Uburusiya bwarashe gariyamoshi ya Ukraine nyuma gato yuko Boris Johnson n'abandi bategetsi b'i Burayi bahanyuze
Uwo wahoze ari Minisitiri w'intebe w'Ubwongereza yagize ati: "Sinzi imitekerereze ikocamye yatumye Putin aturitsa gariyamoshi ya Ukraine yari ihagaze ku mupaka wa Pologne muri iki gitondo [cy'ejo ku cyumweru]."
Incamake
- Abantu barenga 2.000 bahunze intambara muri Yemen bashitse muri Djibouti
- Écosse, Pays de Galles na Irlande du Nord bashize umukono ku masezerano yo kwitandukanya n'ubwongereza
- Aba-Houthi bavuga ko bateye ikirindiro c'igisirikare muri Arabie Saoudite
- Irani irahakana ko yivanga mu ntambara yo muri Yemen
- Irani ivuga ko yarashe drone ya MQ-1 hejuru y'umuhora wa Hormuz
- Bukavu: Amasanduku 27 yahageze mu gihe hatangiye umuhango wo gushyingura abanyeshuri bahiriye ku ishuri
- Umupilote w'Amerika wahanuriwe hejuru ya Iran aribuka ukuntu yahanutse, mu kiganiro cya mbere atanze kuva atabawe
- Trump yapfobeje ibyago by'ubwenge buhangano avuga ko Amerika ihanganye n'Ubushinwa
- Uburusiya bwarashe gariyamoshi ya Ukraine nyuma gato yuko Boris Johnson n'abandi bategetsi b'i Burayi bahanyuze
Amakuru y'ikibiriraho
Chançard Abimana na Didier Bikorimana
Abantu barenga 2.000 bahunze intambara muri Yemen bashitse muri Djibouti

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abantu barenga 2.000 bahunze intambara ikomeye iri hagati y’Aba-Houthi n’igisirikare ca reta ya Yemen, bajabutse ikigobe ca Aden bashika muri Djibouti.
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abimukira, OIM, rivuga ko abantu 85.818 bamaze kuva mu ngo zabo kubera iyo ntambara, benshi muri bo bakaba ari abakenyezi n’abana bato.
Aba-Houthi bafashe igisagara ca Maka kiri ku kivuko c’ikiyaga Gitukura ku wa kane w’indwi iheze. Kuva ico gihe, barabandanije gufata ibibanza vyo ku nkengera n’amazinga ari hafi y’umuhora wa Bab al-Mandab.
Amakuru avuga ko imihana yo mu turere twa Maqbanah, Jabal Habashi na al-Maafer isigaye ata bantu benshi bayibamwo, kuko imiryango ibihumbi yahungiye mu tundi turere no mu bihugu bibanyi.
Abategetsi ba Djibouti bavuga ko igisirikare kirwanira mu mazi, ico ku butaka, igipolisi n’abakozi bo kwa muganga bariko barakorana na OIM n’amashirahamwe ya ONU mu kwakira abo bantu.
Abashitse benshi bajanywe mw’ikambi ya Markazi, mu gisagara ca Obock, aho baronswa amazi, ibifungurwa n’ubundi bufasha bwihutirwa.
Reuters ivuga ko igitigiri c’abahungira muri Djibouti gishobora kubandanya kwiyongera mu gihe intambara itarahagarara.
Izindi nkuru wosoma:
Écosse, Pays de Galles na Irlande du Nord bashize umukono ku masezerano yo kwitandukanya n’ubwongereza

Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, John Swinney, Rhun ap Iorwerth, Mary Lou McDonald na Michelle O’Neill bahuriye ku wa mbere i Cardiff Abakuru b’imigambwe itatu bashize umukono ku masezerano bavuga ko aharanira kwitandukanya n’ubumwe bwubwongereza (Royaume-Uni canke United kingdom ).
Ayo masezerano yashizweko umukono na John Swinney wo mu mugambwe SNP wo muri Écosse, Rhun ap Iorwerth wo muri Plaid Cymru muri Pays de Galles, na Michelle O’Neill wo muri Sinn Féin yo muri Irlande du Nord.
Basavye reta y’ubwongereza “gutegura no kworohereza” ihinduka ry’amategeko agenga ubutegetsi, kugira abanyagihugu bo muri utwo turere bashobore kwihitiramwo kazoza kabo.
Abo bategetsi bavuze ko reta y’ubwongereza ifise uburenganzira bwo kubuza amatora ya kamarampaka.
Naho bose bashaka ko ubutegetsi bwa Londres bugabanuka, imigambi yabo iratandukanye. SNP ishaka ubwigenge bwa Écosse, Plaid Cymru igashaka ubwigenge bwa Pays de Galles, Sinn Féin na yo igashaka ko Irlande du Nord yifatanya na Repubulika ya Irlande.
Bashize umukono kuri ayo masezerano ayo masezerano nk’abakuru b’imigambwe yabo, atari nk’abaserukira intwaro barongoye.
Biyemeje kandi gukorana mu vy’ubutunzi, inguvu n’imigenderanire n’amakungu. Reta y’ubwongereza yo ivuga ko ishaka ko ico gihugu kiguma cunze ubumwe.
Izindi nkuru wosoma:
Aba-Houthi bavuga ko bateye ikirindiro c’igisirikare muri Arabie Saoudite

Ahavuye isanamu, EPA
Aba-Houthi bo muri Yemen bavuga ko bagavye igitero gikomeye bakoresheje misile zo mu bwoko bwa balistique na drone ku kirindiro c’igisirikare ca Arabie Saoudite citwa King Khalid Air Base.
Ico kirindiro kiri mu gisagara ca Khamis Mushait, mu bumanuko bwa Arabie Saoudite.
Uwo muhari uvuga ko bimwe mu birwanisho wakoresheje vyashitse aho vyari bigenewe. Ariko gushika ubu, Arabie Saoudite ntaco iravuga kuri ayo makuru.
Aba-Houthi bavuga ko bateye inyubakwa zibikwamwo indege, ivyuma vya radar hamwe n’amazu abikwamwo ibisasu.
Uwo muhari ushigikiwe na Irani uvuga kandi ko wafashe ayandi mazinga akomeye mu bumanuko bw’Ikiyaga Gitukura.
Ivyo vyotuma urushiriza kugenzura inzira y’ubwato iri hafi y’umuhora wa Bab al-Mandab.
Aba-Houthi bavuga ko ico gitero cari ico kwihora ibitero vy’indege amajana Arabie Saoudite yagavye muri Yemen mu minsi iheze.
Abategetsi ba Arabie Saoudite bamaze igihe gito batanga imburi zidasanzwe muri ako karere no mu bindi bisagara bitatu vyo mu bumanuko bw’igihugu vyigeze guterwa n’Aba-Houthi.
Izindi nkuru wosoma:
Irani irahakana ko yivanga mu ntambara yo muri Yemen

Ahavuye isanamu, X/MOFA IRAN
Irani ivuga ko ata ruhara ifise mu bibera muri Yemen, aho intambara yongeye gukomera mu kwezi guheze.
Esmail Baghaei, umuvugizi w’ubushikiranganji bwa Irani bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu, yabivugiye mu kiganiro agirana n’abamenyeshamakuru buri ndwi.
Yavuze ko ingorane zo muri Yemen zimaze igihe kirekire kandi zifise imvo nyinshi. Yongeyeko ko Irani yiteguriye kuganira kugira ngo ifashe kuzitorera umuti.
Hagati aho, Koreya y’Epfo yiyamirije ibitero Aba-Houthi bagavye ku nyubakwa z’abasivile no ku mahinguriro mu bumanuko bwa Arabie Saoudite.
Mw’itangazo bwasohoye, ubushikiranganji bwa Koreya y’Epfo bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu bwavuze buti: “Ibitero ku basivile n’inyubakwa zabo, hamwe no kumahinguriro bibangamira umwidegemvyo n’umutekano w’uruja n’uruza rw’ubwato , kandi nta nsiguro bifise.”
Aba-Houthi, basanzwe bafitaniye imigenderanire na Irani, barafashe ibibanza n’amazinga akomeye ku nkengera z’Ikiyaga Gitukura, hafi y’umuhora wa Bab al-Mandab.
Reuters ivuga ko kuva mu ntango za Nyakanga(9), abantu barenga 82.000 bamaze guhunga izabo kubera iyo ntambara.
Izindi nkuru wosoma:
Irani ivuga ko yarashe drone ya MQ-1 hejuru y’umuhora wa Hormuz

Ahavuye isanamu, EPA
Ikigo c’amakuru ca reta ya Irani, IRNA, kivuga ko ingabo z’ico gihugu z’Aabacungera Impinduka zarashe indege itajamwo umudereva(drone) yo mu bwoko bwa MQ-1, ica irakoroka hejuru y’umuhora wa Hormuz.
Igisata c’izo ngabo kijejwe kumenyesha amakuru cavuze ko iyo drone yabonywe, igaca iraswa n’ubuhinga bushasha bwo gukingira ikirere bukorana n’urwego rw’igihugu rw’ubwirinzi bwo mu kirere.
Igisirikare c’abacungera Impinduka nticavuze uwari nyene iyo drone, ico yariko irakora canke ahantu nyezina yakorokeye.
Ayo makuru ntaremezwa n'igisirikare ca Amerika.
Izindi nkuru wosoma:
Bukavu: Amasanduku 27 yahageze mu gihe hatangiye umuhango wo gushyingura abanyeshuri bahiriye ku ishuri

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Mu mujyi wa Bukavu mu burasirazuba bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC), harimo kuba umuhango wo gushyingura abanyeshuri bishwe n’umuriro wo mu cyumweru gishize.
Ababibonye babwiye BBC ko amasanduku 27 ubu yamaze kugezwa ku ishuri rya Ibanda, riri ku nkombe y’ikiyaga cya Kivu, aho imiryango n’abategetsi bo muri ako gace bateraniye ngo basezere bwa nyuma kuri abo banyeshuri bapfuye, mbere yuko imirambo ijyanwa gushyingurwa mu irimbi rya Ruzizi (Rusizi).
Ku wa gatanu ushize, umutwe w’inyeshyamba wa AFC/M23 ugenzura uwo mujyi wemeje ko abanyeshuri 26 bo mu mashuri abanza – abakobwa 20 n’abahungu batandatu – bapfiriye mu mubyigano wabaye ubwo bageragezaga guhunga umuriro wibasiye amashuri abiri, ishuri rya Furaha n’ishuri rya Ujamaa, muri komine ya Kadutu no muri komine ya Bagira.
Abarokotse benshi baracyarimo kuvurirwa mu byumba by’indembe.
Mbere, byari biteganyijwe ko abo banyeshuri bashyingurwa ku wa gatandatu ushize ariko uwo muhango wimurirwa kuri uyu wa mbere, nyuma yuko habayeho ugucyerererwa mu mikorere n'ibikoresho, nkuko byatangajwe na Dunia Masumbuko Bwenge, Visi Guverineri w’intara ya Kivu y’Epfo.
Nyuma y’uwo muriro wishe abanyeshuri, AFC/M23 yatangaje igihe cy’iminsi itatu y’icyunamo. Corneille Nangaa na Bertrand Bisimwa, abategetsi b’inyeshyamba bo ku rwego rwo hejuru, bagiye i Bukavu mu mpera y’icyumweru gishize guhura n’imiryango yagize ibyago no kuyihanganisha, ndetse no gutanga ubufasha. Bombi biteganyijwe ko bitabira umuhango wo gushyingura w’uyu munsi.
Bukavu igenzurwa na AFC/M23 kuva muri Gashyantare (2) mu mwaka wa 2025, uwo mujyi ukaba utegekwa na Visi Guverineri Dunia Masumbuko Bwenge Doux.
Icyateye uwo muriro kiracyakorwaho iperereza. Leta ikorera i Kinshasa yasabye ko hakorwa amaperereza yigenga kugira ngo ababigizemo uruhare bamenyekane.
Bukavu, umwe mu mijyi iri ku misozi ituwe mu bucucike cyane muri DRC, ihanganye n’ingorane zo kugenzura ukwaguka kw’umujyi, aho abaturage biyongera mu buryo bwihuse kandi ahanini budakorwa kuri gahunda. Ibyo byongereye ibyago ku bikorwa-remezo no ku mutekano.
Izindi nkuru wasoma:
Umupilote w'Amerika wahanuriwe hejuru ya Iran aribuka ukuntu yahanutse, mu kiganiro cya mbere atanze kuva atabawe

Ahavuye isanamu, CBS/60 Minutes
Umusirikare wo mu ngabo z'Amerika zirwanira mu kirere yavuze ukuntu yahanantutse akagwa ku butaka ari mu mutaka wangiritse, nyuma yuko indege y'intambara ye yari yahanuriwe hejuru ya Iran, bituma haba igikorwa cya gisirikare giteje akaga cyo kumutabara.
Uwo mupilote, utatangajwe izina mu kiganiro cyitwa 60 Minutes cy'igitangazamakuru CBS News cyo muri Amerika, yagize ati: "Hari aho byageze, ndebye hejuru mbona nta mutaka uhari, icyo ni cyo kintu cya mbere giteye ubwoba cyane nigeze mbona."
Inkuru irambuye hano
Izindi nkuru wasoma:
Trump yapfobeje ibyago by'ubwenge buhangano avuga ko Amerika ihanganye n'Ubushinwa

Ahavuye isanamu, EPA
Perezida w’Amerika Donald Trump yapfobeje ibyago bitewe n’ubwenge buhangano (AI), nyuma y’iminsi inzobere ziburiye isi mu buryo bukomeye cyane.
Mu ruzindiko muri Ireland, Trump yagize ati: “Hari imbaraga nyinshi mbi cyane zirimo kuzana iyi ngingo zitagakwiye kuba ziyizana ndetse barimo kuzana ibintu [kuvuga ibintu] bitazabaho.”
Umwe mu baburiye ni umushakashatsi wahoze ukora mu kigo cya AI cyitwa Anthropic, wavuze ko “birashoboka cyane ko twese dushobora gupfa mu gihe cya vuba” niba umuvuduko uriho ubu wo gukora AI ukomeje.
Ku wa gatandatu, abayobozi bo ku rwego rwo hejuru mu bijyanye na AI bemeranyije n'icyo gitekerezo ndetse basaba ko habaho kugabanya umuvuduko. Trump ntiyavuze mu buryo butaziguye kuri icyo gitekerezo ariko yagize ati: “Tuyoboye Ubushinwa muri AI... kandi, mvugishije ukuri, ndashaka ko bikomeza kumera gutyo kuko uwo ari we wese uzatsinda [mu bya] AI, ni we uzatsinda.”
Trump yabivuze ku munsi umwe n’umushakashatsi muri AI, Jacob Coxon – waretse akazi muri kompanyi Anthropic mu minsi micye ishize – wabwiye BBC ko abakozi barimo kubaka ibya AI “mu by’ukuri bafite ubwoba” kuri ejo hazaza h’inyokomuntu.
Izindi nkuru wasoma:
Uburusiya bwarashe gariyamoshi ya Ukraine nyuma gato yuko Boris Johnson n'abandi bategetsi b'i Burayi bahanyuze

Ahavuye isanamu, DSNS via Reuters
Indege nto y’intambara itajyamo umupilote (izwi nka ‘drone’) y’Uburusiya yarashe gariyamoshi hafi y’umupaka wa Ukraine na Pologne nyuma gato yuko uwahoze ari Minisitiri w’intebe w’Ubwongereza Boris Johnson n’abandi bategetsi bo ku rwego rwo hejuru mu by’umutekano b’i Burayi bari bamaze kuhanyura.
Abategetsi bo muri Ukraine bavuze ko nta bantu bapfuye cyangwa bakomeretse nyuma y’icyo gitero cyabereye i Yahodyn, cyarashe moteri ya gariyamoshi. Abagenzi bose bahungishijwe.
Johnson n’abajyanama mu by’umutekano w’igihugu b’i Burayi, barimo Jonathan Powell w’Ubwongereza, bari bamaze kunyura muri iyo nzira ya gariyamoshi bari mu yindi gariyamoshi, ubwo bari barimo bataha bavuye mu nama mu murwa mukuru Kyiv wa Ukraine.
Uwo wahoze ari Minisitiri w’intebe w’Ubwongereza yagize ati: “Sinzi imitekerereze ikocamye yatumye Putin aturitsa gariyamoshi ya Ukraine yari ihagaze ku mupaka wa Pologne muri iki gitondo [cy’ejo ku cyumweru].”
Yavuze ko icyo cyari “igitero kidashyize mu gaciro kandi cy’urukozasoni gisa n’ibyo Abanya-Ukraine bagorwa na byo buri munsi – no mu nzira za gariyamoshi za gisivile”, ashishikariza inshuti za Ukraine guha Abanya-Ukraine byihutirwa “ubwirinzi bw’ikirere bacyeneye”.
Uburusiya bwavuze ko bwarashe “igikorwa-remezo cy’inzira ya gariyamoshi” mu burengerazuba bwa Ukraine ariko kompanyi ya Ukraine ishinzwe ibya za gariyamoshi, yitwa Ukrzaliznytsia, yavuze ko “bishoboka cyane, [ko] icyo iyi ‘drone’ yari igambiriye gishobora kuba ari gariyamoshi y’abadipolomate”.
Mu itangazo iyo kompanyi yasohoye, yavuze ko iyo gariyamoshi “yari yavuye kuri iyo stasiyo [itegerwamo gariyamoshi] mbere y’igihe cyari giteganyijwe kubera impinduka ku ngengabihe... itewe n’inkeke zihoraho ziterwa n’ibitero by’Uburusiya”.
Iyo kompanyi yanavuze ko itegeko ryo guhunga ku bagenzi bari bari muri iyo gariyamoshi yarashweho ryari ryatanzwe “iminota 15” mbere y’icyo gitero cya ‘drone’ y’Uburusiya yihuta cyane ikoresha moteri nk’iy’indege.
Iyo kompanyi yongeyeho ko uwahoze ari umukuru w’ubutasi bwo mu mahanga bw’Amerika (CIA), David Petraeus, na we yari ari mu yindi gariyamoshi yo kuri iyo stasiyo ya Yahodyn, ubwo icyo gitero cya ‘drone’ cyabaga.
Abategetsi bo muri Ukraine n’abategetsi bo muri Pologne bavuze ko iyo ‘drone’ y’Uburusiya yarashe mu ntera ya kilometero ebyiri uvuye ku mupaka wa Pologne.
Izindi nkuru wasoma:
Mwaramutse neza!
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.
