Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Giroud na William bashikanye Chelsea mu gice ca kane ca FA
Igitsindo ca mbere ca Giroud muri Chelsea hamwe n'ivyinjijwe na William vyafashije umugwi wa Chelsea gutahukana intsinzi yatumye uwo mugwi winjira mu gice ca kane ca FA Cup.
Inyuma y'iyo ntsinzi ya 4-0 kuri Hull City, umumenyereza Antonio Conte yavuze ko imuhaye "ukwikeka kwiza" mu gihe umugwi wiwe uzohura na Barcelona ku munsi wa kabiri.
Willian niwe yinjije igitsindo ca mbere, Pedro yinjiza ica kabiri ku pasi ivuye kwa Cesc Fabregas.
William yarinjije igitsindo kigira kabiri abanje guhererekana na Giroud.
Munyuma umukinyi w'imbere w'Ubufaransa yahora muri Arsenal, Giroud nawe nyene yahavuye yinjiza igitsindo ciwe ca mbere kuva aja muri Chelsea, aherejwe ipasi n'umukinyi mushasha Emerson Palmieri.
Hull yaragerageje gukina neza mu gice ca kabiri, umukinyi David Meyler araronka penaliti ariko yigijweyo na Willy Caballero.
Kuri uno wa gatandatu mw'ijoro, niho Chelsea imenya umugwi bazohura mu gice ca kane ca FA Cup, ariko uwo mugwi ukaba wimirije gukina na Barcelona ku munsi wa kabiri muri Champions League.