Umugore wo muri Mozambike yavyariye mu giti c’umwembe mu gihe c’igihuhusi Idai

Yatangajwe

Umugore wo mu gihugu ca Mozambike yibarukiye mu giti c'umwembe aho yari yahungiye mu gihe ico gihugu caterwa na ca gihuhusi Idai.

Uyo muvyeyi Amélia yibarutse umwana w'umukobwa yise Sara, mu gihe yari muri ico giti ari kumwe n'umwana wiwe w'umuhungu afise imyaka ibiri y'amavuko.

Uwo muryango wagiye kurokorwa n'ababanyi, abona gukira ico gihuhusi cahitanye abantu barenga 700.

Uyo muvyeyi yabwiye ishami rya ONU ryitaho ibibondo, Unicef, ati: "Nari muhira n'umwana wanje w'umuhungu afise imyaka ibiri igihe amazi yatangura kwinjira mu nzu tutari tuvyiteguriye".

"Nta kundi nari kugira kiretse guhungira mu giti, nari umwe ndi kumwe n'umwana wanje".

Amélia n'umuryango wiwe bakaba bari mu kigo categuriwe abarokotse ico gihuhusi hafi y'ahitwa Dombe, bikaba bivugwa ko bamerewe neza.

Ivyo bibaye inyuma y'imyaka 20 habaye ikindi gitangaro nk'ico, aho Rosita Mabuiango yavukira mu giti uko nyene kubera umwuzurira wari wateye mu bumanuko bwa Mozambike.

Rosita ubu afise imyaka 19, yaravuzwe cane mu binyamakuru igihe we na nyina wiwe Sofia barokorewe n'indege ya kajugujugu aho bari binyegeje mu giti hagati mu mwuzurira.

Avugana n'ikinyamakuru Mail and Guardian, Sofia yavuze ko "yababara cane rwose " mu gihe yariko aribaruka.

"Nararira, ngakoma induru. Hari aho nibaza ko vyari ibise, ahandi naho nkibaza ko hari kubera inzara".

Yongeyeko ati: "Abantu benshi baratakaje ivyabo vyose, ariko jeho narungutse".

Ariko mu kiganiro yagiranye na BBC, Rosita avuga ko ivyo yari yemerewe na leta y'igihugu ciwe ko izomurihira amashure, ndetse na Leta Zunze Ubumwe za Amerika yari yamwemereye kumurihira urugendo muri ico gihugu, vyose nta nakimwe yaronse.

Rosita avuga ati: "Mawe niwe yamye andihira amashure yanje, nta nakimwe leta irigera impa".

"Ego leta yaratwubakiye inzu, ariko ubu irashaje. Iyo imvura iguye, iyo nzu irava. Ese hoho bodufasha bakayidusanurira."