Israel-Gaza: 'Iyindi minsi myinshi' y'ibitero mu gihe vyokenerwa ku bwa Israel

Ahavuye isanamu, Reuters
Amakuru ava mu bushikiranganji bwa Israel bwo kwivuma abansi avuga ko ata gahengwe kimirije kuboneka mu ntambara na Gaza ariko umushiikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu wa Israel avuga ko ata ''na kimwe basiga inyuma".
Umutegetsi wo muri Israel yabwiye BBC ku wa gatatu ati: "Ibikorwa vy'ingabo za Israel birabandanya ku buryo bwose bushoboka. Nta nteguro y'agahengwe iriko irigwa."
Amakuru itorororkanirizo AFP ryakuye mu gisirikare ca Israel avuga ko iriko iraraba ko bishoboka ko ihagarika ibitero vy'indege, ariko iriko yitegurira ''iyindi minsi myinshi" y'ibitero mu gihe vyokenerwa.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uwatanze ayo makuru atashatse ko umwidondoro wiwe umenyekana yavuze ati: "Turiko turaraba igihe ciza co guhagarika intambara".
Uwo muntu yabandanije kuvuga ko Israel ibandanya kwihweza niba intumbero yayo yo gusambura ubushobozi bw'intambara bwa Hamas yarashitsweko.
Agira ati: "Ikibazo ni ukumenya niba Hamas yaratahuye ubutumwa" ko gutera roketi muri Israel bidategerezwa gusubira.
Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yahaye ikiganiro abamenyeshamakuru ku bijanye n'utwigoro two gurangiza intambara.
Yavuze ati: ''Ntidukorera kw'isaha, tugendera ku vyo turondera gushikako".
Israel mbere yadomye urutoke kw'izina ry'umukuru wa Hamas Mohammed Deif nk'umwe mu bantu irondera cane.
Umuvugizi w'igisirikare, Brig Gen Hidai Zilberman, yavuze ati: "Muri ibi bikorwa, twagerageje kwica Mohammed Deif. Twagerageje kwumwica incuro nyinshi."
Nta do n'ido yatanze, ariko amakuru yo mu binyamakuru bitandukanye avuga ko Deif gushika ubu amaze kurokoka muri ibi bitero vy'indege vya vuba vya Israel.
Deif n'umukuru w'ishami rya gisirikare rya Hamas, ryitwa Brigades Izzedine al-Qassam, akaba amaze imyaka myinshi kw'isonga ry'urutonde rw'abo Israel irondera cane.
Bivugwa ko amaze guhakwa kenshi guhitanwa n'ibikorwa vya Israel vyo kurondera kumwica, harimwo no mu gihe c'intambara ikomeye yaheruka mu 2014 igihe umugore wiwe n'umwe mu bana biwe bicwa.
Uyu munsi inzamba zo kugabisha ku bitero vya roketi zasamiranye mu gisagara ca Israel ca Ashkelon n'ahandi mu turere twegereye akarere ka Gaza, nk'uko bitangazwa n'ibinyamamkuru vyo muri Israel.

Ahavuye isanamu, Reuters
Ikinyamakuru Haretz kivuga ko roketi indwi zirashwe ziva muri Gaza zaguye mu karere kamwe. Hari ibintu vyononekaye, ariko nta muntu yakomeretse canke yahaguye.
Ku wa kabiri, abakozi babiri bo mu vy'uburimyi baturuka muri Thailande barishwe abandi 8 barakomereka igihe roketi yakubita ahantu hatekererwa ibintu hafi y'urubibe na Gaza, nk'uko bivugwa n'abavuzi bo muri Israel.

Ahavuye isanamu, Reuters
Igisirikare ca Israel kivuga ko roketi 3.750 zimaze kuraswa zitumberezwa muri Israel kuva iyo ntambara itanguye, zikaba zimaze guhitana abantu 12.
Roketi 550 zaguye muri Gaza, mu gihe ubuhinga bwo kwivuna, Iron Dome missile defence system, bwategerereye mu kirere 90% y'izajabutse urubibe rwa Israel, nk'uko bibandanya bivugwa n'igisirikare ca Israel nyene.










