Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abantu barenga 300.000 bahunze imiriro y'ivyaduka mu Bufaransa no muri Espagne
- Umwanditsi, Dearbail Jordan
- Umwanditsi, Sofia Ferreira Santos
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 4
Abajejwe kuzimya imiriro ntiborohewe mu rugamba rwo kurwanya imiriro y'ivyaduka iriko iranzaganya mu bumanuko bushira uburengero bw'Ubufaransa, mu gihe imiyaga ikomeye iriko isunikira imbeya mu gisagara ca Bordeaux. Umwe mu bategetsi yavuze ko intambwe ikiri ndende kugira ngo uno muriro uhagarikwe.
Abantu barenga 300.000 mu Bufaransa no muri Espagne bamaze guhunga iyi miriro imaze iminsi itema itongora, mu gihe ubushuhe bwinshi n'imiyaga ikaze bibangamiye utwigoro two kuyizimya.
Muri Espagne, aho reta yatangaje ibihe bidasanzwe, ihinduka ry'ikirere ry'akanya gato ryarafashije abajejwe kuzimya umuriro gushobora kuwuhagarika hanze y'umugwa mukuru Madrid.
Umushikiranganji wa mbere wa Espagne, Pedro Sánchez, yavuze ko "ibihe biri imbere bigoye." Hagati aho, abategetsi bo mu karere ka Valencia bemeje urupfu rw'umugabo yapfiriye mu muriro.
Uwo mugabo, yikekwa ko yari mu myaka iharurwa muri 70, yatowe n'abajejwe kuzimya imiriro aho yapfiriye mu modoka yiwe mu gihe bariko bazimya umuriro mu kabande k'ahitwa Salt de l'Aigua i Manises, nk'uko vyatangajwe n'ibinyamakuru vyo mu karere.
Mu Bufaransa, abandi bantu 55.000 bategetswe kwimuka ku mugoroba w'ejo ku wa gatandatu, bituma igitigiri c'abamaze guhunga mu turere twa Gironde na Landes mu bumanuko bushira uburengero bw'igihugu gishika hafi ku 250.000.
Ubufaransa bwahamagaje igisirikare cabwo kugira gifashe mu bikorwa vyo kuzimya.
Perezida Emmanuel Macron yavuze ko Ubufaransa "buzosubira kwiyubaka" kandi ko reta yiwe "izobandanya gufasha igihe cose bizoba bikenewe".
Ku wa gatandatu, umuyaga watumye umwotsi w'umuriro werekeza mu gisagara ca Bordeaux, aho abahaba bavuga ko hari umwuka mubi ukase w'umwotsi.
Umukerarugendo umwe yahunze n'umuryango wiwe kubera umuriro wariko urabasugereza hafi ya Bordeaux yavuze ko uwo muriro wari uteye ubwoba.
Spencer Randall yabwiye BBC ko umuryango wiwe wimutse mu gatondo ka kare ko ku wa gatandatu baja ahantu nko ku birometero 160 mu buseruko, ariko ko bari bacumva umwotsi w'uwo muriro.
Yagize ati: "Hari imiyaga ikomeye cane kandi iriko ituma umuriro urushiriza kurandagata. Ni ibintu biteye ubwoba rwose".
Umugabo n'umugore b'Abongereza bari mu karuhuko i Bordeaux bavuze ko babonye imbeya zibandanya ziyongera ku mugoroba wo ku wa gatanu uko umuriro wagenda ubegera.
Aho bari baruhukiye, Maisie yabwiye BBC Newsbeat ati: "Hafi isaha imwe z'umugoroba, ni ho twatangura kunukirwa n'umwotsi. Twibaza ko hari umuntu yariko arotsa inyama".
Hafi y'aho, i Saint-Aubin-de-Médoc, abanyagihugu bariko bahunga bavuga ko ibiriko biraba "bitesha umutwe", umwe muri bo akavyita "akaga gakomeye".
Perezida Macron yiteze gutumako abashikiranganji mu nama yihuta, mu gihe imiriro ishika 30 iriko irarandagata hirya no hino mu gihugu, ikintu reta ivuga ko kitari bwigere kibaho.
Muri Espagne, imiriro yabandanije kwaka hafi ya Madrid.
Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu, Fernando Grande-Marlaska, yabwiye abanyamakuru ati: "Uyu musi dufise icizere gike kurusha ejo. Ikirere ntaco kiriko kiradufasha na gato."
Kuva iyi miriro yaduka muri Espagne, abantu hafi 60.000 bari bamaze kwimurwa mu ntara za Madrid na Ávila, mu gihe abarenga 28.000 bari bakizibiriwe mu ngo zabo, nk'uko ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati bwabitangaje.
Ku mugoroba w'ejo ku wa gatandatu, ababa mu bisagara nibura umunani hafi ya Toledo bategetswe kuhava, nubwo igitigiri c'abategetswe kwimuka kitamenyekanye.
Umukuru w'intara ya Madrid, Isabel Díaz Ayuso, avuga ko uno ari "umuriro mubi kuruta iyindi yose imaze kwaduka muri kahise k'iyo ntara".
Sánchez avuga ko gushika ubu amahegitari 130.000 y'ubutaka amaze gusha muri Espagne muri uyu mwaka, igice gisumba icahiye mu myaka cumi iheze kingana hafi n'amahegitare 100.000.
Umushikiranganji w'intwaro yo hagati w'Ubufaransa, Laurent Nuñez, yavuze ko amahegitari 98.000 amaze gusha mu gihugu cose kuva mu ntango za 2026.
Hagati aho, mu Butaliyano, imiriro irenga 350, harimwo 10 ikomeye cane, yaradutse mw'izinga rya Sicile, nk'uko umukuru w'ikigo ca Sicile kijejwe gutabara yabivuze ku wa gatatu, ivyatumye abantu bategekwa kwimuka mu turere tumwe tumwe.
No muri Ecosse, ku mugoroba wo ku wa gatanu, inzego zitabara zatangaje ibihe bidasanzwe mu gihe zari zikibandanya kurwanya umuriro mw'ishamba ry'ibikoko rya Cairngorms ryari rimaze iminsi 10 ririko rirasha.
Hadja Lahbib, umukuru w'igisata c'Ubumwe bw'Uburaya kijejwe kurwanya ivyaduka, avuga ko ibizokwononekarira muri iyi miriro bizorenga ivyari vyitezwe.
Yabwiye BBC ati: "Mu ci ry'umwaka uheze, amahegitari umuriyoni umwe yarahiye. Twiteze ko hashobora kuboneka ibindi bitigiri bitigeze bibaho, kuko iyi miriro yadutse hakiri kare cane".
Agabisha ko hashobora kwaduka iyindi miriro uko ici ribandanya.
Yongeyeko ati: "Abahinga mu vy'ikirere bavuga ko hashobora kuza ikindi gihe c'ubushuhe bwinshi, ibi bigasigura ko hashobora kwaduka iyindi miriro".
Ubufaransa bwasavye ubufasha bw'ibindi bihugu vy'Ubumwe bwa Buraya kugira bifashe kuzimya iyi miriro. Croatia izorungika indege zitatu zizimya umuriro, Portugal irungike izindi zibiri, Repubulika ya Tcheque hamwe na Slovakia na vyo bikazorungika kajugujugu Black Hawk zifasha kuzimya umuriro, mu gihe Romania igiye kurungika abahinga 40 bo mu gisata co kurwanya imiriro y'ivyaduka.
Umukuru wa Komisiyo y'Ubumwe bwa Buraya na we, Ursula von der Leyen, avuga ko indege na kajugujugu 11 zo gisata ca Buraya kijejwe kuzimya imiriro zarungitswe gufasha Ubufaransa na Espagne.