Inama igiye kuba i Paris ku karere k'ibiyaga binini: Ni umuti canke ni ibindi vyizigiro bitazoshirwa mu ngiro?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ku musi wa kane w'iyi ndwi, i Paris hateguwe inama mpuzamakungu ijanye no gushigikira amahoro n'iterambere mu karere k'ibiyaga binini.
Amashirahamwe mpuzamakungu abandanya kuburira ko mu buseruko bwa Repuburika Iharanira Demokarasi ya Kongo (RDC) umutekano uguma uhungabana kandi ibibazo vy'ubutabazi birushiriza kwiyongera.
Amashirahamwe 12 harimwo mpuzamakungu n'ayasanzwe akorera muri Congo nka Oxfam, Médecins du Monde, na Save the Children, yasavye amakungu gufata ingingo zihuta kugira afashe abantu bariko barahura n'ibibazo bikomeye muri ino minsi.
Aya mashirahamwe azoba aserukiwe muri iyi nama y'i Paris ifise ahanini intumbero yo gutera akamo amakungu kugira ngo afashe mu bibazo vyihutirwa bihanze kiremwa muntu mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo no mu bihugu bibanyi.
Abasesenguzi bamwe bavuga ko iyi nama ishobora kudashika kuri vyinshi mu kugarura amahoro mu buseruko bwa RDC mu gihe n'imihati y'amahoro ya Washington na Doha gushika ubu itaragira kininiya igerako.
Amakuru atangwa n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU yerekana ko abantu bashika imiliyoni indwi bamaze guhunga mu gihugu cose ca Congo, mu gihe abashika kuri miriyoni 28 babayeho badafise ivyo bafungura.
Amafaranga ategurwa gufasha ibikorwa vya 2025 muri RD Congo aragereranywa kuri miriyoni 2,5 z'amadolari, kandi haramaze kuboneka ayagera ibice 16 kw'ijana vyayo.
Iyo nama y'i Paris, yiswe Inama yo gushigikira Amahoro n'Iterambere mu karere k'Ibiyaga binini, yatunganijwe na reta y'Ubufaransa iri kumwe na Togo, ifashwe mu mugongo n'Ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika, Leta Zunze Ubumwe za Amerika, na Qatar.
Abaserukira ibihugu n'imiryango mpuzamakungu bashika kuri mirongo itanu baritezwe muri iyo nama.
Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye umwe mu bo vyari vyemejwe ko azokwitabira iyi nama, umwe mu bakozi bo mu biro vyiwe yabwiye BBC ko urugendo rwiwe ruja i Paris rwasivye kubera "integuro z'ibikorwa zinjiranyemwo".
Iyo nama, Ubufaransa buvuga ko ifise intumbero yo gutsimbataza amahoro atari mu buryo bwa dipolomasiya gusa, ariko no guhuza ibikorwa vy'ubutabazi n'ubutunzi kugira bifashe gushiraho amahoro arama muri Congo be no mukarere k'ibiyaga binini.
Ariko abasesenguzi bavuga ko iyo nama nayo nyene ishobora kunanirwa gushira mungiro ibizoba vyemejwe nkuko n'izindi nama nkizo zagiye ziraba ataco zashitseko.
Mu gihe ibiganiro vya Washington na Doha bitaratanga ivivyashizweko umukono, Leta ya Kinshasa irabandanya kuvuga ko umutekano uje imbere y'ubudandaji, igasaba ko habanza guhagarikwa indwano imbere yo gusinya amasezerano y'ubutunzi.

Ahavuye isanamu, AFP
Ku Bufaransa, iyo nama ni ikigeragezo co kwerekana ko bushobora guhuza amajambo n'ibikorwa, bukagaragaza uruhara ruboneka muri Afrika.
Abitaho ivy'ugufatana munda bavuze ko hatarabaho uwuza ahuza ivyiyumviro vyamahoro aravye vyukuri ibiriko biraba muri congo ngo kuko ikivyerekana ari abantu baguma bata izabo bagahunga, cane cane abana n'abakenyezi, kandi inama zidasiba kuba.
Ubu abakurikirana ivy'akarere kibiyaga binini baribaza nimba iyi nama izotuma haba impinduka y'ukuri, canke nimba izosiga akarere k'Ibiyaga binini kaguma kizera gusa ko bigiye kugenda neza.













