kuva mu mwaka wa 1993, avuga ko yashoboye kumwikura "habaye urugamba rutoroshe".

Bwana Trump yishuye iki?

Avugana n'ikinyamakuru The Hill mu biro vy'umukuru w'igihugu, Maison Blanche, Bwana Trump yaramiriye kure ivyo yagirizwa, vyitezwe kuba biri mu gitabo c'umupfasoni Carroll citwa What Do We Need Men For? A Modest Proposal, (Abagabo dukenereye iki abagabo? Intererano ntoya), cimirije gusohoka.

Yarahakanye ko atanazi umupfasoni Carroll, n'aho yafotowe ari kumwe nawe mu kinyamakuru New York Magazine hampande y'ibirego.

Avuga ati: "Uyo mugore ni—birababaje kubona abantu bashobora kuvuga ibintu nk'ivyo".

Kuva ivy'umupfasoni Carrol bitanguye kumenyekana, bugize gatatu ahakana ivyo birego, Bwana Trump akamwagiriza ko "ariko agerageza kumenyekanisha igitabo ciwe gishasha" kandi ko "akwiragiza ibinyoma".

Avuga kuvyavuzwe na Bwana Trump ahakana ivyo yagirizwa n'ingene yavuze ko badakwiranye, umupfasoni Carroll yabwiye CNN ati: " Ndakunda kwumva ko ntakwiranye nawe".

Mu mwaka wa 2016, Bwana Trump yavuze amajambo nk'ayo igihe yagirizwa n'uwundi, Jessica Leeds, avuga ko yamukuyakuye bari ku kibuga c'indege mu myaka ya 1980.