41 baguye mu mazi bagerageza kujabuka mu Butariano

Ahavuye isanamu, Sea-Watch
Abantu 41 mu bari mu bwato bagerageza kujabuka kurondera ubuhungiro i Buraya bapfuye bari mu mazi y'izinga rya Lampedusa ry'Ubutariano, nk'uko abarokotse babwiye ibinyamakuru vyaho.
Umugwi w'abantu bane barokotse ako kaga babwiye abatabara ko bari mu bwato bwari bwahagarutse buva Sfax muri Tunisia hanyuma buzama buri mu nzira buja mu Butariano.
Abo barokotse bane, bamuka muri Côte d'Ivoire na Guinée, bashitse mw'izinga rya Lampedusa ku wa gatatu.
Abantu bashika 1.800 baramaze gupfa gushika ubu muri uyu mwaka mu kugerageza kujabuka bava mu buraruko bwa Afrika baja i Buraya.
Abo barokotse -umuhungu w'imyaka 13, abagabo babiri n'umugore umwe - babwiye abatabara ko bari mu bwato bwarimwo abantu 45, harimwo abana batatu.
Bavuze ko ubwo bwato, bugereranywa ko bwari bufise imetero 7 z'uburebure, bwavuye Sfax ku wa kane w'indwi iheze, ariko ko bwazamye haheze amasaha make inyuma y'aho busekewe n'umupfunda munini cane. Abantu 15 bonyene nibo bivugwa ko bari bambaye umwambaro ufasha kureremba [mu kurindira ubutabazi], ariko ivyo bisa n'uko bitabafashije kurokoka.
Abo bane barokotse mu kureremba bafashe ibipira vyari kuri ubwo bwato nyene.
Bavuga ko baciye batorwa n'ubwato bw'imizigo hanyuma bashirwa ku bwato bw'Ubutariano bwo gucungera inkengera.
Abacungera inkengera z'Ubutariano bamenyesheje ko hari ubwato bubiri bwazamye muri ako karere ku wa mungu, ariko ntibizwi niba ubwato bwabo buri muri ubwo bubiri.
Ishami rya ONU riraba abimukira, OIM/IOM, rivuga ko abo bantu bari bafise amahirwe make yo gushika iyo baja.
''Abimukira bava mu bihugu vyo munsi ya Sahara [bahaguruka bavuye muri Tunisia] bahatirwa gukoresha ubwo bwato bw'icuma bupfa inyuma y'amasaha 20 canke 30 buriko buragenda. Mu kiyaga nk'ico, bene ubwo bwato biroroshe ko buzama,'' nk'uko umuvugizi wa OIM Flavio Di Giacomo yabibwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP.

Abategetsi ba Tunisia bavuga ko Sfax, igisagara c'ikivuko kiri ku birometero 130 ya Lampedusa, ari inzira ikunda gukoreshwa n'abantu baja kurondera umutekano n'ubuzima bwiza gusumba i Buraya.
Muri iyi minsi ya vuba, ubwato bw'Ubutariano bukizura hamwe n'imigwi y'abagiraneza baratabaye abandi bantu 2.000 bari bashitse i Lampedusa.
Muri Tunisia hagize igihe hadutse ivangura rishingiye ku rukoba ritota Abanyafrika b'abirabure ryatumye hiyongera kugerageza kuva muri ico gihugu.
ONU imaze guharura abantu 17.000 bapfuye canke babuzwe irengero muri Méditerranée yo hagati kuva mu 2014, bitunma iba inzira ya mbere ibangamye kw'isi ku bagerageza kujabuka baja kurondera ubuzima i Buraya.
Mu kwezi guheze, ishirahamwe rya Buraya na Tunisia vyashize umukono ku masezerano aciye miriyoni 90 z'ama dorari ($90 millions) kugira harwanywe ubwimukira ''buteye kubiri n'amategeko.
Ayo mafaranga ni ayo gukoresha mu guca intege abajabutsa abantu mu kinyegero, gukomeza imbibe no gusubiza inyuma abagerageza kujabuka.










