Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Samuel Eto’o yemereye inzu uwahoze ari kizigenza wa Cameroun atagira aho akika umusaya
Uwahoze ari umukinyi w'imbere wa Cameroun Samuel Eto'o yavuze ko azoha inzu Norbert Owona, yahoze ari kizigenza w'umugwi nserukiragihugu ubu atagira aho akika umusaya, ubuzima bwiwe bwerekanye mw'ireresi.
Owona ubu afise imyaka 67 yakiniye umugwi nserukiragihugu wa Cameroun mu myaka ya 1960 na 1970, akaba arara mu mabarabara ya Douala- igisagara yigeze gukinamwo ari mu mugwi wa Union Douala.
Kubera ingwara ubu ari mu bitaro aho Eto'o yagiye kumuraba anamwemerera iyo ngabire. Eto'o yavuze kandi ko yamuhaye amafaranga 500.000 CFA (£686), nk'uko vyemezwa n'uwundi yahoze ari umukinyi Joseph Kamga.
Kamga yakinye mu nkino z'isi zabereye muri Espagne mu 1982- amaze igihe avuganira abakinyi bigeze kuba rurangiranwa ubu bari mu ngorane kuva bahevye gukina, avuga uko bamwe bamwe babayeho ubu "bitavugwa".
Owona yarandikiye abashikiranganji batandukanye ababwira uko amerewe anabahamagarira kumufasha.
Yidoka ko abayeho "nk'igikoko" akanavuga ko "bitari bikwiye ko afatwa gutyo n'igihugu ciwe".
Owona avuaga ko bigoye kuronka imfashanyo y'imiti kuko atagira amahera canke aho akika umusaya, kuko amahera yose yari afise yayakoresheje mu kuvuza umupfasoni wiwe agwaye cancer hamwe no kurera abana.
Eto'o yakiniye imigwi itandukanye harimwo Barcelona, Inter Milan na Chelsea.