Burundi : uruhombo rw’ama miliyari ku barimyi b’ikigazi, n’igihugu

Insiguro ya video, Rumonge: Uruzi Murembwe rwonyene rwononye 200ha zirenga, Tanganyika iza ivyunyura.
Burundi : uruhombo rw’ama miliyari ku barimyi b’ikigazi, n’igihugu
Yatangajwe

“Tanganyika imaze kwonona n’imiburiburi 100ha z’ibigazi”.

Vyaje vyunyura “200ha zirenga zononywe n’uruzi Murembwe”, nk’uko inzego z’igihugu n’izo abigenga zikorera muri ico gisata mu Rumonge, zabibwiye BBC.

Nk’imwe mu ngaruka, amavuta yakivamwo yaraduze igiciro k’urugero rw’incuro zibiri canke zirenga.

Mu gihe ibihingurwa mu kigazi vyari bigize 6% vy’ivyo Uburundi bushora hanze, raba intahe muri iyi nkuru, ku kamaro k’ikigazi cane cane ku bo gitunze.

Nta nyishu ya vuba ku ngorane Tanganyika iteye, ariko inzego z’igihugu zizeza ko uruzi Murembwe ruzoba rwatunganijwe mu 2025.

Rumonge: Uruzi Murembwe rwonyene rwononye 200ha zirenga.
Insiguro y'isanamu, Uruzi Murembwe rwonyene rwononye 200ha zirenga.