Tottenham ironse umumenyereza mushasha: Antonio Conte

Ahavuye isanamu, Getty Images
Antonio Conte ahejeje kugenwa ngo abe umumenyereza mushasha wa Tottenham.
Uyu Mutaliyano yahoze amenyereza Chelsea asubiriye Nuno Espirito Santo yirukanywe ejo ku wa mbere.
Tottenham imaze igihe itavyifatamwo neza mw'ihiganwa ry'umupira ryo mu Bwongereza Premier League, aho mu rukino ruheruka yakubitiwe muhira na Manchester United, yayiteye bitatu ku busa.
Avugana n'urubuga ngurukanabumenyi rwa Tottenham, Antonio Conte yagize ati:
"Mfise umunezero mwinshi cane kubona ngarutse ku rubuga rw'abamenyereza, kandi nkaba ngiye kumenyereza umurwi wa Premier League ufise ishaka ryo guhangana n'ibindi bihangange.
"Tottenham irafise ubushobozi bwose bwo kuba umwe mu mirwi rurangiranwa kw'isi.
"Ndarindiranye igishika cinshi gutangura ibikorwa kugira ngo nereke umurwi n'abakunzi bawo inguvu n'ishaka vyamye bindanga, nk'umukinyi n'umumenyereza".
Antonio Conte yiyongereye ku rutonde rw'abamenyereza b'ibihangange bakorera muri Premier League.
Ati: "Mu mwaka w'inkino uheze, vyaranse ko ninjira muri uyu murwi kubera amasezerano nari mfitaniye na Inter yari akiri mashasha kandi nkaba nari mfise ishaka ryinshi ryo kurangiza ihiganwa, rero numva ko hatari bwagere ko ngaruka.
"Ariko Daniel Levy yagumye afise inyota nyinshi cane yo kunzeza aya mabanga.
"Ubu rero ko akaryo kabonetse, nahisemwo kugafata n'umutima wanje wose".
Antonio Conte agiye kumenyereza uyu murwi gushika mu 2023, amezi hafi 20, akaba ahabwa amahirwe yo kwongererezwa iki kiringo mu gihe impande zompi zoramuka zivyumvikanyeko.
Vyitezwe ko inkino zizomuhuza na Pep Guardiola, Jurgen Klopp hamwe na Thomas Tuchel zizoba ari akaroruhore.
Muri Premier League urugamba azorutangurira kuri Everton ku wa Mungu - ariko imbere y'ao, Tottenham irafise urukino ku rwego rw'umugabane aho ku wa kane izohura n'umurwi Vitesse wo mu gihugu ca mw'ihiganwa European Conference League.
Tottenham ubu iri mu kibanza c'icenda n'amanota 15 gusa mu nkino cumi imaze gukina mw'ihiganwa ry'Ubwongereza Premier League.









