Amahasa yavutse mu nsoro zabitswe mu bukonje imyaka 30

Ahavuye isanamu, National Embryo Donation Center
Na Sam Cabral
BBC News
Amahasa yavutse mu ntara ya Tennessee yo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuye mu nsoro (urusoro: umwana akiri mu nda) zabitswe mu bukonje mu kiringo c’imyaka irenga 30 iheze.
Bifatwa ko ari insoro za mbere zimaze igihe kirekire zikavamwo ikiremwamuntu.
Zabitswe mu bukonje bungana na -128C (ni ukuvuga ubushuhe bungana na 128C musi y’ubusa) mu mazi ya nitrogen (azote) ku wa 22 Ndamukiza (4) 1992.
Rachel Ridgeway, nyina w’abana bane ava i Oregon, yibarutse aya mahasa ku wa 31 Gitugutu (10) uno mwaka. Se wabo, Philip Ridgeway, avuga ko ari ibisigabwenge.
Lydia Ann na Timothy Ronald Ridgeway basa n’uko ari bo baciye umuhigo, nk’uko bivugwa n’ikigo National Embryo Donation Center (NEDC), ikigo cegamiye idini kivuga ko kimaze gufasha kuvyara impinja zirenga 1.200 zivuye mu nsoro zatanzwe n’abandi.
Uwari amaze guca umuhigo afashijwe n’iki kigo NEDC, Molly Gibson, yavutse mu 2020 mu nsoro zabitswe mu bukonje mu kiringo c’imyaka hafi 27.
Muganga John David Gordon yabitse izi nsoro avuga ati: "Iyi ngingo…yo kubika izi nsoro yohumuriza abibaza nimba hariho umuntu uwo ari we wese yoba yipfuza kwakira insoro bakoze inyuma y’imyaka 5, 10, 20 iheze”.
"Inyishu ikomeye cane ni ego!"
Izi nsoro z’amahasa zavuye mu mbuto zatanzwe n’umugabo n’umugore batazwi bari bubakanye, bakaba bategerezwa kuvyara hakoreshejwe ubuhinga bwa IVF (Fécondation in vitro/In vitro fertilization), ubuhinga bwo kuvyara bukorerwa hanze y’igitereko c’umugore.
Umugabo yari mu myaka 50 akaba avugwa ko yahawe irigi n’umugore w’imyaka 34.
Izi nsoro zabitswe mu bubiko bwa laboratoire ijejwe irondoka muri Amerika gushika mu 2007, igihe uyu muryango waziha ikigo NEDC muri Knoxville, Tennessee kugira ngo uwundi muryango uzikoreshe.
Umuhinga mu bijanye n’insoro kw’ivuriro Southeastern Fertility ry’abubakanye ry’ikigo NEDC yaciye ayeyusha izi nsoro hanyuma azishira mu gitereko muri uno mwaka.
Mw’itangazo, NEDC ivuga ko yizeye ko iyi nkuru ishobora “gutera intege abandi kugira ngo baronke aya mahirwe yo kwakira izi nsoro kugira ngo bashobore kuvyara”.
Ni we mwana wa mbere umuryango wa Ridgeway - usanzwe ufise abandi bana bane bari hagati y’umwaka umwe n’imyaka umunani – baronse hakoreshejwe ubuhinga bwa IVF canke ku mbuto zitanzwe n’abagiraneza.
Ari muhira mu muryango, Philip Ridgeway yabwiye imboneshakure CNN ati: "Nari mfise imyaka itanu igihe Imana iha ubuzima Lydia na Timothy, kandi yabandanije kuzigama ubwo buzima kuva ico gihe”.
"Aha rero twovuga ko ari bo bana bacu bakuru, n’aho ari bo bana bacu bato”.
Yongerako ati: "Muri ibi bintu harimwo igisigabwenge”.










