Umukinyi wa tennis Novak Djokovic yamaze kuva mu gihugu inyuma yo gutsindwa mu rubanza rwa visa

Djokovic yuriye indege i Melbourne kuri uyu wa Mungu

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Djokovic yuririye indege ku kibuga c'indege ca Melbourne kuri uyu wa Mungu
Yatangajwe

Novak Djokovic yavuye muri Australia inyuma y'aho atsindiwe mu rubanza yarimwo arondera kuguma muri ico gihugu.

Abacamanza banse urubanza rw'uyu mukinyi rurangiranwa wa tennis yari yuguruje inyuma y'aho reta y'ico gihugu ihagarikiye visa yiwe ku mvo zo gukingira ubuzima no gukingira umutekano kubera atari bwicandagishe.

Iyo ngingo yakuye icizere c'uyu mukinyi co kurwanira igikombe ciwe yatsindiye mw'ihiganwa Australian Open.

Djokovic avuga ko ababaye cane ariko yubashe ingingo ya sentare yafashwe hari hasigaye umusi umwe gusa ngo akine urukino rwiwe rwa mbere.

Abakunzi biwe baguye mu gahunwe aho bari bakoraniye hanze ya sentare igihe iyi ngingo yatangazwa, mu gihe bwaca akina urukino rwa mbere rwiwe. Umugore umwe mu bafana yabwiye BBC y'uko akaruhuko kiwe ko muci kazoba impfagusa kuko uyo mukinyi w'imyaka 34 atazoba ari mw'ihuganwa rya Open.

Umushikiranganji wa mbere wa AustraliaScott Morrison yakirije yompi iyi "ngingo ikingira imbibe zacu igakingira n'abanya Australia".

Djokovic yari yuguruje uru rubanza igihe umushikiranganji abinjira n'abasohoka Alex Hawke akoreshereje ububasha bwiwe nk'umushikiranganji mu gufuta visa y'uyu mukinyi w'umunya Serbia, avuga ko ari nka hamwe yoramuka yemerewe kwinjira mu gihugu vyoha impigi abarwanya incanco za Covid.

Bwari ubwa kabiri visa yiwe ihagaritswe, inyuma y'aho ihagarikiwe ubwa mbere kubera ukutubahiriza amabwirizwa yo kurwanya covid, ingingo yahavuye ifutwa n'uwundi mucamanza.

Abakunzi b'uyu mukinyi rurangiranwa wa tennis baguye mu gahundwe aho bari bakoraniye hanze ya sentare kuri uyu wa Mungu

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abakunzi b'uyu mukinyi rurangiranwa wa tennis baguye mu gahundwe aho bari bakoraniye hanze ya sentare kuri uyu wa Mungu

Itegeko rimwirukana mu gihugu ririmwo ingingo imubuza gusubira kugaruka muri Australia mu kiringo c'imyaka itatu, n'aho iyi ishobora kuvanwaho mu bihwe bimwe bimwe.

Mu rubanza rwa sentare yashashe uno musi ku wa Mungu, ikaba yari igizwe n'abacamanza batatu, ababuranira Djokovic basiguye bavuga ko ingingo ya reta "itemewe kandi idafise ishingiro", ariko biba ivy'ubusa.

Iyi ngingo yo kuri uyu wa Mungu irangije impari zari zimaze imisi cumi ku bijanye na Visa ya Djokovic yo kwinjira muri Australian.

Vyari vyateje uburakari mu gihugu kubona uyu mukinyi yariko agerageza kwinjira adacandazwe. Reta ibandanya ivuga ko ata muntu n'umwe ari hejuru y'amabwirizwa yashinzwe mu ntumbero yo kurwanya iki kiza.

Mu gihe Djokovic ataricandagisha, yaranduye Covid-19 incuro zibiri zose, ubwa nyuma hakaba hari ku wa 16 z'ukwa cumi na kabiri guheze.

Imirwi ibiri y'abaganga - umwe washizweho n'igisata kijejwe tennis muri Australia, Tennis Australia, uwundi nawo washinzwe na reta y'intara ya Victoria - yari yamucishirijemwo iramuha uburenganzira bwo kwinjira muri Australia. Ariko abajejwe gucungera imbibe z'iki gihhugu, Australian Border Force, baramuhagaritse ku wa 05 z'uku kwa mbere kubera atari akwije ibisabwa mu bijanye no kurwanya coronavirus.

Mu nyuma, umucamanza yarafuse iyi ngingo, abonye ko abajejwe gucungera imbibe batari bisunze amategeko igihe yashika, ariko reta ikaba yaciye ifata mu minwe ikibazo ku wa gatanu maze ica isubira guhagarika iyi visa.

Djokovic azosubirizwa ejo ku wa mbere n'umutaliyano Salvatore Caruso aza mu kibanza ca 150 kw'isi, mu rukino rwiwe n'umunya Serbia Miomir Kecmanovic.