Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubushikirizamanza bwa Israel bushobora kurega muka Netanyahu
Umukenyezi w'umushikiranganji wa mbere wa Israel Banjamin Netanyahu, yabwiwe n'umusahikirizamanza mukuru wa Israel ko ashobora gukwirikiranwa n'ubutungane.
Sara Netanyahu akwirikiranwa kubera ikibazo co gukoresha nabi ikigega cagenewe gukinjikira umushikiranganji wa mbere n'abakorera iwe.
Ayo mafranga aregwa ko yakoresheje nabi agera ku bihumbi jana vy'amadorari y'Abanyamerika
Muka Netanyahu avuga ko ata kibi yakoze, ngo akaba yizeye ko azohabwa akanya ko kumvirizwa imbere y'uko hafatwa ingingo yo kumushengeza imbere y'intahe.
Benjamin Netanyahu avuga ko ivyo birego bivugwa ku mugore wiwe bitagira ifatiro.