Demokrasi mu Burundi: Nyuma y'imyaka 30 FRODEBU ivuga ko demokrasi idahagaze neza
Umugambwe utavuga rumwe na leta y'u Burundi, Sahwanya FRODEBU, umenyesha ko wahariye uku kwezi kwa gatandatu n'ukuza kw'indwi, intsinzi ya demokrasi, mu gihe uvuga ko inyuma y'imyaka 30 iyo ntsinzi ibonetse, demokrasi ihagaze nabi mu Burundi.
Uyu mugambwe usanzwe wibuka imyaka 30 iheze utsinze amatora yagiyemwo imigambwe myinshi mu 1993.
Bwari ubwa mbere amatora nk’ayo abaye mu Burundi, inyuma y'ayabaye igihe u Burundi bwaronka intahe yo kwikukira mu 1962.
FRODEBU ivuga ko ubu iyo demokarasi itakiri nk'uko vyari mu 1993 igihe umuhisi Prezida Mechior Ndadaye yatahukana intsinzi.
Florentine Kwizera yavuganye na Leonce Ngendakumana, icegera c'umukuru wa FRODEBU (umva ikiganiro bagiranye aho hejuru).
Turacagerageza kuvugana n’umugambwe uri ku butugetsi mu Burundi, CNDD FDD, ngo twumve ico uvuga kuri vyo vyashikirijwe na FRODEBU.

Ahavuye isanamu, Sahwanya Frodebu