Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
S Africa-Lesotho: Benshi mu bahagrariye Lesotho birukanywe kubera kugurisha inzoga
Africa y'Epfo yahaye benshi mu bakora mu buserukizi bwa Lesotho muri ico gihugu amasaha 72 yo kuba basubiye iwabo kubera kugurisha mu buryo buteye kubiri n'amategejo inzoga ziba zaguzwe aho zidatangwako ikori (duty-free).
Abategetsi ba Afrika y'Epfo batanze urutonde rw'abo ba 'diplomates' n'abo mu miryango yabo bavuga ko '' bakoresheje nabi ugufatwa neza bahabwa n'ubutumwa baba barimwo".
Lesotho yitandukanije n'ibikorwa vy'abo bari bayihagarariye muri Afrika y'Epfo, imenyesha ko iriko irategura itahukanwa ryabo.
Ubushikiranganji bwa Lesotho bujejwe imigenderanire bwanditse ko "bwababajwe kandi bukanaterwa isoni" no kwumva iyo nkuru.
Abavugwa muri ico gikorwa bose Africa y'Epfo yabagize ''persona non grata'', n'ukuvuga abantu birukanywe muri ico gihugu mu mvugo y'imigenderanire hagati y'ibihugu.
Muri Afrika y'Epfo ukugurisha inzoga mu buryo buteye kubiri n'amategeko kwariyongeye cane mu 2020 mu gihe c'ingingo zo kutava imuhira kubera coronavírus zatumye amaduka y'inzoga n'ububare vyugara kugira hirindwe ikwirakwira ry'uwo mugera.