Zimbabwe-Covid : Reta itegeka abakozi bayo kwicandagisha canke guheba akazi

Uwuriko araterwa urucanco

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Muri Zimbabwe abakozi bose ba reta bategerezw kwicandagisha
Yatangajwe

Reta ya Zimbabwe ibwira abakozi bayo guhitamwo gufata urucanco canke guheba akazi, aho ni mu gihe abo bakozi barindiriye kuronka uracanco rwa Covid -19.

Reta ivuga ko iyo ngingo ari iyo kugerageza kurwanya gukwiragiza uwo mugera mu bandi bantu.

Mu kiganiro n'amaradiyo yo mu gihugu, ministre wa Zimbabwe ajejwe ubutungane Ziyambi Ziyambi avuga ko abakozi bibaza ko bafise uburenganzira bwo kwiteza canke kutiteza urucanco bihenda.

Imbere y'aho, reta yari yashinze ingingo z'uko amazu y'uburiro n'amashengero yakira abantu ari uko berekanye ikarata y'uko biteje urucanco.

Intumbero n'ukugirango reta irabe ko yohangana n'ikibazo c'uko abantu bakigonanwa kuja kwicandagisha.

Ico gihugu gushika ubu kimaze gucandaga abantu bashika miriyoni imwe n'ibinhumbi amajana indwi, n'ukuvuga 12% y'abantu barenga kuri miriyoni 15 baba muri ico gihugu co mu bumanuko bwa Afrika.

Ku mugabane wose wa Afrika, abamaze kuronka incanco zuzuye ni hafi 3% gusa.

Gushika ubu nta gihugu co muri Afrika kirashinga amategeko atuma urucanco rwa Covid ruba ngombwa.

Ariko abahinga bavuga ko bishobora kwumvikana ko bene ayo mategeko ajaho nk'inzira yo guhangana n'ico kiza n'amabi yaco ku magara y'abantu.