Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

Abarusiya barindwi bapfuye abandi 40 bakomereka igihe drone yo muri Ukraine yagongaga ku nkombe y'inyanja

Abategetsi b'Uburusiya bavuga ko nibura abantu barindwi , barimo abana batatu, bishwe n'indege ya drone ya Ukraine ku nkombe y'inyanja mu majyepfo y'uburengerazuba bw'Uburusiya.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira

  1. Aha niho dosoreje aya makuru y'ikibiriraho yuyu munsi, mwakoze kubana natwe n'ahejo.

  2. Ibihumbi n'ibihumbi bakomeje guhunga Afurika y'Epfo nyuma y'iterabwoba ku bimukira

    Abimukira ibihumbi bavuye muri Afurika y'Epfo nyuma y'iterabwoba ryatanzwe n'imiryango irwanya abinjira n'abasohoka, yasabaga ko abimukira batemewe n'amategeko bava muri icyo gihugu bitarenze ku ya 30 Kamena (6)2026.

    Mu mezi ashize, imyigaragambyo yo kurwanya abimukira yakomeje kwiyongera mu mijyi myinshi, aho abantu batatu, barimo umwe ukomoka muri Malawi n'abandi babiri bakomoka muri Mozambique, batakaje ubuzima bwabo mu bikorwa by'urugomo byabereye mu ntara za Kwazulu-Natal na Western Cape.

    Guverinoma ya Afurika y'Epfo yatangije igikorwa cyihariye cya polisi cyo gukumira urugomo, inatangaza ingamba zo gukomeza umutekano w'umupaka no guhangana n'abimukira badafite ibyangombwa.

    Kubera gutinya ibitero, abimukira amagana bateraniye hanze y'ibiro bya Minisiteri y'Ubutegetsi bw'Igihugu i Durban, bategereje gusubizwa iwabo. Byatumye bamwe bata ingo zabo n'imibereho yabo nyuma y'uko imyigaragambyo yo kwamagana abanyamahanga ihindutse imvururu.

  3. Amashusho agaragaza igihe indege drone yagongaga resitora yo ku Nyanja Yirabura mu Burusiya

    Videwo yemejwe na BBC yerekana igihe indege idatwarwa n'umupilote igonga inkombe ya Arkhipo-Osipovka hafi y'umujyi wa Gelendzhik uri mu Nyanja Yirabura mu Burusiya.

    Guverineri w’akarere ka Krasnodar Krai, Veniamin Kondratyev, avuga mu butumwa yacishije kuri Telegram ko abantu batandatu bishwe, barimo n’abana batatu. Yashinje Ukraine igitero.

    Igisirikare cya Ukraine kugeza ubu ntacyo kiratangaza kuri iki kibazo.

  4. Umugore wabazwe nyababyeyi kugirango umwana wari munda avurwe

    Abaganga bakoze igikorwa kidasanzwe kandi cy’ingirakamaro ku mwana uri mu nda kugira ngo bakosore ikibazo cy’umwana uri munda ya nyina ataravuka.

    Nyina, Maisie Savage, ukomoka i Londres, yabazwe n'abaganga muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ubwo yari afite inda y'ibyumweru 26.

    Umwana Theo, ubu ufite amezi atanu kandi umeze neza, yari afite ikibazo cyo kubura amaraso mu nda indwara aho umugozi w’inkondo y’umura utakoraga neza, bigatuma amara akura hanze y’umubiri.

    Abaganga bafunguye igice cy'inda y'umubyeyi hanyuma bashyira ingingo z'umwana mu nda ye buhoro buhoro bakoresheje uburyo bwo kubaga banyuze mu kobo gato ku mwana(keyhole surgery)

    Yari umwana wa gatatu ku isi yungukiye muri iri gerageza ry’ubuvuzi, ari na ryo rya mbere ry’ubwoko bwaryo.

  5. Ni iki Prezida Ndayishimiye yishura ku kibazo c'urwaruka rw'Abarundi ruguma ruja kuronderera mu mahanga?

    Mu Burundi, haciye igihe hari umurindi munini w’urwaruka ruja mu bihugu bitandukanye. Benshi baja mu bihugu bibanyi nka Kenya na Tanzania, mu gihe abandi berekeza muri Aziya no mu Burayi. Iyo ubabajije igituma bafata iyo ngingo, benshi bavuga ko babiterwa n'ubukene n'icipfuzo co kurondera ubuzima bwiza kurushiriza.

    Nk'akarorero, muri Kenya harabarurwa Abarundi bashika mu bihumbi cumi n'ibindi. Ababarongoye bavuga ko bakwiragiye mu gihugu cose, bagabuwe mu turere (antennes) 47, muri two 31 tukaba turi i Nairobi.

    Naho ata gitigiri ntabanduka kizwi, umukuru wa diaspora y'Abarundi muri Kenya, Alexis Salahe, yigeze kubwira BBC Gahuzamiryango ko mu rusansuma ruheruka gukorwa n'ubuserukizi bw'Uburundi i Nairobi, hiyandikishije Abarundi barengeje imyaka 18 bashika hafi ku 5.400. Ariko, ku ruhande rwa diaspora, bavuga ko igitigiri c'Abarundi baba muri Kenya gishika hafi ku 10.000.

  6. Ingingo ya Trump yatumye ibiciro vy’igitoro bimanuka ku bice birenga 5%

    Ibiciro vy’igitoro vyamanutse ku rugero rurenga ibice bitanu kw’ijana (5%) inyuma y’aho Perezida Donald Trump afatiye ingingo yo guhakarika igitero rutura kuri Irani.

    Ejo ku wa Mungu, Trump yavuze ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Irani bitangura ibiganiro bishasha kuni uno wa mbere, nubwo atavuze aho bibera canke abaza kuvyitaba.

    Imbere y’aho, Irani yari yatangaje ko iri hafi yo gushika ku masezerano na Oman ajanye n’ugutunganya uruja n’uruza rw’amato aca mu Muhora wa Hormuz.

    Hagati aho, umuvugizi w’Ubushikiranganji bw’Imigenderanire ya Irani n’ayandi makungu yerekanye amakenga ku vyavuzwe na Perezida Trump yemeza ko Amerika na Irani bagiye gutangura ibiganiro uno musi.

    Esmail Baghaei yavuze ko ubu ata biganiro biriko biraba hagati y’ibi bihugu bibiri, kandi ko Tehran ata mugambi ifise wo kwakira intumwa za Amerika canke kurungika intumwa zayo guhura n’abategetsi ba Amerika mu misi iri imbere.

    Baghaei yavuze ko Irani ahubwo ishira imbere ivyo biganiro ivuga ko iriko iragirana na Oman ku bijanye n’ugucungera uruja n’uruza rw’amato aca mu Muhora wa Hormuz.

  7. Rwanda: Inganda umunani zikora 'ibyotsi' cangwa 'ibyuma' zafunzwe

    Jean-Claude Mwambutsa

    BBC Gahuzamiryango, Kigali

    Itangazo ryasohowe n'ikigo gishinzwe ubuziranenge bw'ibiribwa n'imiti rivuga ko inganda umunani zikora inzoga zikomeye-izo mu gihugu bakunze kwita ibyotsi (liquor) zifunzwe kandi ko igenzura rikomeje mu gihugu.

    Ni icyemezo cyatunguye abantu kuko inganda zafunzwe zari zisanzwe zikora byemewe n'amategeko. Mu biganiro bitandukanye byanyuze ahanini mu bitangazamakuru bya Leta, abategetsi bumvikanye bavuga ko hari inganda zakoraga zifite icyemezo cy'ubuziranenge ariko ku ruhande zigakora ibinyuranije n'amategeko mu rwego rwo gushakisha inyungu z'umurengera.

    Izo nganda ni

    • Ingufu Gin Ltd rwari rufite amoko icumi atandukanye y'inzoga .
    • NBG LTD rwari rufite amoko 6 y'inzoga rwakoraga
    • Sky Drop LTD
    • African Buffalo Ltd
    • NOPA Company Ltd
    • Roots Investment group Ltd
    • Rugali Agro-processing Company
    • Zhonglu Industrial Liability Company Ltd

    Umuvugizi w'igipolisi cy'igihugu Boniface Rutikanga yavuze ko hari inganda bagiye basanga zikora ibyemewe ku mugaragaro ariko mu gikari zigakora ibyo zitasabiye uruhushya.

    Ministri w'ubuzima Dr Sabin Nsanzimana we yavuze ko icyemezo cyafashwe cyari gikenewe kuko inzoga zikorwa mu buryo butubahirije ibipimo by'ubuziranenge zikomeje kwangiza abiganjemo urubyiruko.

    Yavuze ko abagera kuri 50 bamaze gupfa mu mezi atadatu ashize nyuma yo kunywa izi nzoga na ho abasaga 500 bakaba barakiriwe kwa muganga kubera indwara zikomoka kuri izi nzoga.

    "Ntabwo ibuye ryaba ryagaragaye ngo twemere ko rikomeza kwica isuka…iki ni ikibazo gikomeye cyo mu rwego rw'ubuzima…tugiye kugira ikibazo gikomeye cyo kwita ku barwaye indwara zatewe n'izi nzoga".

    Iki cyemezo kandi cyakurikiye ikindi cyo guhagarika itumizwa ry'ikinyabutabire cya ethanol ndetse n'ababitumizaga bamenyeshwa ko impushya bari bafite ziteshejwe agaciro.

    Ministeri y'ubuzima ivuga ko imikoreshereze mibi y'iki kinyabutabire iteye impungenge ndetse hamwe na hamwe kigakoreshwa mu ruvange rugamije gukora inzoga.

    Ngo hari abatumizaga iki kinyabuttabire kubera impamvu zemewe z'ibyo bakora ariko Leta ikaba itashoboraga kumenya niba ari bo bonyine bakoresha iyi ethanol.

    Inganda zemewe zafunzwe ziratungwa agatoki ko zakoraga ibyemewe ariko ku rundi ruhande zigakora rwihishwa ibishobora kwangiza ubuzima.

    Ikigo cy'igihugu by'ubugenzacyaha-RIB kivuga ko ari abantu benshi bakurikiranywe kubera iki kibazo. Peter KARAKE ushinzwe kurwanya ibyaha by'iterabwoba n'ibyikoranabuhanga avuga ko RIB imaze gufunga abantu bagera kuri mirongo itanu(50) kandi ko hari n'abandi benshi bagishakishwa. "Hari abagiye bihisha inyuma y'iterambere ry'inganda bagakora ibitemewe. Hari abakoze ibinyobwa bishobora kwangiza ubuzima kugeza ku rupfu bashobora gushinjwa ubwicanyi butavuye ku bushake''

    Hashize igihe inzoga nk'izi zengwa mu gihugu zaba izengerwa mu nganda zemewe cyangwa se izengerwaga mu gisa n'ibanga mu baturage. Gusa impamvu y'umuvuduko w'ibyemezo biri gufatwa muri iki gihe ntiramenyekana. Uretse gusa kuba Ministeri y'ubutegetsi bw'igihugu ivuga ko urubyiruko rusaga 90% by'abafungiye mu bigo by'inzererezi baba barabaswe n'ibi binyobwa cyangwa ibindi biyobyabwenge.

    Ministeri y'ubutehgetsi bw'igihugu yavuze ko Leta idafite umugambi wo kubuza abantu kwenga inzoga gakondo zizwi nk'urwagwa n'ikigage.

    Gusa uwifuza kwenga izi nzoga ngo agomba kubanza kubigaragariza ubuyobozi bw'inzego z'ibanze kugira ngo harebwe.

    Ayandi makuru:

  8. Urwanda rwagiriza MONUSCO ko hari abo irungika mu Rwanda bigize aba FDLR kandi atari bo

    Reta y’Urwanda yagiriza ubutumwa bwa ONU muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo ko mu bantu buvuga ko busubiza mu Rwanda harimwo n’abasivire ata sano na rimwe bafitaniye n’imihari y’abarwanyi.

    Ni inyuma y’uko abantu 39 bari bajanywe mu Rwanda bitwa ko bahunguwe, biciye mu mugambi wa MONUSCO wo kwaka ibirwanisho, guhungura, gusubiza mu buzima busanzwe no gusubiza mu vyabo (DDRRR) abari mu mirwi yitwaje ibirwanisho basubijwe muri Congo, ku wa 29 Mukakaro (7).

    Itangazo ryasohowe na Komisiyo y'u Rwanda ijejwe gusubiza mu buzima busanzwe abahoze ari abarwanyi rivuga ko aba bantu basubijwe muri RD Congo rivuga riti:

    “Inyuma y’igikorwa c’igenzura ryimbitse cemeje ko abo bantu batujuje ibisabwa kugira bemererwe kwinjira mu mugambi w’Urwanda wo gusubiza mu buzima busanzwe abahoze ari abarwanyi, kandi inyuma yo kumenyesha abategetsi b’i Goma hamwe na MONUSCO, abo bantu basubijwe muri DRC”.

    Yishura kw’itangazo rya MONUSCO ryerekana ko abo bantu yari yarungitse mu Rwanda yari yabizeko neza kandi bakemezwa ko ari Abanyarwanda, Oliver Nduhungirehe, umushikiranganji w’Urwanda ajejwe imigenderanire, yanditse ku rubuga rwa X ko “kuva mu kwezi kwa Gitugutu [10] kw’umwaka uheze, abantu 81 MONUSCO yatahukanye ibita ko ari abahoze ari abarwanyi ba FDLR, mu nyuma bikaza kugaragara ko ari abasivire b’Abanyekongo bavutse ku bavyeyi b’Abanyekongo bose, amamuko yabo ataho ahuriye n’Urwanda, kandi batigeze na rimwe baba mu mirwi yitwaje ibirwanisho”.

    Agira ati: “Mu biganiro vyakozwe n’abo bantu, 69 muri bo bavuze ko bababazwa n'uko bemeye kwigira abahoze ari abarwanyi ba FDLR kubera imfashanyo Ikigo c’i Mutobo kijejwe gusubiza mu buzima busanzwe abahoze ari abarwanyi abahungutse”.

    Mu butumwa yarungikiye BBC, Umushikiranganji Nduhungirehe ntabona impamvu MONUSCO “batwoherereza abakongomani b'abasivire nkana, babita abarwanyi ba FDLR”.

    Asaba abajejwe igisata co kwaka ibirwanisho no gusubiza mu buzima busanzwe mu butumwa bwa MONUSCO borangwa n’ubunyamwuga, ubushishozi n’ubwitonzi.

    Abajijwe ivyerekeye abandi 42 basigaye basanze atari Abanyarwanda, umushikiranganji Nduhungirehe yishuye ati: "Ibindi bizatangarizwa igihe cyabyo".

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  9. Umwiyahuzi yiturikirijeko ikibombe cahitanye abantu 14 muri Pakistani

    Muri Pakistan, igitero c’ubwiyahuzi cahitanye abantu 14 hanze y’igituro c’igipolisi mu ntara ya Khyber-Pakhtunkhwa.

    Abategetsi bavuga ko ico gitero cabereye mu gisagara ca Kabal, kiri mu karere ka Swat Valley, aho amajana y’abanyagihugu bari bakoraniye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ukwiyongera kw’ibitero vy’imirwi y’abarwanyi muri ako karere.

    Abapolisi nibura batandatu bari mu bahitanywe n’ico gitero, abantu 18 bakaba bahakomerekeye.

    Umuhari w’abarwanyi uzwi nka Tehreek-e-Taliban Pakistan (TTP), uzwi kandi kw’izina ry’Abatalibani ba Pakistani, ni wo wemanze iki gitero.

    Muri iyi myaka ya vuba, imishamirano yariyongereye muri ako karere, aho abarwanyi biyitirira idini rya Isilamu ibangamiye inzego z’umutekano.

  10. Uganda yerekanye igishusho c'umuvukanyi w’umushikiranganji wa mbere wa Israel yaguye mu gitero c’ubutabazi i Entebbe

    Uganda yashize ahabona igishusho ya Yonatan Netanyahu, mwenewabo wa Benjamin Netanyahu, Umushikiranganji wa Mbere wa Israel, yishwe mu gikorwa co gutabara abantu bari bafashwe bugwati ku kibuga c’indege ca Entebbe muri Uganda, haraciye imyaka 50.

    Umukuru w’ibiro bikuru vy’igisirikare ca Uganda, Jenerali Muhoozi Kainerugaba, yavuze ko ico gishusho ari ico guha icubahiro ubutwari bwa Yonatan Netanyahu n’ukwitangira abandi.

    Netanyahu ni we musirikare wenyene wa Israel yapfiriye muri ico gikorwa co gutabara abantu barenga 100 bari bafashwe bugwati, inyuma y’aho Abanyapalestina babiri n’Abadagi babiri banyururije indege ya Air France yari ivuye i Tel Aviv bakayitegeka kuja ku kibuga mpuzamakungu c’indege ca Uganda.

    Kainerugaba yavuze ko ico gikorwa ari “kimwe mu bikorwa bihambaye cane mu gihe ca none”, yongera avuga ko ubucuti bwa hafi cane hagati ya Uganda na Israel muri iki gihe ari “urugendo rudasanzwe”.

    Iki gishusho ca Netanyahu kimwerekana afoye inkoho, kiri hanze y’inyubakwa ya kera y’ico kibuga c’indege aho ico gitero c’ubutabazi cabereye.

    Muri ico gitero, abantu batatu bari bagizwe imbohe, ari bo Jean-Jacques Mimouni, Pasco Cohen na Ida Borochovitch, na bo nyene barahasize ubuzima. Uwundi na we, Dora Bloch, yagiye kwicirwa mu bitaro i Kampala aho yariko aravurirwa.

    Abari banyuruje iyi ndege hamwe n’abandi batatu bifatanije na bo bageze muri Uganda na bo nyene barishwe, hamwe n’abasirikare ba Uganda nibura 45, mu ntambara yabahuje n’ingabo za Israel.

    Mu kwemera ko abo basirikare ba Uganda bapfuye, Kainerugaba yagize ati: “Barwanye n’ubutwari bwinshi bazi ko bariko barwanira ukuri. Gusa uno musi turazi ko ubutegetsi bwa Idi Amin bakorera bwari ubutegetsi bw’agahotoro kandi butaserukira abanyagihugu ba Uganda”.

    Iyo ndege yari igiye i Paris yari yahagurutse i Tel Aviv muri Israel ku wa 27 Ruheshi (6) 1976, maze ihagarara i Athens mu Bugiriki, aho abayinyuruje - bo mu muhari Popular Front for the Liberation of Palestine (PFLP) - buririye.

    Baciye bigarurira iyo ndege maze bayitegeka kuja muri Libya, aho yabanje kunywera igitoro. Inyuma y’aho, iyo ndege yo mu bwoko bwa Airbus A300 yafashe urugendo rwayishikanye muri Uganda, aho Perezida Idi Amin yayakiriye igeze ku kibuga c’indege.

    Abari banyuruje iyi ndege basaba imiriyoni 5 z’amadolari y’Abanyamerika hamwe n’ukurekurwa kw’abanywanyi b’uno muhari 53 bari bapfungiwe muri Israel, mu Bufaransa, mu Budagi, mu Busuwisi no muri Kenya, kugira barekure izo ngenzi bari bafashe bugwati. Bamwe muri zo bararekuwe ku wa 30 Ruheshi no ku wa 1 Mukakaro (7), ariko Abanya-Israel hamwe n’Abayahudi ntibarekuwe.

    Ku wa 3 Mukakaro, abacommando badasanzwe ba Israel bavuye muri Israel baca muri Kenya hanyuma bashika i Entebbe maze batangura ico gitero co gutabara, camaze iminota itarenga 90.

    Ico gikorwa carahimbajwe cane muri Israel, ariko cabaye akamaramaza gakomeye kuri Idi Amin.

    Haraciye imyaka cumi, Umushikiranganji wa Mbere wa Israel Benjamin Netanyahu agendeye Entebbe, aho yavuze ati: “Narigiye kuri mwenewacu ko kugira utsinde abakora iterabwoba bisaba ibintu bibiri: ugusobanukirwa n’ubutwari”.

    Kainerugaba yavuze ko ivyabaye ico gihe, haraciye imyaka 50, ari “igice kibabaje kuri kahise kacu”, ariko ko imigenderanire hagati ya Uganda na Israel ubu yahindutse “ubucuti bwubakiye ku kwizigiranira, ukwubahana no gufashanya”.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  11. Trump avuga ko ibiganiro bishasha na Irani bitangura kuri uno wa mbere, inyuma yo guhagarika ibitero yategura

    Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko ibiganiro bishasha na Irani bitangura kuri uno wa mbere, inyuma y’aho ahagarikiye ivyo yavuze ko vyari kuba ibitero rurangiza kuri ico gihugu.

    Igihe yariko yurira indege irerura umukuru w’igihugu, Air Force One, ejo ku wa Mungu, yabwiye abanyamakuru ati: “Bari bamenye uburemere bw’ico gitero kuko biboneye ukungene cariko kirategurwa. Turiko turavugana na bo biciye mu nzira y’ibiganiro. Bizotangura ejo ku muhingamo”.

    Trump yavuze ko ivyo bitero vyagomba bikorwe vyari kuba “igitero ca mbere gikomeye kuruta ibindi vyose bimaze kuba kuva ku Ntambara ya Kabiri y’Isi Yose”, kandi ko vyari gushobora gusubiza inyuma umugambi w’amahoro.

    Mu butumwa yacishije ku rubuga Truth Social, Trump yavuze ko Irani n’incuti za Amerika mu Buseruko bwo Hagati bamusavye kubangira kuri iki gitero, kuko impande zose zari zamaze kwumvikana ku ngingo shimikiro z’amasezerano.

    Irani ntiragira ico ishikiriza ku majambo ya Trump. Trump akunze kuvuga ko intambara iriga irangire biciye mu biganiro, ariko mu nyuma impande zompi zigasubira guterana ibisasu.

    Trump ntatanga igihe ntarengwa c’amasezerano na Irani, akagira ati: “Tuzoraba uko ibintu bizogenda. Twiteguye gukora ico ari co cose aho dushakiye... Sindiko ndondera kwica abantu”.

    Trump yavuze kandi ko Umuganwa Mohammed Bin Salman wa Arabia Sawudite, hamwe n’incuti za Amerika nka Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu (UAE) na Qatar, bamutakambiye ko atokora ivyo bitero.

    Ati: “Twari twamaze kwitegura. Igituma babinsavye ni uko bibaza ko hari amasezerano ari hafi kuboneka. Hari amasezerano ku bijanye n’Umuhora wa Hormuz, kandi hari n’ayajanye n’umugambi wa nikleyeri”.

    Nayo mu butumwa yacishije ku rubuga rwiwe, yanditse ati: “Amerika yari yiteguye rwose kandi ifise ubushobozi bwose bwo gufata ingingo zikomeye za gisirikare ku Republika ya Kisilamu ya Irani, ku rugero ruteye ubwoba kandi rutigeze ruboneka kuva ku Ntambara ya Kabiri y’Isi Yose”.

    Yongeyeko ko guhagarika vyabaye ngombwa guhagarika ico gitero ku “nyungu z’isi yose no kugira ngo Irani ibandanye kubaho, itere imbere kandi iroranirwe”.

    Itororokanirizo ry’amakuru Mehr ryo muri Irani kivuga ko Tehran itigeze isaba Amerika guhagarika ibindi bitero, kivuga ko ivyo Trump yavuze ata kindi atari “ikinyoma kindi”.

    Umushikiranganji mfatakibanza wa Irani ajejwe kwivuna abansi, Majid Ibn al-Reza, yari yavuze ko Tehran ifata nka nkama amajambo ayo ari yo yose y’iterabwoba avuzwe n’abakeba, naho yoba ari amajambo gusa.

    Yongeye ati: “Ntituzokwigera duterwa tutiteguye kandi ntituzokwigera turera amaboko”.

    Gusa ejo ku wa Mungu, umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Abbas Araghchi, yavuze ko ibiganiro biriko bibera muri Oman ku bijanye n’Umuhora wa Hormuz “biriko biragenda neza kandi biri hafi kurangira”.

    Trump ntiyavuze aho ibi biganiro biza kubera canke abashobora kuvyitaba.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  12. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.