Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Benjamin Netanyahu ahanganye n'abamwagiriza igiturire
Umushikiranganji wa mbere wa Isiraheri, Benjamin Netanyahu, yiyemeje guhangana nyuma y'umunsi umwe igipolisi kivuze ko akwiye kugirwako itohoza ku giturire.
Bwana Netanyahu yasubiye kuvuga ko ataco yiyagiriza, avuga ko ivyo bamushinja birimwo uguhengama hamwe n'ibinyoma.
Yavuze ko leta yiwe y'ubumwe ihagaze neza kandi ko ata mugambi afise wo guhamagaza amatora ikiringo kidaheze.
Abashingamateka batavuga rumwe na leta basavye ko atanga imihoho mu gihe umushinjacaha mukuru wa Isiraheri ariko arihweza nimba yomwagiriza icese.
Igipolisi kivuga ko gifise ibimenyetso vyerekana ko igiturire cariwe, ibikorwa vy'amagendo hamwe n'ububeshi mu bintu bibiri bitandukanye.