Vladimir Putin agiye kwitoreza ikiringo kigira gatanu nk’umukuru w’igihugu c’Uburusiya

    • Umwanditsi, Na Robert Greenall
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe

Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya yatangaje ko azokwitoreza ikiringo kigira gatanu nk’umukuru w’igihugu c’Uburusiya.

Yatangaje ibi nijoro ku wa gatanu ahariko habera ibirori vyo gutanga ubushimwe ku bari mu ntambara yatanguje muri Ukraine mu 2022.

Atangaje ibi haciye umusi umwe abajejwe gutegura amatora bashinze ko amagenekerezo ya 15-17 Ntwarante/Werurwe (3) 2024 ari yo misi y’amatora y’umukuru w’igihugu.

Biragaragara ata nkeka ko Putin w’imyaka 71 azosubira gutorwa mu gihe ari nk’uko ata batavuga rumwe n’intwaro yiwe bariho kandi ibinyamakuru vy’Uburusiya vyose bikaba biri mu minwe yiwe.

Putin yabaye umukuru w’igihugu kuva mu 2000 gushika 2008, hanyuma asubira ku ngoma mu 2012 amaze akanya gato nk’umushikiranganji wa mbere. Ibi bigisura ko ari we mukuru w’igihugu wa mbere abaye ku butegetsi ikiringo kinini gusumba abandi bose kuva kuri Josef Stalin ku ntwaro y’agahotoro y’Abasoviyeti.

Ibwirizwashingiro ry’Uburusiya ryarahinduwe mu 2020 rica ryongereza ibiringo vy’umukuru w’igihugu, biva kuri bine bija kuri bitangatu, maze riha Putin akaryo keza ko gusubira kwitoza mu mwaka uza.

Aramutse atsinze ano matora ategekanijwe mu kwa gatatu, azorongora ico gihugu gushika mu 2030. Inyuma y’aho, ashobora no kwitoreza ikindi kiringo kigira gatandatu gushika mu 2036 aramutse abishatse.

Putin yahoze ari umukozi w’icari igisata c’igendereza, KGB, mu gihe c’ubutegetsi bw’Abasoviyeti, yari yitezwe cane ko yitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, mu gihe igihugu kiri mu bibazo bikomeye vyaturutse ku ntambara yiwe yatanguje kuri Ukraine yatumye igihugu ciwe kirabana ribi n’ibihugu vy’Uburengero.

Ashobora kutazogira ingorane nini y’abomuhangara muri ayo matora, na rirya abamurwanya hafi bose bapfuye, canke bapfunzwe canke bahunze.

Ku wa kane, inama nkenguzamateka y’Uburusiya niho yatangaza ano matora. Haciye akanya gato, umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora niho waca utangaza ko azokorwa mu kiringo c’imisi itatu, ni ukuvuga kuva ku wa 15 gushika ku wa 17 Ntwarante 2024.

Inyuma y’iri tangazo, umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu Kremlin, Dmitry Peskov, yavuze ko igitigiri “gitangaje” c’abanyagihugu bashaka ko Putin abandanya abarongoye nk’umukuru w’igihugu.

Nta gihe kinini cahaciye imbere y’uko atangaza icipfuzo ciwe co gusubira kwitoza.

Putin yashikirije ijambo inyuma y’ibirori vyabereye muri Kremlin vyo guha Umudari w’intwari z’Uburusiya abakukuruke mu ntambara yo muri Ukraine.

Yashikirije aya majambo yiwe mu kwishura igisabo c’intwazangabo yamusaba gusubira kwitoza, uyu nawe akaba ari Liyetena-Koroneli Artyom Zhoga, yahoze arongoye umurwi wa gisirikare wari ushigikiye abarondera kwiyonkora bashigikiwe n’Uburusiya mu ntara ya Donetsk iri mu buseruko bwa Ukraine – intara Uburusiya bwatangaje ko bwihagiye, kumwe n’izindi ntara zitatu za Ukraine, muri Nyakanga/Nzeri (9) 2022.

Mw’ijambo ryiwe ryacishijwe ku mboneshakure y’Uburusiya, Putin yavuze ati: "Ubu ni co gihe nyaco aho umuntu akeneye gufata ingingo. Nzokwitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu c’Uburusiya”.

Putin yahawe amabanga yo kurongora igihugu mu mpera za 1999 n’uwo yasubiriye Boris Yeltsin yari aremvye.

Kuva ashitse ku butegetsi, Putin yagumye abutsimbatarako mu buryo tavuguruzwa.