Burundi: Emilienne Manigirubuntu yakoze ikibazo c'akazi haciye akanya avyaye, yabaye uwa mbere

Manigirubuntu Emilienne, wa mukenyezi wo mu ntara ya Kirundo yibaruka yagiye gukora ikibazo c'akazi haraciye indwi aronse ico yabiriye akuya.
Mu gihe hari aboba bibaza ko hoba habaye ka mwana wa mama muri ico kibazo, umupfasoni Manigirubuntu avuga ko atari vyo kuko yasumbije abo bakoranye.
Avugana na BBC Gahuzamiryango, Manigirubuntu avuga ko ari umunezero ntangere kubona ico yitangiye yagishitseko kandi ko atari kubwo ikigongwe boba baramwumviye.
Ati: "Si uko vyagenze kuko bakoreye ku manota umuntu yaba yaronse. Uwaba yaronse amanota aruta ayo abandi mubo baba bariko barahiganwa, ni we baha akazi, nanje vyagenze uko. Naronse amanota menshi gusumba abo twahiganwa".
Umupfasoni Manigirubuntu yaronse ako kazi ko kwigisha mw'ishure ryisumbuye, ariko akaba ahanzwe n'ibibazo vy'umukozi wa leta asanzwe atangura akazi, akabifatanya n'ukurera umwana.
Ati: " Mfise ikibazo c'ahantu nkorera kubera ari kure, mu misozi, urugendo rw'amasaha abiri, kandi ngategerezwa kugenda mpetse n'umwana kuko ntararonka uwumunderera".
Avuga kandi ko yaba we, yaba umugabo wiwe bose bakorera kure y'i muhira, ati "twese tuboneka mu rugo mw'ijoro".
Mu mpera z'ukwezi kwa cumi umwaka uheze, umupfasoni Manigirubuntu yahejeje kaminuza, we n'abandi benshi bagiye gukora ikibazo c'akazi ko kwigisha muri komine Bwambarangwe mu ntara ya Kirundo.
Uwo munsi wahuriranye n'umunsi yategerezwa kwibarukirako, ariko ararya umutima amenyo aragenda gukora.
Ubwo bagira batangure, kubera yari yamaze gufatwa n'ibise, vyabaye ngombwa ko anyarukanwa kwa muganga.
Hashize akanya gato bamushikanye, yibarutse umwana w'umukobwa, maze aca asaba muganga ko amugumiriza umwana, nawe asubira gukora ikibazo. Yigize uwa mbere mu bo bakoranye!










