Abanyagihugu ba Bujumbura bazindukiye mu myiyerekano biyamiriza umurwi w'abatimbo bari mu Rwanda

Yatangajwe

Abatimbo b'abarundi bavuga ko biyamiriza u Rwanda bakarwagiriza ko rwabivye ingoma zagiye kuvugirizwa mw'ihiganwa "East Africa's Got Talent" mu gihugu ca Kenya.

Mu myiyerekano yatumweko n'umukuru w'igisagara ca Bujumbura kuri uyu wa gatandatu, abari muri yo bagiriza ico gihugu ko civye akaranga n'imico vy'Uburundi.

Mu mpera z'indwi iheze, umurwi witwa Himbaza Club ugizwe n'Abarundi bahungiye mu Rwanda bari kumwe na bamwe mu banyarwanda basanze bazi kuvuza ingoma, wabonetse uri muri iryo higanwa uvuza ingoma z'Uburundi.

Abatunganije iryo higanwa bavuga ko abaryitavye bataserukiye igihugu na kimwe, ko ahubwo bagiye ku gatwe kabo.

Abari muri iyo myiyerekano barenga 50.000, bari bitwaje ivyandiko vyiyamiriza u Rwanda.

Bimwe biti: "Twebwe abatimbo turiyamirije umurwi w'igihugu c'Urwanda wivye ingoma z'Uburundi ukongera ukaja kuzivugiriza mu mahiganwa hahonyanzwe amategeko ndangakaranga".

Abatimbo bo mu Burundi batazoshobora kwihanganira umuntu uwo ari we wese canke igihugu ico ari co cose kizoshaka kwiyitirira ingoma z'Uburundi habanje guhonyangwa amategeko azigenga.

Dunia Abedi yaserukiye abatimbo bari muri iyo myiyerekano, avuga ko uyo murwi utitavye iryo higanwa ufise intumbero y'ukwerekana ishusho y'Uburundi biciye mu migirwa ijanye n'ingoma z'Uburundi, haba mu nyambaro no mu bindi bijanye.

Bwana Abedi avuga ko umurwi wagiye kuvuza izo ngoma wagiye k'uwuserukira u Rwanda, aho guserukira Uburundi.

Leta y'Uburundi yagirije igihugu c'u Rwanda ko ryarungitse uyo murwi hatisunzwe amategeko agenga ingoma z'u Burundi.

Mw'itangazo ryasohowe n'umushikiranganji w'inkino n'imicokama, Pelate Niyonkuru, leta ivuga ko ingoma z'u Burundi ari itunga kama ryitirirwa Uburundi, "ridatizwa canke ngo rigurishwe" kandi ko "ata n'umwe arekuriwe kugerageza kuryiyitirira ndetse ngo yihe ububasha bwo kurikoresha mu nzira zidahuye n'imico n'imigenzo y'abarundi".

Hagati aho, Alphonse Rugambarara yigeze kuba umushikiranganji w'inkino n'imicokama, avuga ko ivyo vyatumwe n'ingorane za politike, akavuga mu bihugu vyose birimwo Abarundi benshi usanga hariyo imirwi y'abavuzi b'ingoma nk'iyo.

Abatunganije ihiganwa East Africa's Got Talent bavuga ko bafashe nka nkama umubabaro werekanywe n'Abarundi kuri uyo murwi w'impunzi z'Abarundi bavugije umurisho w'ingoima w'ico gihugu muri iryo higanwa.

Mw'itangazo ryasohowe na Clouds Media International FZ LLC rihagarikiye iryo higanwa, hamwe na Rapid Blue iryo shirahamwe rivuga ko iryo higanwa ryari ryugururiwe uwo ari we wese aba mu bihugu vya Kenya, Uganda, u Rwanda na Tanzania bataravye ibihugu bavamwo.

"Abo batimbo babaye mu Rwanda hakurikijwe amategeko, rero bakaba bemerewe kwinjira muri iryo higanwa".

Iryo tangazo rivuga ko imirwi yinjira muri ku gatwe kayo, kandi ko bemeza neza y'uko ata gikino na kimwe cigeze gikinwa ku gatwe k'igihugu kanaka.