Kaminuza y’Uburundi : Ingorane ku mfunguro y’abanyershule

Kaminuza y’Uburundi : Ingorane ku mfunguro y’abanyershule
Yatangajwe

Muri kaminuza ya leta y’u Burundi, hafashwe ingingo yo kwugara uburiro.

Nko mu kigo co ku Mutanga kibamwo abanyeshule baharurwa mu bihumbi, bikora m’uburiro bwo mu ma ‘quartiers’ ahagatiye ico kigo.

Uburongozi bwa kaminuza buvuga ko leta ata buryo igifise bwo kubagaburira.

Ariko kandi, imfashanyo ya 60 000fbu bahabwa k’ukwezi, nt’ikibashikira ku gihe.

Bwongerako ko bushaka gukorana n’abigenga muri ico gisata.