Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Sentare y'i La Haye yagenye itariki y'urubanza rwungurujwe kw'irekurwa rya Gbagbo na Blé Goudé
Sentare mpanavyaha mpuzamakungu yagenye itariki izokwumvirako urubanza rwungurujwe n'ubushinjacaha kw'irekurwa ry'uwahoze atwara Cote d'Ivoire, Laurent Gbagbo, n'uwari umukuru w'urwaruka, Blé Goudé.
Itariki yagenywe na sentare ni iya 1 z'ukwa kabiri, akaba ari ho hazokwumvirizwa urubanza rwungurujwe ku ngingo yo kuwa kabiri uheruka yo kugira abere bwana Gbagbo na bwana Blé Goudé.
Abo bagabo uko ari babiri bagirijwe ivyaha vyo guhohotera ikiremwa muntu, bijanye n'ubwicanyi bwakurikiye amatora yo mu 2010, aho abantu 3.000 bahasize ubuzima abandi 500.000 bagateshwa izabo.
Muri ico gihe, uruhagarara rwa politike rwaranzwe n'itana mu mitwe hamwe n'ubwicanyi butumbereje abantu kanaka mu muji wa Abidjan mu bumanuko bw'igihugu.
Abandi bantu bashika amajana baragandaguwe mu muji wa Douekoue uri mu burengero bw'igihugu ca Cote d'Ivoire.
Si ubwa mbere abashinjacaha kuri sentare mpanavyaha mpuzamakungu iri i La Haye bananirwa guhamya ivyaha abo bagiriza ubugizi bwa nabi.
Barananiwe mu manza za Jean Pierre Bemba, yigeze kuba umushikiranganji wa mbere wa Republika ya Demokrasi ya Kongo, hamwe na Uhuru Kenyatta, umukuru w'igihugu ca Kenya.