Covid - Urupapuro rw'inzira: AstraZeneca yo mu Buhindi "ntiyemewe" ku rupapuro rw'inzira rwa Buraya

Ahavuye isanamu, Reuters
Hari amakenga ko umugambi w'ishirahamwe rya Buraya wo gutanga urupapuro rw'inzira rw'abakingiwe ushobora gukuramwo abantu bahawe urucanco rwa AstraZeneca rwakorewe mu Buhindi.
Nyinshi mu nkingo zatanzwe n'umugambi Covax wo gusabikanya inkingo mu bihugu bikenye, zavuye mu Buhindi.
Umukuru w'umugambi wo gukwiragiza incanco mw'ishirahamwe ry'Ibihugu vya Afrika (Union Africaine/African Union), Dr Ayoade Alakija, yabwiye ikiganiro ca BBC Focus on Africa ko yizigiye ko kuba ishirahamwe rya Buraya hari abo rikuyemwo ari ukwihenda kw'intwaro.
Ariko yavuze ko afise amakenga ko "uko vyumvikana ngaha ari uko umenga hari inzira zibiri zitandukanye z'urucanco''.
Ishirahamwe rya Buraya ryimirije gushiraho kuva ku wa kane urupapuro rwa Covid rw'ubuhinga bwa none (Digital Covid Certificate), ariko incanco zine zonyene, zose zikorerwa umu bihugu vy'i Burayi, nizo zemewe kuzoshirwako.
Umukuru w'ikigo co mu Buhindi gikora incanco, Serum Institute of India, gifise uruhusha rwo gukora urucanco rwa AstraZeneca ruzwi mu Buhindi nka Covishield, yanditse kuri Twitter avuga ko ikibazo yagishikanye ku "rugero rwo hejuru cane".
Itororokanirizo ry'amakuru Reuters rivuga ko ryasavye Ishirahamwe rya Buraya kugira ico rivuze ariko gushika ubu ataco rirashikiriza.
Gushika ubu muri Africa hamaze gutangwa incanco ziri munsi ya 1.5% y'izimaze gutangwa kw'isi yose, mu gihe uwo mugabane uriko abantu bangana na 15% y'ababa kw'isi bose.










