Dynamo 'bemerewe' kubandanya ihiganwa bambaye 'Visit Rwanda'

Ahavuye isanamu, EVARISTE NDAYISHIMIYE/ X
- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umunyamakuru i Bruxelles
- Yatangajwe
Mu gihe umurwi wa Dynamo waserukiye Uburundi mu nkino za Basketball African League (BAL4) hari urukino watsinzwe impaga kubera kwanka kwambara ikimenyetso "Visit Rwanda,'' amakuru ava mu biro vy'umukuru w'igihugu yemeza ko uwo murwi wemerewe kubandanya izo nkino.
Dynamo yategerezwa gukina urukino rwa kabiri muri iryo higanwa ku munsi wa mungu. Bari gukina na FUS Rabat yo muri Maroc ariko abategetsi b'Uburundi barabankiye kwambara udupira turiko "Visit Rwanda,'' icapa c'umwe mu batanga intererano yo gutunganya iryo higanwa. Urukino rwa mbere Dynamo bari barukinye banyegeje ico capa.
Uburundi n'Urwanda ntibirabana ryiza muri iki gihe. Uburundi bwagiriza ico gihugu gufasha umugwi ''w'iterabwoba'' Red Tabara wemanga ibitero bimaze kugwamwo abantu mu bice bitandukanye vy'Uburundi, ivyo Urwanda ruhakana.
Abategura izo nkino baciye batsindisha impaga Dynamo, nkuko itangazo basohoye ribivuga ku mvo zo kwanka kwambara "Visit Rwanda " kuko binyuranye n'amategeko avuga ko imirwi yose itegerezwa kwambara ico capa kumyambaro yayo.

Ahavuye isanamu, Alain Majesté Barenga
Inyuma y'imikebukano y'abegwa n'ico kibazo, amakuru twahawe n'umutegetsi mu biro vy'umukuru w'igihugu atashimye ko umwidondoro wiwe uja ahabona yemeza ko Dynamo yemerewe kubandanya ayo mahiganwa. Ayo makuru aremezwa n'abarongoye iyindi mirwi ya Basketball mu Burundi .
BBC Gahuzamiryango yabajije mu murwi Dynamo ico bavuga kuri ayo makuru, bishura ko ''twotenyenya'' ariko bemeza ko babandanya imyimenyerezo yo kwitegurira urukino rukurikira.
Bitegekanijwe ko ku wa kabiri Dynamo izotana mu mitwe (isaha imwe y'ijoro amasaha yo mu Burundi) na Petro de Luanda yo muri Angola.
Mu rukino rwa mbere Dynamo yo mu Burundi yatsinze Capetown Tigers yo muri Afrika y'Epfo amanota 86 kuri 73, naho ku wa mungu utsindwa impaga (ni ukuvuga udakinye) na FUS Rabat wo muri Maroc.













