Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
PSG iri mu biganiro na Lionel Messi inyuma y'aho aviriye muri Barcelona
- Umwanditsi, Na Simon Stone
- Igikorwa, BBC Sport
- Yatangajwe
Paris St-Germain iri mu biganiro n'abaserukizi ba Lionel Messi kugira barabe ingene yokwimukira muri uwo murwi wo mw'ihiganwa ry'Ubufaransa Ligue 1 inyuma y'aho aviriye muri Barcelona.
BBC Sport yabwiwe ko abaserukizi ba Messi baciye bavugana na PSG ku wa kane aho bimenyekaniye ko FC Barcelona itakimuhereye amasezerano mashasha nk'uko yari yabimwemereye.
Ibiganiro biriko birabandanya kuri uwu wa gatandatu hakaba hari icizere ko impande zompi zishobora gushika ku masezerano.
Ku wa kane, Barça yatangaje ko Messi, ubu ata murwi n'umwe arimwo, adashobora kubandanya akinira uwu murwi wo muri La Liga kubera inzitizi zishingiye ku mafaranga n'inzego.
Ejo ku wa gatanu, umukuru wa Barça Joan Laporta yavuze ko kugumana Messi vyari gutuma uwu murwi usubira inyuma nk'imyaka 50 mu butunzi.
Abantu benshi bibaza ko Messi yakiriza nka nkama icipfuzo co kwinjira muri PSG kubera asanzwe azinanye n'abakinyi bayo batari bake.
Neymar yakinaye na we muri Barcelona kuva mu 2013 gushika 2017 imbere y'uko aja muri PSG ku giciro kitari bwigere kibaho c'imiriyoni zirenga 277 z'amadorari y'abanyamerika, kandi Messi yagumye ari hafi cane n'uyu munya Brésil.
Mu gihe c'akaruhuko mu ntango z'uku kwezi, Messi yarifotoje ari kumwe na Neymar, hamwe n'abandi bakinyi bagenziwe ba Argentina Angel di Maria na Leandro Paredes hamwe na mugenzi wabo Marco Verrati bakinana muri PSG.
Mu gihe boshika ku masezerano, hoba icitwa Fair-play financier (bivuga ko atoshingira ku mushahara urenze urugero) kuko poritike yo kurondera abakinyi muri rino ci yashingiye cane cane ku kurondera abakinyi bari barangije amasezerano yabo n'imirwi yabo, aha ni nk'umukinyi w'inyuma Sergio Ramos, umukinyi wo hagati Georginio Wijnaldum hamwe n'umunyegori Gianluigi Donnarumma, mu gihe umukinyi w'inyuma ku ruhande rw'iburyo Achraf Hakimi nawe yiniye avuye muri Inter Milan.
- Team GB Takeover: Find out these athletes favourite One Hit Wonders
- Homegrown Heroes: How it all started for Blossoms and why they are still true to Stockport