Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Elton John yahagaritse igiteramo muri Nouvelle-Zélande kubera umusonga
Aboneka ko ababaye cane, Elton John vyabaye ngombwa ko ahagarika igiteramo ciwe muri Nouvelle-Zélande inyuma y'uko afashwe n'umusonga.
Uyo munyamuziki w'imyaka 72 yaratakaje ijwi mu gihe yari aremesheje igiteramo ku kibuga ca Auckland muri Nouvelle-Zélande ejo ku wa Mungu.
Ari imbere y'insinzi ry'abantu yaritakambiye avuga ati: "Ijwi riranjanye kabisa. Sinshobora kuririmba. Reka ngende. Reka ngende! Ndababaye cane".
Yuzuwe n'amarira, yunama ku nanga yiwe azunguza umutwe.
Uyo muririmvyi w'umwongereza yarakomewe amashi menshi umwanya muremure cane, imbere y'uko agenda ashigikiwe n'abagenzi biwe.
Imbere y'aho, yari yabwiye abari aho ko bari bamupimye bagasanga arafise indwara y'umusonga udasanzwe.
Igiteramo c'ejo ku wa Mungu kiri mu biteramo vyinshi asanzwe ategura iyo aramutse agendera ico gihugu ca Nouvelle-Zélande.
Ibimenyesto vy'uwo musonga wamubujije kunezereza abakunzi biwe bisa n'ivy'umuntu arwaye akamangu, bikabamwo n'inkorora, n'ububabare mu gikiriza, akababara no mu muhogo akanameneka n'umutwe.
Imbere y'uko agenda, Elton John yari yamaze kuririmba indirimbo zimwe zimwe zizwi cane nka "Candle in the Wind" na "All the Girls Love Alice" n'izindi.
Yasavye imbabazi isinzi ryari ryaje kumusanganira.
Yerekanye akababaro kiwe
Aciye ku mbuga hwaniro yanditse ati: "Nararirimvye n'umutima wanje wose, gushika aho ijwi rinjana. Ndababaye cane. Naritanze uko nshoboye kwose".
"Ndabashimiye cane ku rukundo rudasanzwe mwanyeretse mu giteramo co kuri uno mugoroba. Sinzokwigera ndavyibagira".
Eka n'abakunzi biwe baramuhojeje baciye ku mbuga hwaniro.
Mu 2018, yari yategekanijwe kuremesha ibiteramo bishika 300 mu kiringo c'imyaka itatu imbere y'uko ahagarika ibijanye n'ibiteramo".
Uyo muririmvyi rurangiranwa yategerezwa kandi no kuremesha ibindi biteramo ejo ku wa kabiri no ku wa kane.