Angelina Jolie na Brad Pitt bashitse ku mwumvikano wo kwahukana

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Vicky Wong
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 3
Angelina Jolie na Brad Pitt bashitse ku mwumvikano wo kwahukana inyuma y'urugamba rw'amategeko rwari rumaze imyaka umunani, nk'uko bivugwa n'umushingwamanza wa Angelina.
Jolie na Pitt, barongoranye mu 2014 bakaba bafitaniye abana batandatu, bari muri ba rurangiranwa mu gisata co guteramisha ubu ibinyamakuru bikaba vyari bisigaye bibita 'Brangelina'.
Jolie yasavye kwahukana mu 2016, avuga ko hari ''ivyo kudahuza ubutagisubira inyuma''. Vyagiye kumenyakana mu manza muri sentare ko yari yagirije Pitt kumuhohotera we n'abana babiri babo mu ndege yabo bwite uwo mwaka.
Pitt ntiyigeze ashengezwa imbere ya sentare inyuma y'amatohoza y'igiporisi ku vyashitse kandi yarahakanye ivyavugwa.
Abashingwamanza biwe ntaco bavuze ku mugaraharo kuri uwo mwumvikano wo kwahukana.
Umushingwamanza wa Jolie, James Simon, yavuze mw'itangazo ko uwo yunganira yarondera cane cane ''amahoro n'ukubohoka kw'umuryango wabo'' kuva iyo nzira yo kwahukana itanguye.
Yabandanije ati: ''Iki ni igice kimwe c'inzira ndende cane n'ubu ikibandanya imaze imyaka umunani itanguye. Vy'ukuri Angelina ararushe, ariko ariruhukikije ko ico gice ca mbere kirangiye.''
Ido n'ido ry'ivyo bumvikanye ntiryashizwe ahabona.
Igihe inkuru y'uko bagira bavane yatangura kumenyekana mu 2016, bari basohoye itangazo bahuriyeko ko bari kuvyitunganiriza bonyene - kandi nta n'umwe muri bo yigeze avuga cane ivyerekeye imigenderanire yabo kuva ico gihe.
Ariko, hari ivyahavuye bija ahabona mu manza zibangabanganwa zerekana ishusho y'ukuvana nabi - aho Jolie yagiriza uwahoze ari umugabo wiwe ''gushoza intambara yo kwerekana ko we yera [ataco yiyagiriza]'', nawe Pitt amwagiriza kurondera n'ibigirankana kumwononera ibikorwa vyiwe.
Mu gihe abashingwamanza ba Jolie bavuze ko hari umwumvikano wo kwahukana washitsweko, ntibizwi niba uzoca urangiza urubanza rumaze imyaka myinshi hagati yabo babiri kw'itongo ry'imizabibu riri mu Bufaransa.
Bamaze imyaka bapfa Chateau Miraval, itongo rinini baguriye hamwe mu 2008 ku mafaranga agereranywa muri miriyoni 25 z'ama euro (amafaranga y'Abanyaburaya) ari naho bahavuye bagirira ubukwe.
MU 2022, Pitt yagirije Jolie kugurisha imitahe yiwe muri iryo tongo ku mukire w'umurusiya Yuri Shefler - umutunzi ruhebwa afise amahinguriro y'inzoga, harimwo vodka ya Stolichnaya - ivyo ngo akaba yabikoze Pitt atabizi kugira amwononere n'ibigirankana imitahe yashize mu gisata c'imivinyu.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Muri ico gihe niho hatangura kuvugwa ivy'uko Pitt yahohoteye Jolie.
Yavuze mu nyandiko zo muri sentare ko Pitt yahohoteye mu nguvu no nyifato mu rugendo barimwo mu ndege yabo bwite bari kumwe n'abana babo, bari bafise hagati y'imyaka 8 na 15 ico gihe mu 2016.
Abashingwamanza bavuze ko Pitt yasumiye agasunura Jollie, aho kandi ngo Pitt yoba yarahutaje babiri mu bana biwe.
Pitt yarahakanye ivyo bivugwa, hanyuma mu 2011 araronka uburenganzira bwo gutana imbu mu kurera abana inyuma y'urubanza rurere muri sentare ku mwumvikano w'ivyo kubaho mu buzima bwa minsi yose.
MU kwezi kwa Ruheshi (ukwa gatandatu), umwana wabo w'umukobwa ari nawe mwana wabo w'ubuheture (agira gatatu) Shiloh yarashikirije urwandiko sentare ya Los Angeles asaba ko izina rya Pitt rivanwa mu mazina yiwe, aca asigara yitwa Shiloh Jolie. Abandi bana babiri babo bivugwa ko nabo bahavuye baheba gukoresha izina rya Pitt.
Igihe bagira ubugeni, Pitt na Jolie bari mu mazina y'abantu b'amafaranga menshi i Hollywood. Ku bw'icegeranyo ca Forbes (ikigo gitororokanya amazina y'abatunzi kw'isi n'agaciro k'ivyo batunze) casohotse gatoya inyuma y'aho bimenyekaniye ko bagiye kwahukana, abo babiri bari bafise ibintu bigereranywa mu gaciro ka miriyoni 400 z'ama dorari.
Pitt na Jolie bahujwe na sinema Mr and Mrs Smith mu 2005 kuva ico gihe imigenderanire yabo ica iritabwaho cane n'ibinyamakuru.
Bwari ubwa kabiri Pitt arongora inyuma yo kubana na Jennifer Aniston, umukinyi wo muri Friends. Jolie nawe bwari ubwa gatatu arongorwa, inyuma y'abakinyi b'amasinema Billy Bob Thornton na Jonny Lee Miller.










