Africa - Covid: Abarwaye bakaremba bafise ivyago vyinshi vyo gupfa gusumba ahandi kw'isi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abarwaye bakaremba kubera Covid-19 bafise ivyago vyinshi vyo gushobora gupfa muri Afrika kurusha ahandi hose kw'isi.
Icigwa giherutse gusohorwa na Lancet ivyo kivyegeka ku bukene bw'ibikoresho nkenerwa cane mu bitaro bikoreshwa mu kurokora ubuzima.
Birava kandi ku bukene bw'abakozi bafise ubumenyi bukwiye.
Hafi 48% y'abarwara bakaremba binjizwa ibitaro muri Afrika barapfa. Aho ni mu gihe muri rusangi urugero rw'abapfa kw'isi ari 31,5% nk'uko ico cigwa kivyerekana.
Urwo rugero rushobora kuba ari runini gusumbaho aho mu bitaro bitobito bidafise ibisata vyo kwakira abantu baremvye cane.
Umwigisha Bruce Biccard wo ku bitaro vya Groote Schuur kuri kaminuza ya Cape Town avuga ati: "Icigwa cacu nico ca mbere gitanze ido n'ido ry'ishusho y'ibishikira abantu barwaye bakaremba kubera Covid-19 muri Afrika, hakoreshejwe amakuru twakuye mu bihugu no mu bitaro vyinshi".
Umwigisha Biccard, ari mu bari barongoye ico cigwa, abandanya avuga ati: "Ikibabaje, n'uko ico cigwa cerekana ko ubushobozi bwacu bwo kwitaho abagwayi bubangamirwa n'ubukeneye bw'ibitanda vyo kwakira abaremvye n'uburyyo buke mu bisata vyo kwitaho abaremvye cane".
Gushika ubu muri Afrika haharurwa abantu 120.000 bamaze kwicwa na Covid-19, abo bakaba bangana na 4% y'abamaze gupfa kw'isi yose.
Abantu bakuze barenga 3.000 bo mu bihugu 10 vyo muyri Afrika baritabiriye ico cigwa cashimikiye ku bitaro 60 mu bihugu 10 - Misiri, Ethiopia, Ghana, Kenya, Libya, Malawi, Mozambique, Niger, Nigeria na Afrika y'Epfo.
Ico cigwa catoye ko hagati y'ukwezi kwa 5 n'ukwezi kwa 12 mu mwaka uheze, 50% vy'abitabiriye ico cigwa barapfuye bataronkejwe umwuka wo guhumeka (oxygene) abandi 10% nabo ntibavurwa ingorane z'amafyigo.










