Ikibazo c'inoti mu Burundi: Abunguruza abantu bahakana kwanka inoti ziri mu gusubirizwa
Urwego ruhagarariye abatwara abantu n'ibintu mu Burundi, ATRABU, ruvuga ko rwasavye abanyamuryango barwo kwubahiriza amabwirizwa ya leta asaba kwakira inoti nini z'ibihumbi bitanu n'iz'ibihumbi cumi.
Ni nyuma y'aho ingenzi zari zimaze igihe zidoga zivuga ko abatwara imiduga yunguruza abantu banka kwakira inoti nini kuva aho Banki Nkuru itangarije ko hari zimwe muri izo noti zitazosubira gukora nyuma y'itariki ya 17 z'uku kwezi kwa Gatandatu.
Ariko bavuga ko bafise ikibazo co kubona amafaranga yo gusubiza ingenzi igihe zirishe inoti nini.
Kuva Banki Nkuru itangaje icemezo co guhagarika inoti z’ibihumbi bitanu n’ibihumbi cumi zakozwe itariki 04/07/2018 mu ntango z'uku kwezi, vyateye amadidane muri bamwe mu banyagihugu n'abacuruzi bamwe banka kuzakira n’ubwo igihe ntarengwa co kuba zigikora kitarashika.
Prudent Nsengiyumva yavuganye n'umunyamabanga wa ATRABU, Charles Ntirampeba, atangura amubaza impamvu batakira izo noti kandi zigikora (umva ico kiganiro aho hejuru).
