Ghassan Salamé, intumwa ya Libya muri ONU isaba amahanga kureka kwivanga mu ntambara

Ghassan Salamé avuga ko intambara ibandanya iba ndanse muri Libya kubera amahanga ayisukamwo

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ghassan Salamé avuga ko intambara ibandanya iba ndanse muri Libya kubera amahanga ayisukamwo
Yatangajwe

Intumwa ya Libya mw'ishirahamwe ONU, Ghassan Salamé, asaba amahanga kureka kwivanga mu ntambara yo muri ico gihugu.

Mu gihe uno munsi hitezwe ibiganiro ku mugwa mukuru w'Ubudagi Berlin, Salamé avuga ko intambara zibandanya ziba ndanse kubera amahanga abandanya ashigikira impande zirwana muri ico gihugu.

Hagati aho, Salamé yabwiye BBC ko afitiye icizere ivyo biganiro.

Bitunganijwe inyuma y'amezi icenda yose intambara zimaze zibica bigacika hagati y'ingabo za Jenerali Khalifa Haftar, hamwe n'ingabo za Leta ya Tripoli ishigikiwe na ONU.

Izo mpande zompi zari zemeye gutanga agahengwe mu ntango za kuno kwezi n'aho katubahirijwe uko vyategerezwa.

Zagirizanya guhonyanga ivyo bumvikanye, mbere n'ibiganiro vyo kurondera guhagarika burundu intambara bikaba vyarakwamye mu ndwi iheze ku mugwa mukuru w'Uburusiya, Moscou.

Ejo ku wa gatandatu, ingabo za Jen. Haftar zarahagaritse ibitoro vyari birungitswe hanze bivuye ku bivuko bikuru bikuru vya Libya.

Aho hari hasigaye umunsi umwe gusa kugira ngo ibiganiro vy'uno munsi bitangure. Iyo ngingo ikaba ije gusongera isibe mu gihugu, na rirya ico gitoro ari co mikoro nyamukuru y'igihugu.

Ghassan Salamé avuga iki?

Mu kiganiro na Radio 4 ya BBC, Bwana Salamé yasavye amahanga guhagarika imfashanyo aha impande zishamiranye mu gihugu avuga ko zihabwa abacangero, ibirwanisho, amahera hamwe n'izindi mfashanyo za gisirikare.

Avuga ko ivyo bituma hama "intambara z'urutavanako zituma abanyagihugu babandanya bacanamwo".

Uruhara amahanga afise muri iyo ntambara rwarashimikiweko cane kuva mu mezi aheze, aho n'igihugu ca Turkiya gifatiye ingingo yo kurungika ingabo gufasha leta ya Tripoli.

Aho ni mu gihe ingabo za Jen. Haftar nazo zifashwe mu mugongo n'Uburusiya, Misiri, Arabia Saoudite, Leta Zunze Ubumwe z'Abarabu hamwe na Yorodaniya.

Inama yo kuri uyu wa Mungu iza kwibanda ku gusaba amahanga kwubahiriza ibihano vyo kutinjiza ibirwanisho muri Libya vyafashwe na ONU, be no kuyasaba kureka kwivanga muri iyo ntambara.

Iyo nama y'uno munsi yiteze guhuza izo mpande zishamiranye ziri kumwe n'abazifashe mu mugongo, ishirahamwe ONU hamwe n'ibihugu vya rutura, harimwo na Perezida Putin w'Uburusiya na Perezida Recep Tayyip Erdogan wa Turkiya.