Sara Netanyahu aregwa gukoresha nabi amafaranga ya leta

Yatangajwe

Umutambukanyi w'umushikiranganji wa mbere wa Israel Sara Netanyahu, aregwa gukoresha nabi amafaranga yavuye mu kigega ca leta.

Ubushikiranganji bw'ubutungane muri Israel bumenyesha ko ivyo birego bishingiye kw'ikoreshwa ry'amafaranga yababa ibihumbi ijana vy'ama dollars yakoreshejwe mu kwakira abaza ku kirimba kwa Benjamin Netanyahu.

Amatohoza y'igipolisi kuri Sara Netanyahu yari amaze umwaka urenga.

Ico caha kizwi muri Israel nk'urubanza rwo ku kirimba, amatohoza yaco yabaye ahanini ku rwikeko rujanye n'inzimano umuryango w'umushikiranganji wa mbere wa Israel wakiriza abantu bawugendera hanyuma agaharurwa kuri leta.

Sara Netanyahu yasavye amafranga arenga ibihumbi 100 vy'amadollar harimwo n'umukozi ajejwe gutegurira ibifungurwa ababa iwe.

Sara Netanyahu yagirizwa ko yakoranye n'uwahoze akorera mu biro vy'umushikiranganji wa mbere muri Israel mu gushika aho avugako ata wutegura ibifungurwa ari murugo rw'uwo mutegetsi.

Ico cagirizo gisa n'ikitagize ico kigira Benjamin Netanyahu mu kibanza ciwe, nawe ubwiwe asanzwe arindiriye kwumvirizwa ku vyaha vy'ubunyonyezi bibiri bitandukanye.