Ingingo ya Tanzania yo kubuza abanyamahanga gukora ubucuruzi bubayabaye yakiriwe nabi muri Kenya

Abacuruzi bariko barayaga mw'isoko ryo muri Zanzibar mu gihe abaje gusuma nabo, harimwo umugore apfunze igitambara mu mutwe yambaye n'amarori y'izuba, bariko barahita.

Ahavuye isanamu, Universal Images Group/Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji wa Tanzania ajejwe ubudandaji Selemani Jafo yavuze ko iyo ngingo ari iyo gukingira aho abanyagihugu bakura uburaro n'uburamuko
    • Umwanditsi, Basillioh Rukanga
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Tanzania yabujije abanyamahanga gukora ubucuruzi buto buto, ivyo bikaba vyateye umutima uhagaze kandi vyakirwa nabi mu gihugu kibanyi ca Kenya.

Iyo ngingo nshasha ibabuza gukora mu bisata 15 harimwo uguhererekanya amafaranga mu buryo bwa none [nko kuri terefone], gutembereza abakerarugendo, gucukura ubutare n'amabuye y'agaciro ku rugero rubayabaye, kugura ivyimburwa mu mirima, gukora mu mazu yo kwimosha no kwipodora, amaduka y'ibintu vy'utugenegene no gushinga ibikorwa vy'amaradiyo na televiziyo.

Umushikiranganji w'ubudandaji Selemani Jafo yasiguye ko abanyamahanga baguma barushiriza kuba benshi mu kwinjira mu gisata c'imirimo ibayabaye n'ibindi bikorwa birangurwa neza gusumba n' Abanyatanzaniya.

Mu gihugu, iyo ngingo muri rusangi yakiriwe neza mu gihe amakenga yaguma aba menshi ko abanyamahanga, harimwo n'Abashinwa, baguma binjira mu bucuruzi buto buto.

Mu mwaka uheze, abacuruzi bo mu karere ka Kariakoo i Dar es Salaam, baragize yegereyegere yo kwiyamiriza amakori menshi be n'uguhiganwa mu buryo butangana n'abacuruzi b'Abashinwa.

Severine Mushi, umukuru w'ishirahamwe ry'abadandaza bo muri Kariakoo, yabwiye ikinyamakuru Citizen ati: ''Twarashimye iyo ngingo kuko ikingira aho Abatanzaniya bakura uburaro n'uburamuko''.

Abazobirengako bashobora gutangishwa ihadabu, gupfungwa amezi atandatu no kwakwa uruhusha rwo kuba no gukorera muri ico gihugu.

Jafo yongeyeko ko yizigiye ko iyo ngingo yatangajwe ku wa mbere, izotuma abanyamahanga bashora imitahe mu migambi minini gusumba.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ariko iyo ngingo yakiranywe n'ishavu muri Kenya, aho bamwe bavuga ko irenga ku masezerano y'Umuryango wa Afirika y'Ubuseruko (EAC) aha abantu uburenganzira bwo kwidegemvya mu kuja iyo ushaka no gukora ubudandaji hagati y'ibihugu umunani bigize uwo muryango.

Umushikiranganji wa Kenya ajejwe ubudandaji, Lee Kinyanjui, yasavye ko iyo ngingo ifutwa, avuga ko "izobabaza" ubutunzi bwa Kenya na Tanzania.

Kinyanjui yanditse mw'itangazo ryiwe ku wa gatatu ati: ''Ni ngombwa rero, mu karangamutima ka EAC, ko haba amasezerano hagati y'ibihugu bibiri kugira ngo ivyo bibazo bitorerwe umuti''.

Umukuru wa komite y'ubudandaji mu nama nshingamateka y'igihugu, Bernard Shinali, yagabishije ko iyo ngingo ishobora gutuma hafatwa ingingo zo kugera ingere ku yindi, nk'uko ikinyamakuru Daily Nation co muri Kenya kibivuga.

Ico kinyamakuru camusubiyemwo avuga ati: ''Natwe hano turafise Abatanzaniya benshi bakora mu gisata cacu co gucukura ubutare''.

''Biragaragara ko Abatanzaniya bashitse kure cane kandi dukwiye guca imigenderanire na bo.''

Umunya-Kenya w'inararibonye mu gisata c'amahoteri Mohammed Hersi yananeguye iyo ngingo ya Tanzania yo kubuza abanyamahanga gukora imirimo.

"Rimwe na rimwe, birakenewe kuraba ku rugero rwagutse ...Kwiyugarana ntibizokwigera bifasha igihugu gutera imbere," niko yanditse.

Abandi banya-Kenya benshi na bo nyene bashikirije amakenga ku mbuga hwaniro, bavuga ko iyo ngingo ya Tanzania ari ikibazo gikomeye ku ntumbero ya EAC yo kuba vy'ukuri umuryango umwe.

Umuntu umwe yanditse kuri X ati: "Abatanzaniya barakora imirimo mitomito y'ubwoko bwose muri Kenya atawubakomakoma. Biragaragara ko Tanzania itigeze ishimika mu gutuma EAC ikora."

Bimaze gushika kenshi hakaba icuka kibi hagati ya Tanzania na Kenya muri politike no mu vy'ubutunzi.

Ishirwa mu ngiro rya Tanzaniya ry'amakori yo gukingira ibicuruzwa vyayo n'ukubuza ivyinjira mu gihugu, muri kahise ryatumye inegurwa n'ibihugu vy'akarere.

Mu kwezi kwa Rusama(5), umushikiranganji wa Kenya ajejwe imigenderanire, Musalia Mudavadi, yavuze ko abanya-Kenya hafi 250.000 baba, bakora canke bari abacuruzi muri Tanzania, ivyo yashimikiyeko mu kwerekana ko hakenewe kubungabunga imigenderanire y'ubuvandimwe.

Yariko aravuga ku cuka kibi mu migenderanire giturutse ku kugene Tanzania yafashe nabi abanya-Kenya bari bagiye i Dar es Salaam gukurikirana urubanza rw'uwutavuga rumwe n'ubutegetsi Tundu Lissu yagirizwamwo guhemuka.

Benshi muri bo barirukanywe mu gihe umunya-Kenya azwi cane mu guharanira uburenganzira, Boniface Mwangi, hamwe w'umunya-Uganda yitwa Agather Atuhaire, babuzwe irengero, munyuma bivugwa ko baborejwe igufa bongera barakubagurwa mu buryo bushingiye ku gitsina.

Tanzania yimirije kuja mu matora rusangi mu kwezi kwa Gitugutu, aho umugambwe CCM uri ku butegetsi witezwe kubugumana.