IKIBIRIRAHO, Agatosi mu Gikombe c'Isi: Mbappé yateye ivyatsi umukenguzamatekakazi wa Paraguay ku majambo y'ivangura
Kylian Mbappé yabwiye Celeste Amarilla ko ari umuntu ateye isoni kandi adakwiriye ikibanza arimwo, inyuma y’aho avugiye amajambo y’ivangura ruhu amushinyaguriza ku mamuko yiwe n’amashure yiwe.
Incamake
Kylian Mbappé yabwiye umukenguzamateka wo muri Paraguay Celeste Amarilla ko ari umuntu ateye isoni kandi adakwiriye ikibanza arimwo, inyuma y'aho avugiye amajambo y'ivangura ruhu amushinyaguriza ku mamuko yiwe n'amashure yiwe.
Inyuma y'uko Amerika ikubiswe n'Ububirigi 1-4, bisigura ko ibihugu vyose vyakiriye iri higanwa bitashe zirayoye, kuko imbere y'aho Canada yari yakubiswe na Maroc, Mexique nayo ikaba yari yakubiswe n'Ubwongereza.
Ni icemezo cafashwe inyuma y'akamo k'imyiyerekano katewe ku mbuga nyagiro na bamwe mu baharanira impinduka muri ico gihugu.
Humvikanye ibiturika bikomeye nibura bibiri ku mugwa mukuru wa Syria, Damas, inyuma y'amasaha make Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa ashitse muri ico gihugu, mu rugendo rudasanzwe rw'imisi ibiri.
Amakuru y'ikibiriraho
Bernard Bankukira na Gildas Yihundimpundu
Afrika y’Epfo: Umukinyi w’umupira w'amaguru wo muri Zimbabwe yarokotse igitero c'amasasu
Ahavuye isanamu, ISI Photos via Getty Images
Insiguro y'isanamu, Divine Lunga yarafashije umurwi Mamelodi Sundowns gutwara igikombe ca Champions League ca Afrika muri Rusama.
Igipolisi co muri Afrika y’Epfo kivuga ko umukinyi w'umupira w'amaguru azwi
cane akomoka muri Zimbabwe, Divine Lunga, yarokotse igitero c'amasasu yagabweko
mu gisagara ca Johannesburg.
Nk'uko ibinyamakuru vyo muri ico gihugu bibivuga, uwo mukinyi w'imyaka
31 yariko ararengana ari mu modoka yiwe ku wa Mungu mu gace ka Hillbrow, kari
hagati mu gisagara ca Johannesburg, igihe umuntu ataramenyekana yamurasa.
Lunga asanzwe akinira umurwi nserukiragihugu wa Zimbabwe hamwe na Mamelodi
Sundowns, uwundi murwi ukomeye wo muri Afrika y'Epfo, ntiyakomeretse muri ico
gitero.
Ubugizi bwa nabi burateye impungenege muri Afrika y'Epfo, kandi ico
gihugu kiri mu bifise igitigiri kinini c'abicwa ku mwaka kw'isi.
Umuvugizi w'igipolisi, Kapiteni Tintswalo Sibeko, yavuze ko bariko
bakora itohoza ku caha co kugerageza kwica umuntu, ariko ko gushika ubu ata
n'umwe arashirwa mu minwe y'ubutungane.
Ntiyatanze ayandi makuru aramvuye. Yamara, ikinyamakuru co muri Afrika
y'Epfo citwa The Citizen cavuze ko Lunga yariko aja gusenga ari kumwe na
mutoya wiwe, igihe bagabwako ico gitero.
'Hindura ibi' – Ububiligi bwannyeze Amerika ndetse buvuga ko icyemezo cya Trump cyabwongereye imbaraga
Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukinnyi wo hagati w’ikipe
y’igihugu y’Ububiligi Nicolas Raskin yavuze ko ikipe ye yiyumvisemo “akarengane”
nyuma yuko guhagarikwa umukino umwe kwa rutahizamu w’Amerika Folarin Balogun
guhagaritswe n’impuzamashyirahamwe y’umupira w’amaguru ku isi (FIFA) mbere y’umukino
wabo wa 1/8.
Balogun, w’imyaka 25, uko
byagaragaraga yari agiye kudakina uwo mukino wabereye i Seattle, nyuma yo
kwerekwa ikarita itukura itaziguye kubera ikosa yakoreye myugariro Tarik
Muharemovic w’ikipe y’igihugu ya Bosnia-Herzegovina, mu cyiciro cyabanje.
Ariko ku cyumweru,
FIFA yahagaritseho amezi 12 uko guhagarikwa umukino umwe, bituma inengwa
henshi. Impuzamashyirahamwe y’umupira w’amaguru i Burayi (UEFA), Ububiligi hamwe
n’umutoza w’ikipe y’igihugu y’Ubwongereza Thomas Tuchel ni bamwe mu banenze
icyo cyemezo.
Ku wa mbere, Perezida
w’Amerika Donald Trump yavuze ko yasabye FIFA gusuzuma ihagarikwa rya Balogun,
avuga ko ryari gusiga “icyasha kinini” kuri iri rushanwa.
Ariko, nubwo uwo rutahizamu
ukomeye w’Amerika yemerewe gukina ndetse agatangira uwo mukino, Ububiligi
bwakubise bya nyabyo iki gihugu kiri mu byakiriye irushanwa, ku ntsinzi y’ibitego
4-1.
Raskin, ukina hagati
mu ikipe y’igihugu y’Ububiligi no mu ikipe ya Rangers yo muri Scotland (Écosse), yagize ati: "Habaye byinshi hanze y’ikibuga mu minsi
ibiri ishize.”
“Mu ikipe twiyumvisemo
ko twakorewe akarengane, kandi twari twiyemeje gusubiriza mu kibuga.”
Yagize ati: “Twibwiye
ko tugomba gusubiriza mu kibuga. Ibyo ni byo twakoze.”
Nyuma y’igitego cya kane,
abakinnyi benshi b’Ububiligi bafotowe barimo kubyina imbyino isa n’imbyino izwi
nk'"imbyino ya Trump" – aho aba azunguza amatako ye ahagaze hamwe ari na ko
anyeganyeza amaboko ye yafunze ibipfunsi – yamamaye mu gihe cyo kwiyamamaza kwe
mu matora ya perezida yo mu mwaka wa 2024.
Konti yo ku rubuga rwa Instagram y’ikipe y’igihugu y’Ububiligi na yo yagaragaye
innyega (ikwena) uko kunyagirwa kw’Amerika, itangaza ifoto ya rutahizamu Romelu
Lukaku ashyize ikiganza gifunguye ku gutwi, iri kumwe n’amagambo agira ati: “Hindura
[n’] ibi.”
Insiguro y'isanamu, Emmanuel Macron ni we mutegetsi wa mbere akomeye w’uburengero agendeye Syria kuva ingoma y’umuryango wa Assad isenyuwe mu 2024
Humvikanye ibiturika bikomeye nibura bibiri ku mugwa mukuru
wa Syria, Damas, inyuma y’amasaha make Perezida Emmanuel Macron w’Ubufaransa
ashitse muri ico gihugu, mu rugendo rudasanzwe rw’imisi ibiri.
Ibisasu vyaturikiye hafi y’ihoteri Perezida Macron
yashikiyemwo, ababibonye bakavuga ko babonye umwotsi uduga mu kirere hamwe na
za modoka zunguruza abarwaye zaciye zihutira kuhashika.
Igihe amakuru y’ibi biturika yamenyekana, imboneshakure y’igihugu,
Syrian TV, yaciye itangaza ko Perezida Ahmed al-Sharaa yakiriye umushitsi wiwe
ku kirimba c’umukuru w’igihugu.
Ubufaransa buvuga ko umutekano wa Perezida Macron "umeze
neza", abajejwe umutekano bakaba babwiye BBC ko ibi bisasu vyari vyashizwe
mu kintu bateramwo imyanda no muri bisi itarimwo abantu, vyaturitse inyuma
y’uko Macron n’abamuherekeje bari bavuye kw’ihoteri bagana ku kirimba c’Umukuru
w’Igihugu, aho yakiriwe na Perezida al-Sharaa.
Abategetsi b’Ubufaransa bavuga ko urugendo rubandanya ukuri
kwamye uko rwateguwe.
Hari haciye indwi imwe gusa abantu icenda bishwe n’ikindi
gisasu caturikiye i Damas.
Emmanuel Macron ni we mutegetsi wa mbere akomeye w’uburengero
agendeye Syria kuva ingoma y’umuryango wa Assad isenyuwe mu 2024.
Ubufaransa bwarongoye Syria kw’izina ry’ishirahamwe ryari
rizwi nka Societe des Nations/League of Nations mu gihe co hagati y’Intambara
ya Mbere n’iya Kabiri y’Isi Yose.
Tanzania: I Dar es Salaam abajejwe umutekano bameze magabo
Umutekano uracungerewe
bikomeye ku mugwa mukuru w’ubutunzi wa Tanzania, Dar es Salaam, aho amajana n’amajana
y'abapolisi n'abasirikare babonetse bakwiragiye mu bice bitandukanye vy'ico
gisagara.
Ni icemezo
cafashwe inyuma y’akamo k’imyiyerekano katewe ku mbuga nyagiro na bamwe mu
baharanira impinduka muri ico gihugu.
Abanyamakuru ba
BBC bashoboye kwibonera abajejwe umutekano bari ku marondo mu bice bitandukanye
muri ico gisagara.
Gusa nta mabariyeri
bashinze ku mabarabara, kandi abanyagihugu bafise uburenganzira bwo kubandanya
ibikorwa vyabo vya misi yose. Ariko nubwo biri uko nta modoka nyinshi ziboneka
mu mabarabara, eka n’abanyagihugu ni bake, mu gihe uyu musi ari umusi mukuru mu
gihugu.
Abajejwe umutekano bafise ibirwanisho bagaragara ku bituro
vyinshi vy’imodoka zunguruza abantu. Hagati mu gisagara hazwi nka Posta na ho
nyene hari abajejwe umutekano benshi bitwaje n’imodoka isukira amazi ababa mu
gihe co guhangana n'imyiyerekano.
Hagati aho, kubera ubwoba bw'imidurumbanyo hamwe n’ubwicanyi
bwabaye mu gihe c'amatora yo muri Gitugutu (10) 2025, hamwe n’ukungene imyiyerekano
yari yatumweko ku wa 9 Kigarama (12) umwaka uheze vyanse ko iba, bishobora
gutuma abantu benshi batitaba akamo k’iyi myiyerekano y’uno musi.
Amashirahamwe atari make aharanira agateka ka zina muntu
hamwe n'abatavuga rumwe n'ubutegetsi bavuga ko ibihumbi vy'abantu bishwe mu ntureka
zakurikiye amatora yo muri Gitugutu 2025, mu gihe ibiharuro vya reta vyerekana
ko abantu bapfuye bari hafi 500.
Iyi nama iza kubera i Ankara iza kuba kandi akaryo kadasanzwe
kuri Zelensky ko kuganira na Donald Trump wa Amerika, kugira amwumvishe ko
ibitero "vy'ubunyamaswa" vy'Uburusiya vyerekana intege nke, kandi ko
Vladimir Putin akwiye guhatirwa kwemera ibiganiro vy'amahoro kugira haboneke amahoro
"mw’iteka".
Ibi bitero vy'Uburusiya biheruka bibaye
mu gihe Ukraine na yo nyene yari imaze yongereje akariro mu bitero vy’amadrone
ashobora gushika kure, ikaba yarateye ibigo bituganya ibitoro be n'ibigo vya
gisirikare mu Burusiya, ivyatumye haba ubukene bukomeye bw'ibitoro n'icikagurika
ry'umuyagankuba mu bice bimwebimwe.
Imbuga nyagiro z’Uburusiya zuzuye
amavidewo y'abantu bamara amasaha n’amasaha ku mirongo barindiriye igitoro, mbere
banarwanira na dukeya bemerewe.
Umunyamabanga mukuru wa OTAN, Mark Rutte, asaba ibihugu vya
OTAN gukora igikwiriye kugira Ukraine ironke ivyo ikeneye "mu gukingira
ubwigenge bwayo".
Ashimangira kandi ko Ukraine iriko irahindura ibintu ku rubuga
rw’intambara, aho ashaka kuvuga ku rugamba rwayo rwo guhagarika ingabo
z'Uburusiya mu buseruko bw’igihugu.
Ariko rero, uko intambara yo mu kirere irushiriza gukara,
misire zo mu bwoko bwa balistique
z'Uburusiya ntizoroheye Kyiv.
Mu gitero c’ejo ku wa mbere, amadrone hafi yose yarasambuwe,
ariko kuri ibi bisasu vya misire ibintu ntivyoroshe na gato.
Ukraine nta gisasu na kimwe ca misire zo mu bwoko bwa ballistique
yashoboye kuzibira.
Ntivyoroshe kuzibira ibi bisasu kuko biguruka ku muvuduko wo
mu bihumbi vy'ibirometero kw’isaha, Ukraine ikaba idafise za misire zihagije zo
mu bwoko bwa Patriot za Amerika.
Zelensky amaze igihe asaba ibihugu vya Buraya kumuha misire za
Patriot bitunze, akavuga ko ata kamaro zifise mu bubiko mu gihe abasivire ba Ukraine
bariko baricwa.
Insiguro y'isanamu, Abafana ba Amerika bajumarariwe igihe babona umurwi nserukiragihugu wabo uriko uratsindwa n'Ububirigi
Mu gihe abafana ba Reta zunze Ubumwe za Amerika bari bizeye
ko bashobora gutahukana igikombe c’Isi, siko vyagenze, kuko umurwi
nserukiragihugu umenyerezwa na Mauricio Pochettino ntiwarenze igice c’umunani
gishira ica nyuma.
Inyuma y’uko ukubiswe n'Ububirigi 1-4, bisigura ko ibihugu
vyose vyakiriye iri higanwa bitashe zirayoye, kuko imbere y’aho Canada yari yakubiswe
na Maroc, Mexique nayo ikaba yari yakubiswe n’Ubwongereza.
Inyuma y’uru rukino rwabaye mw’ijoro buca ari kuri uno wa kabiri,
hari ababona ko ari bwo butungane inyuma y’uko FIFA ifatiye ingingo gushika ubu igiteje impari yo
gukurako igihano c’ikarata itukura umukinyi Folarin Balogun wa Amerika.
Pochettino aremera ko yarushijwe, aho inyuma y’urukino
yabwiye abanyamakuru ati: “Nta muntu n’umwe atabonye ko kuva urukino rutangura
tutashoboye kurwinjiramwo neza. Nta na hamwe twigeze dukina nk’uko bikwiye. Eka
n’igihe twinjiza, twinjije igitsindo co kunganya 1-1, ariko mu nyuma twaciye
dutsindwa ikindi. Kuva urukino rutanguyentitwari tworohewe na gato”.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Agatosi mu Gikombe c'Isi: Mbappé yateye ivyatsi umukenguzamatekakazi wa Paraguay ku majambo y'ivangura
Ahavuye isanamu, Reuters
Umusatirizi
w’umurwi nserukira gihugu w’Ubufaransa, Kylian Mbappé, yateye ivyatsi umukenguzamateka
wo muri Paraguay, avuga ko ari umuntu ateye isoni kandi adakwiriye ikibanza
arimwo, inyuma y’aho avugiye amajambo y’ivangura ruhu amushinyaguriza ku mamuko
yiwe n’amashure yiwe.
Celeste
Amarilla, wo mu mugambwe wa Liberal Radical Party muri Paraguay, yanditse
ubutumwa ku rubuga rwa X inyuma y’aho igihugu ciwe gitsindiwe n’Ubufaransa mu
rukino rw’igice c’umunani gishira ica nyuma mw’ihiganwa ry’Igikombe c’Isi.
Mbappé
yatsinze penaliti yatumye Ubufaransa butsinda muri urwo rukino rwabaye ku wa
gatandatu, aca afasha umugwi wiwe kuronka itike y’urukino rwo mu gice ca kane
gishira ica nyuma ruzowuhuza na Maroc i Boston ku wa kane.
Amajambo ya
Amarilla yakurikiye ayandi y’uwahoze ari umunyegori wa Paraguay, Jose Luis
Chilavert, yavuze imbere y’urwo rukino ko igihugu ciwe kigiye guhura n’“umugwi w’abakinyi
ba Afrika”.
Ayo majambo
na yo nyene yatumye umukuru wa FFF, Philippe Diallo, avuga ko Chilavert “ateye isoni”.
Diallo
yavuze ati: “Ndiyamirije nivuye inyuma amajambo y’ivangura yavuzwe na Jose Luis
Chilavert ku murwi nserukira gihugu w’Ubufaransa, amajambo ahonyanga
indangagaciro z’icubahiro, ubuvukanyi n’ukwemera ubudasa mu mupira w’amaguru.
“Nimba yarigeze kuba umunyegori rurangiranwa, uyu
mugabo ubu yitaye mu gasuzuguro”