Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abanyarwanda icenda bari bafungiwe muri Uganda barekuwe
Abanyarwanda icenda bari bapfungiwe muri Uganda bashikirijwe abategetsi b'u Rwanda inyuma y'aho ivyaha bagirizwa bihanaguriwe.
Aba Banyarwanda bari imbere ya sentare ya gisirikare muri Uganda, bakaba bari bafashwe bagirizwa kunyuruza abantu n'ugutunga ibirwanisho batabifitiye uruhusha.
Ingingo yo kubarekura yashimagijwe n'uwuserukira u Rwanda muri Uganda ari nawe yabashikirijwe, akaba asaba ko "iryo hagarikwa ry'Abanyarwanda riteye kubiri n'amategeko rihagarara".
Umushikiranganji w'imigenderanire wa Uganda, Sam Kutesa, yabwiye abamenyeshamakuru ko iryo rekurwa rijanye n'amasezerano y'ubwumvikane hagati y'u Rwanda na Uganda yateweko umukono muri Angola mu mwaka uheze.
Ati: "Leta ua Uganda yahanaguye ivyaha vyagirizwa Abanyarwanda icenda muri sentre ya gisirikre. Abo bantu icenda bashikirijwe ubuserukizi bw'u Rwanda bakaza gutahukanwa uno munsi".
Haraciye igihe kirenga umwaka abategetsi b'ibihugu vy'u Rwanda na Uganda barabana ay'ingwe.
Ivyo vyatumye mbere n'u Rwanda rwugara umupaka ivyo bihugu bisangiye.
Abategetsi b'u Rwanda bamye bagiriza inzego z'umutekano za Uganda ko zihohotera Abanyarwanda baba muri ico gihugu.
Abategetsi ba Uganda bobo bavuga ko abafatwa bagapfungwa ari abagirizwa ivyaha.
Guhanagura ivyaha vyagirizwa aba Banyarwanda bibonwa na bamwe ko ari nk'ukugerageza kugabanya icuka kibi hagati y'u Rwanda na Uganda.
Ivyo bihugu bimaze igihe vyagirizanya ko kimwe gishaka guhungabanya umutekano w'ikindi, mu gushigikira imirwi y'inyeshamba canke abiyonkoye ku butegetsi.
Abategetsi b'ivyo bihugu vyompi bacanyemwo barigeze kuba ari "pfa mpfe".
Igihe Perezida Paul Kagame yari impunzi muri Uganda, yarafashije Perezida Yoweri Museveni mu myaka ya 1980 gushikira ubutegetsi mu ntambara ya kanyeshamba.
Eka n'igihugu ca Uganda caragize uruhara ntangere mu gufasha ingabo zahoze ari inyeshamba za RPF Inkotanyi zari ziyobowe na Bwana Kagame, gufata ubutegetsi mu Rwanda mu mwaka wa 1994.
Hagati aho, mu mpera z'imyaka ya 1990, imigenderanire hagati yabo yaragiyemwo agatosi mu buryo butangaje.
Ingabo z'ivyo bihugu zatanye mu mitwe mu gisagara ca Kisangani muri Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo mu ntambara yarondera gukura ku butegetsi Laurent Désiré Kabila.