Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Jus za pomme zikorwa na Ceres zisabwa kuvanwa mw'icuruzwa
Umutobe (jus/juice) wa pomme (apple) ukorwa na kompanyi yo muri Africa y'Epfo Ceres vyasabwe ko uvanwa mw'icuruzwa mu bihugu indwi vyo muri Afrika vyawuranguye kubera ufise urugero runini rwa patulin ishobora gutera kudahwa no gusesemwa.
Patulin n'ubumara buterwa n'ifira ry'ubwoko butandukanye usanga mu ma pommes canke mu bikozwe mu ma pommes.
Ibipimo vyo muri laboratoire vyerekanye ko imitobe ya Ceres irimwo patulin ku rugero ruri hejuru cane y'urwemewe rwa microgrammes 50 kuri ritiro imwe.
Iyo mitobe igurishwa muri Kenya, RDC (Congo Kinshasa), Zambia, Zimbabwe, Uganda, Seychelles n'izinga rya Maurice.
Ariko no mu bihugu bibanyi vy'ivyo vyaranguye iyo mitobe ishobora kuba ishikayo.
Urwego rw'isoko rusangi rw'ibihugu vyo muri Afrika y'Ubuseruko n'iy'ubumanuko (Comesa) rwahimirije abaguzi gusubiza imitekero yose ifise amatariki yo hagati ya 14 na 30 ukwezi kwa gatandatu 2021.