Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umukuru w’inama nshingamateka wa Nouvelle-Zélande yarongoye inama areze uruyoya rwa mugenziwe
Umukuru w'inama nshingamateka w'igihugu ca Nouvelle-Zélande yarongoye inama mu ngoro y'amakoraniro areze umwana w'umushingamateka mugenziwe.
Trevor Mallard yerekanye isanamu yiwe ku rubuga rwa twitter ariko aha amata umwana wa Tāmati Coffey.
Bwana Coffey wo mu mugambwe w'aba Travailliste yatangaje ivuka ry'umuhungu wiwe, Tūtānekai Smith-Coffey, mu kwezi kw'indwi kw'uno mwaka.
Uyo mwana yamuvyariwe n'umugore yahawe intanga na Tim Smith asanzwe yubakanye na Bwana Coffey.
Uno munsi ku wa gatatu, Bwana Coffey yitavye ibikorwa vy'inama nshingamateka ubwa mbere afise n'uyo mwana, inyuma y'aho aviriye mu kiruhuko c'ukwibaruka.
Mu nama y'uno munsi, Bwana Mallard, se w'abana batatu, yakoze akazi nk'umurezi n'umukuru w'inama nshingamateka.
Isanamu ya Bwana Coffey akirije uyo mwana mu nama nshingamateka yakwiragijwe n'umushingamateka wa Green Party, Gareth Hughes, ku rubuga rwa Twitter.
Bwana Hughes yanditse ati: "Biraryoshe kuba dufise uruhinja muri ino nyubakwa, ni akana keza weeee!"
Mu kiganiro Newshub ca televiziyo ya Nouvelle-Zélande, Bwana Coffey yavuze ko vyamuhimbaye cane kwumva ko ashigikiwe na bagenziwe mu nama nshingamateka.
Bwana Coffey ni uwundi mushingamateka atondanye uruhinja mu nama nshingamateka, akaba agiye ku rutonde rw'abandi banyepolitike kw'isi bamaze gutondana inzoya mu nama.
Mu bandi banyapolitike bavuzwe cane kw'isi kubera batondanye impinja harimwo umushingamateka Jo Swinson wo mu Bwongereza mu mwaka wa 2018, hamwe n'umusenateri wa Australia Larissa Waters yonkereje mu nama nshingamateka mu 2017.
Mu kwezi kw'icenda umwaka uheze, umushikiranganji wa mbere w'ico gihugu ca Nouvelle-Zélande, Yacinda Ardern, niwe yabaye rurangiranwa igihe ashikiriza ijambo ryiwe rya mbere mu nama nkuru ya ONU i New York.