Uganda imeze magabo mu gihe abagwanyi ba ADF binjiye mu gihugu

Ahavuye isanamu, Uganda Peoples' Defence Forces/X
- Umwanditsi, Wycliffe Muia
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
Inzego z'umutekano za Uganda zimeze magabo inyuma yo kuvuga ko abagwanyi b'umugwi ufitaniye isano n'uwugwana wiyitirira idini rya Islam, Islamic State, binjiye mu gihugu mu mpera z'indwi.
Abagwanyi ba Allied Democratic Forces (ADF) bariko barategura kugaba ibitero mu bisagara, mu bibanza vyo gusengeramwo, amashure n'ahandi hahurira abantu benshi, nk'uko igisirikare kigabisha.
Kibwira abanyagihugu kugenda barikanuye ''kugira ntibagwe mu vyago vy'iterabwoba rya ADF''.
ADF iramaze kuvugwa mu bitero bitari bike muri Uganda, harimwo icatumbereye ishure mu kwezi kwa gatandatu mu mwaka uheze.
Uwo mugwi mu ntango watangujwe muri Uganda mu myaka ya 1990 n'abantu bari babajwe n'ingene aba Islam bafatwa na reta. Ariko umaze gutuzwa n'igisirikare, abagwanyi bawo basigaye baciye bajabuka urubibe bahungira muri Repuburika ya Demokrasi ya Congo.
Mu 2021, Uganda na Congo vyatanguje igikorwa bihuriyeko co kugaba ibitero kugira batuze ADF mu birindiro vyayo muri Congo, ariko gushika ubu ntibarashobora guhagarika ibitero vy'uwo mugwi.
Umukuru wa Uganda, Yoweri Museveni, amaze gusubiramwo kenshi ko ico gikorwa cashoboye kwica igitigiri kinini c'abagwanyi ba ADF, harimwo abakomanda bayo.
Ariko ADF iragirizwa kubandanya igaba ibitero harimwo ico kw'ishure mu burengero bwa Uganda mu kwezi kwa gatandatu mu mwaka uheze, aho abanyehure baharurwa mu mirongo bishwe. Mu kwezi kw'icumi mu mwaka uheze, uwo mugwi waragirijwe urupfu rw'umugore n'umugabo bari mu rugendo rwo kwigina urugo baheruka gushinga, ico gihe bakaba bishwe barashwe bari kumwe n'uwubereka inzira mu ruhongore kama (parc) rw'igihugu.
Icegera c'umuvugizi w'ingabo za Uganda Colonel Deo Akiiki yavuze mw'itangazo ryasohotse ku wa mbere ko umugwi w'abagwanyi ba ADF bajabutse bakinjira muri Uganda ku wa gatandatu.
''Uwo mugwi ukekwa kuba utegekwa n'umukomanda karuhariwe wa ADF Ahamed Muhamood Hassan, batazira Abu Waqas, umu-ADF akomoka muri Tanzania w'umuhinga mu gutega amabombe,'' nk'uko itangazo ribandanya rivuga.
Igisirikare casavye abanyagihugu kuraba neza no kubwira ubutegetsi umuntu wese ateye amakenga canke intekera ziteye amakenga mu gihe ''kiriko kirahiga abo bagwanyi''.













