Gaza: abana baracikanira kwa muganga kubera inzara
Gaza: abana baracikanira kwa muganga kubera inzara
Yatangajwe
Mu bitaro vyitiriwe Kamal Adwan vyiharijwemwo abana baremvye n’inzara i Gaza, wumva urwamo rw’ivyuma vy’ubuvuzi, n’urwo abana barira bataka.
Bishwe n’inzara, zunyura amagara make yabo kuko ata mfungurwa nk’amata bikiboneka.
Israel ivuga ko imfashanyo zikwiye, ikagiriza amashami ya ONU ko adashikana imfashanyo ku bazikeneye.
ONU yo ivuga ko atako abatabara batagira, naho ibitero ari urutavanako.




