Covid: DR Congo iriko yiruka n'umwanya mu kwihutira gucandaga abanyagihugu

Nurse Jeanne Dusungu prepares the vaccine to protect people against Covid-19

Ahavuye isanamu, Olivia Acland / UNICEF

Insiguro y'isanamu, Jeanne Dusungu ariko aritegurira gucandaga abantu Covid-19 muri RD Congo
Yatangajwe

Umuforomakazi Jeanne Dusungu ariko aracandaga Covid-19 uwari we wese aje mw'ihema rya Unicef ryera riri ku bitaro vyo mu karere ka Kivu ya ruguru, i Goma - ariko abaza bo muri ako karere ni bake.

Avuga ati:"Hari ibihuha bimwe bimwe biriko birakwiragizwa ko uru rucanco atari rwo, ko ruzotuma tutavyara. Hari abantu biyumvira gutyo."

"Nguma mbwira abantu ngo baze kwicandagisha - ruragukingira wewe nyene hamwe n'abandi, umuryango wawe hamwe n'igihugu cose."

Ariko mu gihugu ca RD Congo, ica kabiri mu bunini muri Afrika, gifise ubunini busa n'ubungana n'Uburaya bwo mu burengero, bisa n'intambara itoroshe. Abantu 5.000 bonyene ni bo bamaze kwicandagisha ku bantu bashakakungana n'imiliyoni 90.

Hanyuma mu gisagara ca Goma, aho gucandaga kwatanguye inyuma yo guceregwa igihe kitari gito, hari amakenga yo kutitaho ico gikorwa.

Vaccines delivered through the international scheme to ensure fair supply, called Covax

Ahavuye isanamu, Olivia Acland / UNICEF

Insiguro y'isanamu, Incanco za AstraZeneca zatanzwe mu bihugu 42 muri Afrika ziciye mu mugambi wa Covax

Bisigura ko incanco imiliyoni 1.3 kuzishika imiliyoni 1.7 zatanzwe mu ntango z'ukwezi kwa gatatu biciye mu mugambi wa Covax - umugambi mpuzamakungu wo kuronka incanco ku rugero rumwe - ziriko ziratangwa mu bindi bihugu vya Afrika imbere y'uko ikiringo zategekanirijwe gukoreshwa kirangira mu mpera z'ukwezi kwa gatandatu.

Impamvu ni nyinshi:

  • Amakenga kw'isano bifitaniye n'ivura ry'amaraso i Buraya yatumye igikorwa co gucandaga giteba mu bihugu vyinshi vya Afrika, igihe ico gikorwa cari kigitangura.
  • Bimwe mu bihugu vya Buraya vyarabujije ikoreshwa ry'urwo rucanco ku migwi imwe y'imyaka canke bikarekura ikoreshwa ry'incanco zose.
  • Icavuyemwo n'inkuru zivuguruzanya zakwiragijwe ku mbuga ngurukanabumenyi ku vyerekeye ko ineza y'izo ncanco.
A vaccine tent run by Unicef has been set up in the grounds of a Goma hospital

Ahavuye isanamu, Olivia Acland / UNICEF

Insiguro y'isanamu, Ishami rya Onu ryitaho abana kw'isi Unicef ryaratunganije icandaga i Goma mu buseruko bwa RD Congo
Insiguro y'amajwi, DRC: Imvo n’imvano isubira ku ntambara y'amoko muri Kivu y’Epfo mu karere ka Minembwe
A health worker wearing a mask gives his details to a nurse in the vaccine tent

Ahavuye isanamu, Olivia Acland / UNICEF

Insiguro y'isanamu, Bari ahanini abakozi bo muvyo amagara y'abantu hamwe n'abakozi b'abanyamahanga baje kwicandagisha

Hari kandi icizere gike muri ico gikorwa no ku mareta hakaba hari abumva ko Covid ari ikintu gito ugereranije n'izindi ngwara zica nka Ebola n'agasama.

Ingwara y'agasama yaheruka kwaduka muri RD Congo yahitanye abantu barenga 7.000 -benshi muri bo bari abana, mu gihe Ebola yo iguma igenda igaruka.

Kuri bamwe mu bantu baba i Goma, Covid ntigaragara. Claudine w'imyaka 40, akora akazi ko gukubura, avuga ko atarigera abona umuntu ahitanywe n'iyo ngwara, kandi ntayitinya, bitandukanye n'uko abona Ebola.

Claudine, from Goma

Ahavuye isanamu, Unicef

Ku bandi bari muri ico gihugu ca RD Congo ciziziwe n'intambara, hari ibindi vyihuta gukorwa gusumba Covid-19.

Gabriel w'imyaka 46 akora akazi ko kwunguruza abantu kw'ikinga agira ati:"Intambara yahitanye abantu benshi gusumba abahitanwa na Covid."

Josue, umunyeshure w'imyaka 23 yahisemwo kutitaho ibivugwa ku mbuga ngurukanabumenyi ahubwo ashira inguvu ziwe mu vyigwa no kurondera akazi.

John Remi Bahati w'imyaka 35 atagira akazi avuga ati:"Twarumvise ko Covid-19 ishobora kwica abantu benshi ariko ibibazo bikomeye cane ni umutekano muke hamwe n'ibura ry'akazi kubera tutazi neza nimba n'ejo tuzoba tugihema."

2px presentational grey line

Incanco zatanzwe mu mugambi Covax zingana iki?

Muri Afrika, ibihugu 42 ku 54 vyaragiye mu mugambi Covax bironswa incanco imiliyoni 18.3 , izababa imiliyoni 8 zikaba ari zo zimaze gukoreshwa.

Uwo mugambi ufise intumbero yo gusaranganya incanco za Covid kw'isi hose ku rugero rumwe.

Urucanco rwa Oxford-AstraZeneca ni rwo rwatanzwe ku rugero rw'ibice 90% ku mugabane wa Afrika, rukaba rukorerwa mu gihugu c'Ubuhinde.

Covax ishaka gucandaga n'imiburiburi ibice 20% vy'abantu baba muri Afrika gushika mu mpera z'umwaka wa 2021, ibice 3% - n'ukuvuga incanco imiliyoni 90 - bikaba bigenewe abakozi bo kwa muganga hamwe n'iyindi migwi igeramigwa n'iyo ngwara gusumba abandi.