Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uwahoze arongoye abanonotsi muri Kenya yitavye Imana
Yatangajwe
Asaiah Kiplagat, yaheruka guhagarikwa mu mabanga yo kurongora ishirahamwe ry’abanonotsi mu gihugu ca Kenya, yitavye Imana afise imyaka 72.
Bivugwa ko yazize ingwara ya cancer.
Kiplagat n’abandi bategetsi babiri muvyo kwinonora imitsi, David Okeyo na Joseph Kinyua bari bahagaritswe ku mirimo yabo bisabwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryo kwinonora imitsi mu kwezi kwa 11 umwaka uheze.
Bose bagirizwa kudakurikiza amategeko yo kudakoresha imiti yongereza inguvu ku banonotsi.