Umunonotsi Olivia Breen yashavuriye umutegetsi yamubwiye ko yambara udukariso tugufi cane

Olivia Breen

Ahavuye isanamu, Ashley Allen

Insiguro y'isanamu, Olivia Breen yiteze guhiganwa mu nkino za Paralempike i Tokyo mu kwezi kuza
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Uyu munonotsi amaze gutsindira imidari y'inzahabu incuro zibiri mu mikino y'abafise ubumuga (Paralympics), Olivia Breen avuga ko yashavuye cane abura n'ico avuga inyuma y'aho abwiriwe ko yokwambara agakabutura "kabereye gusumba".

Breen w'imyaka 24 avuga ko umutegetsi wo mu gisata kijejwe amahiganwa mu Bwongereza yamubwiye ku wa Mungu ko udukariso yambara ari "tugufi cane kandi tumugaragaza cane".

Uyu munonotsi yiruka ku metero ngufi akongera agasimba ku ntera ndende (saut en longueur/long-jump) avuga ko yashize ahabona ibi kugira ngo ntibize bishikire n'abandi.

Breen ati: "Ibi vyanshavuje cane kandi si vyiza na gato".

"Erega tahura ko ata burenganzira bafise bwo kuvuga ku vyo dushobora canke tudashobora kwambara".

Breen yatsindiye umudari w'inzahabu mu mahiganwa ahuza abafise ubumuga kanaka ya ralley (T35-38 4x100m) mu 2015, hamwe no mu 2017 mw'ihiganwa ryo gusimba ku ntera ndende, kandi yamye yambara uducupi tumwe ari mu mwuga wiwe.

Yabwiye ikiganiro Woman's Hour ca BBC Radio 4 ati: "Zimeze nka bikini zigera hejuru".

"Ndazambaye mu kiringo c'imyaka icenda, nta ngorane nigeze ngira kandi twategerezwa kwumva ko ata ngorane dufise ku vyo twambaye".

"Dushaka kwumva ko tubangukiwe uko bishoboka kwose iyo turi mu mahiganwa, ntitwumve ko turemerewe, kandi tutisanzuye".

"Ni uburenganzira bwacu kwambara uko twiyumva".

Tambuka Instagram ubutumwa
Uremeye ibiri kuri Instagram?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na Instagram. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha Instagram amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya Instagram ubutumwa

Breen - yatsindiye kandi umudari wa bronze mu mikino ya Paralempike yabereye i Londres mu 2012, avuga ko ivyamushikiye vyabaye ahejeje guhiganwa mu gusimba ku ntera ndende i Bedford.

Ati: "Nari mpejeje ihiganwa ryanje ndiko nshimira abategetsi kubona baramfashije bakamba hafi ariho rero uyu mutegetsi yanyegera akambwira ati 'ndashobora kuvugana nawe?' nanje nti ego nta ngorane, hari ikibazo nyabaki'?".

"Yambwiye ati 'nibaza ko agakariso wambaye kakwerekana cane, nibaza ko ukwiye kuraba ingene wogura agakabutura'. Narabuze ico mvuga, icanjemwo kwabaye kumubaza nti 'uriko urifyinatira?'."

Breen avuga ko abanonotsi b'abagabo/abahungu badashobora gukurikiranwa gutyo canke ngo banegurwe, amaze kwandika ku mbuga hwaniro ivyo yabwiwe, yavuze ko n'abandi banonotsi b'abagore bamubwiye ko na bo nyene bahuye n'ivyo bibazo.

Yongera ko ati: "Nta ngorane nari bwigere numva, ariko ivyabaye ejo vyaranshavuje cane, kandi ndavye inyishu naronse kuri Instagram na Twitter, vyarabaye no ku bandi bakobwa benshi ndetse n'abanonotsi bakiri bato, kandi ibi bitegerezwa guhinduka".

"Nibaza ko abantu batubahuka kubishira ahabona kubera batinya, nipfuza ko abantu biyemera bakabishira ahabona kuko ivyabaye si vyo kandi ni ngombwa ko bihagarara".

"Ibi nzobigeza kure hashoboka, ngomba gutanga ubutumwa kugira ngo mpindure ibintu mu bijanye n'ukwinonora imitsi ku bagore n'abakobwa kugira ngo abantu bareke kuvuga ku vyo dushobora canke tudashobora kwambara".

Uwundi munonotsi w'umwongerezakazi nyene, Amelia Stricker atera ibiremereye (lanceuse de poids/shot putter), avuga ko uyu mutegetsi yavuze aya majambo "atagira akamaro" atari akwiye guhagarikira inkino, iciyumviro asangiye na Breen.

Ati: "Egooo, ndavyemera cane".

"Bakora igikorwa kidasanzwe kandi ndashima ingene badufasha, ariko ntibategerezwa kudutegeka ivyo twambara. Bari ng'aho ku kazi kabo no kudufasha, ariko atari kuvuga ubujambojambo ku vyo twambaye, ntibibaraba".

Umuvugizi w'igisata kijejwe ukwinonora imitsi yavuze ko bazi ico kibazo kandi ko bagiye gukora amatohoza. Ati: "Ni ngombwa ko abari mu mahiganwa bose bumva ko bagononokewe kugira ngo bashobore guhiganwa neza".