Mwakoze kubana natwe uyu munsi muri iyi gahunda y'amakuru yo mu buryo bw'aka kanya. Ni ah'ejo.
Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Trump avuga ko hari ibiganiro biriko biraba ku ntambara ya Iran muri iki gihe c’agahengwe, ariko Irani irabihakana
Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko afise icizere ko iyo ntambara ishobora kurangira, ariko Irani yo ihakana ko ata biganiro vy’imbonankubone biriko biraba
Incamake
- Johnson & Johnson yemeye gutanga miriyaridi $5.5 kugira irangize imanza zerekeye pudere y'abana
- Zidane yemejwe nk'umutoza w'Ubufaransa
- Zelensky yitezwe kubaza cane Trump ku bwirinzi bwo mu kirere mu rugendo arimwo i Washington
- Amerika yivumbuye isohoka mu nama y'akanama k'umutekano ka ONU ubwo Ubufaransa bwavugaga ijambo
- Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwer za Amerika avuga ko afise icizere ko iyo ntambara ishobora kurangira, ariko Irani yo ihakana ko ata biganiro vy'imbonankubone biriko biraba.
- Nibura abasirikare 624 ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika baramaze gukomereka kuva Perezida Donald Trump atanguje ibitero kuri Iran muri Ruhuhuma (2) uno mwaka, nk'uko biri mu cegeranyo ca vuba c'Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika (Pentagon).
- Abategetsi b'Uburusiya na Ukraine batangaza ko mw'ijoro ryakeye baraye bararekuriranirako amadrone mu bitero vy'ubudasiba, Perezida Volodymyr Zelensky na we akaba yashitse muri Amerika kubonana na Trump.
- Irani yagiriza Ukraine ko yarashe ubwato bwayo bw'ibidandazwa, Ukraine nayo ikavuga ko bwari butwaye ibikoreshwa mu guhingura amadrone n'ibisasu vya misire vyari bigiye mu Burusiya.
- Ishami rya ONU rijejwe kurwanya umugera wa SIDA (UNAIDS) rivuga ko isi ishobora kwinjira mu kaga k'ubwandu bw'uno mugera inyuma y'uko amafaranga akoreshwa mu kurwanya ikwirakwira ryawo kw'isi yose agabanutseko hafi ica gatanu mu mwaka uheze.
Amakuru y'ikibiriraho
Bernard Bankukira, Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu
Johnson & Johnson yemeye gutanga miriyaridi $5.5 kugira irangize imanza zerekeye pudere y'abana
Sosiyete Johnson & Johnson (J&J) yemeye gutanga amafaranga ashika kuri miriyaridi 5,5 z'amadolari y'Amerika kugira irangize ibihumbi mirongo vy'imanza yitwariwemwo, aho abitwaye bavuga ko pudere (poudre, mu rurimi rw’Igifaransa) yayo hamwe n'ibindi bicuruzwa bikorwa mu butare bwa ‘talc’ bitera cancer y’agasaho k’intanga.
Iyi ngingo yo kwumvikana ku ndishi iriko irategurwa igamije guheraheza burundu urugamba rwo mu butungane rumaze imyaka myinshi ruremereye iyo sosiyete y’igihangange ikorera mu gisata c'amagara y'abantu, ikagira icicaro muri reta ya New Jersey muri Amerika.
J&J irahakana ibivugwa ko ibicuruzwa vyayo birimwo 'talc' bitera 'cancer'. Ivuga kandi ko yamaze no guhindura uburyo pudere yayo y’abana, ikoreshwa henshi ku isi, ikorwa.
Ku wa mbere, Erik Haas, icegera c'umukuru w’igisata kijejwe ivy’imanza zerekeye iyo sosiyete, ku wa mbere yavuze ko ivyo birego bidafise ishingiro, ariko ko J&J yemeye kwumvikana ku ndishi kugira ngo ikure mu nzira burundu iyo ngorane.
J&J ivuga ko ayo masezerano azokora ku madosiye yababa 76.000, akaba ari yo menshi yari asigaye mu manza zerekeye ibicuruzwa vyayo bivugwa ko birimwo 'talc'. Iyo sosiyete imenyesha ko izotanga gushika kuri miriyaridi 3 z'amadolari mu mwaka uza, kandi ko ata yandi mafaranga izosabwa gutanga imbere y'umwaka wa 2028.
J&J ishimangira ko iyo nteguro y'amasezerano, imbere y’uko ija mu ngiro, itegerezwa kubanza kwemezwa n’amashirahamwe y’abashingwamanza baserukira ibice 95 kw’ijana (95%) vy’imanza zerekeye 'cancer' y’agasaho k’intanga ngore ziri mu masentare atandukanye.
Izindi nkuru wosoma:
Zidane yemejwe nk'umutoza w'Ubufaransa
Zinedine Zidane wahoze atoza ikipe ya Real Madrid yemejwe nk’umutoza w’ikipe y’igihugu y’Ubufaransa.
Didier Deschamps, wa mbere watoje Ubufaransa igihe kirekire kugeza ubu, yasoje imyaka 14 yari amaze abutoza, nyuma yuko busezerewe na Espagne mu mukino wa kimwe cya kabiri w’igikombe cy’isi cyo muri uyu mwaka wa 2026.
Zidane, wakinaga mu ikipe y’Ubufaransa yatsindiye igikombe cy’isi cyo mu mwaka wa 1998, ntiyari bwongere gutoza kuva avuye muri Real Madrid bwa kabiri nk’umutoza wayo, hari mu mwaka wa 2021.
Uyu mugabo w’imyaka 54, ufatwa na benshi nk’umukinnyi wa mbere w’igihangange Ubufaransa bwigeze bugira, azashyira umukono kuri kontaro izatuma abutoza no mu majonjora y’igikombe cy’isi cyo mu 2030.
Ubwo yavugaga ku kugirwa umutoza kwe, yavuze ko atewe “ishema ryinshi cyane” no gutoza ikipe y’igihugu y’Ubufaransa, yarangije iri ku mwanya wa kane mu gikombe cy’isi giherutse kuba.
Yongeyeho ati: “Nakunze kubivuga: nta kintu na kimwe gifite agaciro cyane kurusha ikipe y’igihugu y’Ubufaransa. Rero ni umunezero kandi birumvikana ni ishema ryinshi cyane kuba mbaye umutoza w’iyi kipe y’igihugu y’Ubufaransa.”
Izindi nkuru wasoma:
Zelensky yitezwe kubaza cane Trump ku bwirinzi bwo mu kirere mu rugendo arimwo i Washington
Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, ategekanya kugirana ibiganiro bihambaye na Perezida wa Amerika Donald Trump, kuri White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Amerika), aho yizeye ko Amerika ija kwiyemeza kurushiriza gufasha igihugu ciwe mu bijanye no kwikingira ibitero vya misire zo mu bwoko bwa ‘balistique’.
Zelensky yashitse muri Amerika mu gihe intambara y'Uburusiya muri Ukraine igeze ku rugero rukomeye. Mw’ijoro ryakeye, umukuru w'igisagara ca Moscou yavuze ko uwo murwa mukuru w'Uburusiya wagabweko ibitero hakoreshejwe ama ‘drones’ 390 mu kiringo c’amasaha makeya gusa.
Bitegekanijwe ko Zelensky asaba Trump gushira mu ngiro umuhango yahaye Ukraine mu ntango z'uku kwezi, wo kuyiha uruhusha rwo gukora misire zikoreshwa mu kwikingira ibitero vyo mu kirere zo mu bwoko bwa ‘Patriot’.
Mu minsi iheze, Uburusiya bwarongereje ibitero vyagiye bihitana abantu, bukoresheje misire zo mu bwoko bwa ‘balistique’. Ivyo bitero vyatumberejwe ahanini ku murwa mukuru wa Ukraine, Kyiv. Zelensky yavuze ko misire zo kwikingira ibitero zikenewe cane.
Hari haciye igihe kirekire misire zo mu bwoko bwa 'Patriot' ziri ku rutonde rw'ibikoresho Zelensky yama asaba kuronswa. Ariko kubera intambara zo muri Ukraine no mu Buseruko bwo Hagati, izo misire z'Amerika zifasha mu gukingira ikirere zabaye nke cane.
Izindi nkuru wosoma:
Amerika yivumbuye isohoka mu nama y'akanama k'umutekano ka ONU ubwo Ubufaransa bwavugaga ijambo
Intumwa z’Amerika zasohotse mu nama y’akanama k’umutekano ka ONU yabaye ku wa mbere, mu kwamagana amagambo yavuzwe n’Ubufaransa bugereranya itora ry’Amerika ku burenganzira bwa muntu n’itora ry’ibihugu bitegetswe n’igitugu.
Ubwo bushyamirane bwo muri dipolomasi bwatangiye mu cyumweru gishize, ubwo Amerika yifatanyaga na Koreya ya Ruguru n’Uburusiya mu gutora byanga manda ya Volker Turk nka komiseri mukuru wa ONU ushinzwe uburenganzira bwa muntu.
Nyuma y’iryo tora ryo ku wa gatanu, ibiro by’uhagarariye Ubufaransa muri ONU byanenze Amerika ndetse biyigereranya na Koreya ya Ruguru n’Uburusiya.
Ibyo biro byatangaje ubutumwa ku rubuga nkoranyambaga rwa X biti: “Amerika yahoze ari igicumbi cy’uburenganzira bwa muntu. Si ko bikimeze.”
Mu gusubiza, ambasaderi w’Amerika muri ONU Mike Waltz yashinje Ubufaransa gutora umukuru w’uburenganzira bwa muntu umaze igihe “acyaha” ibihugu bigendera kuri demokarasi mu gihe “ameranye neza n’abakandamizi ba mbere babi cyane ku isi”, ariko ntiyasobanuye icyo yashakaga kuvuga.
Turk yanenze intambara y’Uburusiya muri Ukraine ndetse n’imyitwarire y’ingabo za Israel muri Gaza.
Uko gusohoka mu nama kw’itsinda ry’Amerika kwabaye mu gihe ambasaderi w’Ubufaransa muri ONU Jérôme Bonnafont yari arimo kuvuga ijambo mu nama yihutirwa y’akanama k’umutekano ka ONU yigaga ku ntambara y’Uburusiya muri Ukraine.
Ambasaderi w’Amerika Dan Negrea, umwe mu bahagarariye Amerika muri ONU, yavuze ko intumwa z’Amerika zizakomeza kwigaragambya muri ubwo buryo kugeza igihe Ubufaransa “buretse imvugo yabwo y’ubwishongozi n’agasuzuguro”.
Uko guhangana gushingiye kuri manda ya kabiri ya Turk – yemejwe ishyigikiwe n’ibihugu 144, naho 10 byarayanze mu gihe 13 byahisemo kwifata – kugaragaza ubushyamirane hagati ya Washington na ONU.
Ubutegetsi bwa Trump bwagabanyije inkunga bugenera amashami ya ONU ndetse bwikura mu bigo bibarirwa muri za mirongo bya ONU.
Izindi nkuru wasoma:
Umugera wa SIDA ushobora gusubira kurandagata, ni UNAIDS igabisha
Ishami rya ONU rijejwe kurwanya umugera wa SIDA (UNAIDS) rivuga ko isi ishobora kwinjira mu kaga k’ubwandu bw’uno mugera inyuma y'uko amafaranga akoreshwa mu kurwanya ikwirakwira ryawo kw'isi yose agabanutseko hafi ica gatanu mu mwaka uheze.
Mu cegeranyo casohowe ejo ku wa mbere ku musi wo kwugurura inama mpuzamakungu yerekeye SIDA muri muri Brezili, UNAIDS yavuze ko ayo mahera yagabanutse gushika ku miriyaridi zirenga indwi z’amadolari y’Abanyamerika, akaba ari yo mafaranga ari hasi cane agenewe uwo mugambi mu myaka hafi 20 iheze.
Imbere y'uko Donald Trump agaruka ku butegetsi muri Nzero (1) 2025, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zatanga ibice 75% vy'amafaranga atangwa n'ibihugu afasha mu migambi yo kurwanya umugera wa SIDA. Muri uko kwezi nyene, Trump yategetse ko imfashanyo zose zijanye n’umugera wa SIDA zihagarikwa vy'igihe gito, imbere y’uko ibikorwa bihambaye vyo kurokora ubuzima bisubira gutangura haciye iminsi mike, naho imigambi myinshi yo kuzibira ikwirakwira ryawo yagabanutse cane.
Muri ico cegeranyo c’impapuro 60, UNAIDS igira iti: "Amakungu yinjiye mu bihe birangwamwo ihungabana rikomeye rya politike n'ubutunzi, ibi bishira mu kaga intambwe itoroshe yari imaze gushikwako mu myaka itari mike mu kurwanya uno mugera.
Kigira kiti: “Hatabaye inshingano nshasha, isi ishobora gusubira mu kaga ko kubona uno mugera usubira kurandaranda”.
UNAIDS ivuga ko igabanuka ry’aya mafaranga rishobora gusubiza inyuma intambwe zari zatumye abandura umugera wa SIDA hamwe n'abahitanwa nayo bagabanuka gushika ku rugero rutigeze ruboneka mu myaka irenga 30.
Abantu bababa imiriyoni 1,2 baranduye uno mugera mu mwaka uheze, ibitigiri vy’abantu bashasha banduye bikaba vyongerekanye mu turere dutatu no mu gihugu 21, nk’uko bivugwa na UNAIDS. Iri shami rya ONU rivuga kandi ko abantu bababa imiriyoni icenda mu miriyoni 41 z’abagendana uno mugera batigeze baronswa imiti, kandi ko abashika ku 570.000 bapfuye bahitanywe n’indwara zifitaniye isano na SIDA mu 2025.
UNAIDS ibona ko intumbero isi yihaye yo kurangiza SIDA bitarenze umwaka wa 2030 ikiri kure, ikavuga ko igabanuka ry'imfashanyo, hamwe n'ibindi vyaduka nka Ebola, bibangamiye utwigoro two kurwanya uwo mugera.
Ayandi makuru kuri SIDA:
Irani iragabisha Ukraine, iyagiriza ko yarashe ubwato bwayo, harakurikira iki?
Irani yagiriza Ukraine ko yarashe ubwato bwayo bw’ibidandazwa bwariko buca mu Kiyaga ca Caspienne (mer Caspienne/ Caspian Sea).
Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire avuga ko umuntu umwe yishwe, uwundi arakomereka.
Abategetsi ba Irani bavuga ko iki gitero ari agasotoro kandi ko bategerezwa gukingira inyungu z’igihugu hamwe n’umutekano waco. Ibinyamakuru vya reta ya Irani bitangaza ko uwuserukira Ukraine i Tehran yatumweko n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Irani.
Itororokanirizo ry’amakuru IRNA ryanditse ko muri uwo mubonano, Irani yashimitse iti: “Repubulika ya Kisilamu ya Irani izokingira ata guhigimanga umutekano wayo n’inyungu zayo, kandi ibitero bigabwa ku buzima no ku matungo y’abanyagihugu bayo ntibizokwijana”.
Ku ruhande rwayo, Ukraine ivuga ko itera amayira akoreshwa mu kwunguruza ibikoresho vya gisirikare vy’Uburusiya bifitaniye isano na Iran.
Uwuserukira Ukraine muri Israel, Yevhen Korniychuk, yavuze ko ubwato bwatewe na Ukraine mu Kiyaga ca Caspienne bwari butwaye ibikoreshwa mu guhingura za ndege zitajamwo abadereva (drone) hamwe n’ibisasu vya misire, vyari bigiye mu Burusiya.
Yavuze kandi ko atari ubwa mbere Ukraine itera amato ya gisirikare afitaniye isano na Irani. Yavuze ko "Israel na Ukraine bihanganye n’umwansi umwe".
Ku ruhande rwiwe, Perezida Zelensky avuga ko Moscou iha Iran amakuru atangwa n’ibigendajuru kugira afashe Iran gutunganya ibitero ku bibanza vya Amerika mu Buseruko bwo Hagati.
Ayandi makuru ushobora gusoma:
Zelensky yashitse muri Amerika mu gihe ata gahengwe mu ntambara y'amadrone hagati y'Uburusiya na Ukraine
Abategetsi b’Uburusiya bavuga ko mw’ijoro ryakeye Ukraine yarekuriye ku ntara ya Moscou indege zitajamwo abadereva (drone) zishika amajana ane.
Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Uburusiya butangaza ko hagati y’isaha zibiri z’ijoro n’isaha zibiri z’aka gatondo, ingabo zirwanira mu kirere “zatangiriye zigasamburira mu kirere” ama-drone ya Ukraine 356, hejuru y’intara 13, harimwo Moscou, Crimée/Crimea n’Ikiyaga ca Azov.
Imbere y’aho, umukuru w’igisagara ca Moscou Sergei Sobyanin yari yatangaje ko ama-drone 390 yariko yerekeza muri Moscou.
Buramatari w’iyi ntara Andrey Vorobyov avuga ko inyubakwa y’uburaro yarashwe, ariko ntavuga nimba hari abapfuye canke bakomeretse.
Amashusho atashoboye kugenzurwa yerekana umwotsi uduga uva mu ruganda ruri hafi y’umugwa mukuru.
Kuva mu mezi make aheze, Ukraine yarongereje akariro mu bitero vyayo hagati mu Burusiya, harimwo ku bigo ntanganguvu n'ibigo vy'ugutunganya no gukwiragiza ibidandazwa.
Ku rundi ruhande, igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere gitangaza ko ingabo z’Uburusiya zateye ico gihugu zikoresjeje amadrone 131, aho gushika isaha zibiri za kano gatondo mu masaha ya Kyiv, 107 muri yo yari amaze gusamburirwa mu kirere.
Hagati aho, Perezida Volodymyr Zelensky yashitse muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, akaba yiteze kubonana na Perezida Donald Trump, abafasha biwe “hamwe n’abo bose bashobora gushigikira urugamba rwacu rwo kwivuna umwansi”, nk’uko abivuga.
Ati: “Ikintu dushira imbere kuruta ibindi ni uburyo bwo kwivuna ibitero vya misire hamwe n’ugukomeza ugufashanya mu vya gisirikare na Amerika. Isi ikeneye kurushiriza kuja hamwe”.
Iruhande y’umubonano wiwe na Perezida Trump, Zelensky yiteze kwitaba ibirori vyo gushingura umukenguzamateka Lindsey Graham, yari asanzwe ashigikira bikomeye Ukraine mbere akaba yarateguye integuro y’itegeko ryo kwongereza ibihano ku Burusiya.
Zelensky yaheruka kubonana na Trump ku wa 8 Mukakaro, mu nama ya OTAN (NATO) yabereye i Ankara muri Turukiya, aho, inyuma y’uwo mubonano, Trump yari yavuze ko azohamagara Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya, ariko bikarangira atamuhamagaye.
Mu minsi iheze, Trump yagaragaje ugushaka mu gushigikira Ukraine, mu kwemera umugambi wo kuyiha uruhusha rwo guhingura ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa Patriot zikoreshwa mu gutangira ibisasu vya misire, kandi akaba yavuze ko yiteguriye gusinya integuro y’itegeko ryateguwe na Lindsey Graham ryo gukomeza ibihano ku Burusiya, nk’uko Reuters ibivuga.
Ayandi makuru kuri iyi ntambara y'Uburusiya na Ukraine:
Ingabo za Amerika zirenga 600 ziramaze gukomereka kuva intambara na Iran itanguye mu kwa kabiri
Nibura abasirikare 624 ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika baramaze gukomereka kuva Perezida Donald Trump atanguje ibitero kuri Iran muri Ruhuhuma (2) uno mwaka, nk'uko biri mu cegeranyo ca vuba c'Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika (Pentagon) casohotse ku wa gatandatu windwi iheze, hari ku wa 25 z’uku kw’indwi.
Muri abo bakomeretse, harimwo 417 bakomerekeye mu bikorwa vya gisirikare vyiswe Operation Epic Fury, izina ryahawe intambara ya Amerika kuri Irani, mu gihe 207 bakomerekeye mu co bita ibikorwa vya gisirikare bibera hanze y'igihugu, ikizwi nka Overseas Operations.
Mu ndwi iheze, Pentagon yahinduye ibiharuro vy’abapfuye n’abakomeretse muri iyi ntambara, aho abasirikare bane bahora baharurwa ko bapfiriye muri Operation Epic Fury bakuwe kuri urwo rutonde, bashirwa ku rw’abapfiriye muri ivyo bindi bikorwa vya gisirikare bibera hanze. Ivyo vyatumye igitigiri c’abapfuye muri iyo ntambara na Irani kigabanuka kiva kuri 18 kikaja kuri 14.
Bamwe mu banegura ubutegetsi bwa Trump bavuga ko guhindagura ibi biharuro ata nsiguro itanzwe bituma haba igipfungu muri iyi ntambara.
Lt. Gen. Ben Hodges, yigeze kurongora ingabo za Amerika ku mugabane wa Buraya igihe Trump yaja ku butegetsi ubwa mbere, agira ati: "Ubu butegetsi busa n'ubutorohewe na gato ku bijanye no kutubwiza ukuri ku biriko biraba, atari gusa ku bijanye n'abahitanwa n'intambara, ariko no ku ntambara yose muri rusangi".
Hagati aho, Pentagon yo ivuga ko ivyo vyatewe gusa n’akagorane k’igihe gito mu kwegeranya ibiharuro kandi ko ziriko zirakosorwa.
Mu butumwa yacishije ku rubuga nyagiro rwiwe Truth Social ku wa 21 z’uku kw’indwi, Trump yavuze ko "Intambara na Irani" yari imaze guhitana abantu 18.
Nk'uko ikinyamakuru Associated Press cabitangaje, icitwa “Overseas Operations”, ni ukuvuga vyabikorwa vya gisirikare bibera hanze, caboneste ubwa mbere ku rubuga ngurukanabumenyi rwa Pentagon ku wa Mungu, kikaba giharura abahitanywe n’inambara kuva ku wa 7 Mukakaro 2026.
Carimwo amazina y'abasirikare bane baherutse gupfa congera cerekana abandi 207 bakomeretse. Ariko ntibisobanutse nimba abo 207 bose bakomeretse biturutse ku ntambara na Iran.
Iryo hindurwa ry’amazina riboneka ko ryakozwe kubera abasirikare bane b’Abanyamerika bapfuye mu kw’indwi, inyuma y’uko amasezerano y’agateganyo hagati ya Amerika na Iran atanguye gusenyuka, kandi inyuma y’uko Perezida Trump atangaje ko agahengwe k’intambara kari karangiye.
Abasirikare batatu ba Amerika bapfuye inyuma y'ibitero vya misire vya Iran ku kigo ca gisirikare kiri muri yorodaniya ku wa 17 z’uku kw’indwi, mu gihe uwundi yapfiriye muri Irak igihe hariko harasamburwa mu buryo bugenzuwe drone ya Iran.
Kuva hagati muri Mukakaro, Amerika yamaze imisi 13 ikurikirana igaba ibitero ku bikorwa remezo vya gisirikare vya Iran, mu gihe na Iran na yo yaca yihorera ku bigo vya Amerika biri mu bihugu bibanyi.
Ariko kuva ku wa gatanu, impande zompi zarahagaritse ibitero.
Trump avuga ko hari ibiganiro biriko biraba ku ntambara ya Iran muri iki gihe c’agahengwe, ariko Irani irabihakana
Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko "hari ibiganiro vya kivandimwe biriko biraba" ku bijanye n’intambara na Iran, inyuma y’uko impande zihanganye zimaze imisi itatu ikurikirana zitarasana.
Afise icizere ko iyo ntambara ishobora kurangira, aho ejo ku wa mbere yabwiye abanyamakuru igihe yurira indege y’umukuru w’igihugu ati: "Niyumvira ko hari amahirwe meza ko hashobora kuba ikintu ciza".
Ariko kandi, agabisha ko Washington (ubutegetsi bwa Amerika) ishobora “gususubira gukora ivyo twariko turakora" imbere y’aka gahengwe, ari nka hamwe ibiganiro ataco vyoshikako.
Tehran yo ihakana ko ata biganiro vy’imbonankubone biriko biraba.
Ku wa gatanu, Trump yavuze ko yafashe ingingo yo guhagarika ibitero vya Amerika kuri Iran kubera ko ibihugu bihuza impande zompi vyamusavye guha akandi akaryo ibiganiro.
Iran na yo nyene yarahagaritse ibitero vyayo.
Ibi bitero vyahagaze inyuma y’indwi hafi zibiri ari ibitero vya misi yose vya Amerika hamwe n’ivya Irani vyo kwishura, ivyari vyatumye amasezerano y’agahengwe yashitsweko muri Ruheshi (6) asambuka.
Trump arahakana amakuru yari yatanzwe n’ibinyamakuru vyavuga ko inyuma y’amezi atanu y’intambara, Amerika yariko irahererwa n’amasasu.
Yavuze ati: "Dufise amasasu menshi. Dufise n’ibindi bikoresho vya gisirikare bsumba kure ivyo twokenera gukoresha naho hoba ikintu ico ari co cose. Dufise vyinshi cane. Gusa ndifuza no kuronka n’ibindi vyinshi".
Hagati aho, umuvugizi w’ibiro Vy’umukuru w’igihugu (Maison Blanche/White House), Anna Kelly, yavuze ko igisirikare ca Amerika "gifise amasasu, ibikoresho vya gisirikare n’ububiko bihagije cane kugira bishitse ku migambi yose ya Perezida Trump no kurenza, kandi iki gikorwa Operation Epic Fury carerekanye icoshikira uwo ari we wese yokwiteranya na Amerika”.
Amerika na Israel vyatanguye ibitero kuri Iran ku wa 28 Ruhuhuma (2) uno mwaka. Tehran (ubutegetsi bwa Irani) yaciye yihora mu kurasa ibisasu vya misire yongera igomorera za ndege zitajamwo abadereva ku bigo vya gisirikare vya Amerika no ku yandi matungo yayo biri mu bihugu vy’akarere k’Ikigobe c’Abarabu, hamwe kandi ko kuri Israel.
Mu kwa gatandatu, Iran na Amerika vyarateye igikumu ku masezerano y’umwumvikano mu ntumbero yo guhagarika ibitero, hanyuma Umuhora wa Hormuz ukwugururwa, kandi bikaba vyari bitegekanijwe ko bari gushika ku masezerano yoguhagarika intambara mu kiringo c’imisi 60 yakurikira.
Ariko inyuma y’aho ingabo za Iran zigabiye ibitero ku mato atwara igitoro muri uwo muhora ku wa 13 Mukakaro (7), Washington yaciye isubira gutangura ibitero vyo mu kirere kuri Iran kandi yongera izibira ingendo ziva canke zija ku bivuko vy’ico gihugu.
Tehran yaciye yihora mu kugaba ibitero ku birindiro n’ibigo vya gisirikare vya Amerika hirya no hino mu Buseruko bwo Hagati, vyahitanye abasirikare bane ba Amerika.
Nk’uko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwa Iran bubivuga, ibitero vya Amerika vyahitanye abantu benshi kuva ico gihe.
Ayandi makuru hano:
Mwaramutse neza!
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.