Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mu mupira w’amaguru i Bulayi 21/09/2019: Alonso, Gomes, Wenger, Moutinho, Meunier
Uwurongoye umurwi Real Madrid, Florentino Perez, ariko arihweza ingene Xabi Alonso w'imyaka 37 yahoze akinira Liverpool n'umurwi nserukiragihugu wa Espanye yosubirira Zinedine Zidane nk'umumenyereza. (Mundo Deportivo)
Jose Mourinho yahoze amenyereza Manchester United na Massimiliano Allegri yahoze amenyereza Juventus nabo nyene bari ku rutonde rw'abashobora kuronderwa kugira basubirire Zidane, mu gihe uyo mu faransa yokwirukanwa. (Marca)
Ibiganiro hagati y'umurwi Wolverhampton wo mu Bwongereza n'umukinyi wo hagati Joao Moutinho w'imyaka 33 akomoka muri Portugal bigeze kure kugira ngo bagiriranire ayandi masezerano y'imyaka ibiri. (Telegraph)
Watford ifise icizere ko ishobora gutsinda Hull City mu rugamba rwo kurondera umusatirizi w'umunyasuwede, Kevin Harletun, w'imyaka 19 akinira Malmo, amasezerano akaba azorangira mu kwezi kwa 11 kw'uno mwaka. (Sun)
Liverpool ibandanya ishinze ijisho umusatirizi w'umunya Hollande, Donyell Malen w'imyaka 20, amaze gutsinda ibitsindo 10 mu nkino 12 z'umurwi PSV Eindhoven muri uno mwaka w'inkino. (Calciomercato)
Manchester United yatanguye ibiganiro n'umukinyi wo hagati Angel Gomes w'imyaka 19 asanzwe akinira umurwi nserukiragihugu w'Ubwongereza w'abatarenza imyaka 20 kugira bamwongere amasezerano. (Manchester Evening News)
Umukuru w'umurwi Tottenham, Daniel Levy, ashimangira ko ideni ry'imiliyoni 637 z'amapawundi bafashe bubaka ikibuga gishasha ata nkurikizi mbi rizogira ku bikorwa vy'uwo murwi vy'ukugura abakinyi. (Standard)
Umukinyi w'inyuma w'umubirigi Thomas Meunier avuga ko atishimiye ko ataronka umwanya w'ugukina mu murwi wiwe wa Paris Saint-Germain. Uyo mukinyi w'imyaka 28 yararondewe n'imirwi ya Arsenal na Manchester United mu gihe c'igura n'igurishwa ry'abakingi giheruka. (RMC Sport)
Umukuru wa Everton, Marco Silva, avuga ko uyo murwi uriko wihweza ingene wogura umukinyi w'inyuma mu kwezi kwa mbere. (Liverpool Echo)
Arsene Wenger yahoze amenyereza Arsenal agiye guhabwa akazi mw'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi, FIFA, mu gisata c'ubuhinga mu ndwi ziri imbere, n'aho we agifise icipfuzo c'ukuba umumenyereza. (ESPN)
Aston Villa yateguye amahera angana n'imiliyoni 20 z'amapawundi z'ukurondera umusatirizi mushasha, ni inyuma y'aho utwigoro tw'ukumurondera mu gihe c'igura n'igurishwa ry'abakingi giheruka ataco dushitseko. (Football Insider)
Umumenyereza wa Manchester City, Pep Guardiola, yiteze ko icegera ciwe yahoze akinira Everton, Mikel Arteta, amusubirira mu gihe yoramuka asezeye uyo murwi. (Evening Standard)
Umukinyi wo ku ruhande rw'imbere wa Crystal Palace, Wilfried Zaha w'imyaka 26 asaba abakinyi bagenziwe kwitanga uko bashoboye kugira ngo uwo murwi usubirane itoto. (Sun)
Icigwa gishasha ku mirwi yatsindiye amahiganwa iwabo canke mu burere catoye ikibuga c'umurwi wa Manchester City, Etihad Stadium, nk'ikibuga ca mbere ciza kw'isi, gkiza imbere y'ibibuga vya Nou Camp ca Barcelona na Allianz Arena ca Bayern Munich. (Mail)