Ishirahamwe ritabara indembe Croix Rouge rivuga ko abantu 50 babuze nyuma y'igitero muri Kenya

Yatangajwe

Ishirahamwe ritabara indembe Croix Rouge rivuga ko abantu 50 atawuramenya iyo bari nyuma y'igitero c'abiyahuzi kw'ihoteli Ducit mu muji wa Nairobi muri Kenya.

Hari ubwoba bw'uko igitigi cemejwe c'abantu 14 baguye muri ico gitero gishobora kwiyongera.

Abajejwe intwaro muri Kenya bakeje abajejwe umutekano ku kuntu bitwaye muri ico gitero, banakiza abanyagihugu amajana indwi bari mw'iyo hoteli n'ayandi mazu y'urudandazwa ahari.

Bivugwa ko umusirikare kabuhariwe w'Umwongereza nawe yafashije mu gutabara abanyagihugu bari bagoswe - ngo yari yitwaje ikirwanisho kandi nk'uko bivugwa n'ababibonye, yaragikoresheje.

Uwo musirikare yari asanzwe ari muri Kenya mu gikorwa co kwigisha abasirikare baho.

Umukuru w'igihu ca Kenya yashimangiye yuko igihugu ca Kenya gifise umutekano ukwiye ku ngenzi z'abanyamahanga, ngo kandi abagize uruhara mu gutegura iki gitero bazohigwa.