Bishasha kuri Israel- Hamas: Ibintu bimeze nabi cane muri Gaza mu gihe Israel ivuga ko igiye ku yindi ntambwe
Mu gihe ibitero vya bombe vya nijoro kuri Gaza ari vyo vya mbere bikomeye gushika ubu, kandi bikaba vyibanze ku buraruko, umushikiranganji wa Israel ajejwe kwivuna abansi atangaza ko igisirikare c’iki gihugu “cinjiye mu ntambwe nshasha muri ino ntambara” kandi ko ibi bitero bizobandanya “gushika hatangajwe izindi ngingo”.
Yabwiye imboneshakure Kan 11 yo muri Israel ati: "Muri iri joro, isi yanyiganyije muri Gaza.
"Twaciye hejuru no musi. Twateye abarwanyi b’iterabwoba duciye ku mpande zose kandi hose. Amabwirizwa ingabo zahawe aratomoye: ibitero bizobandanya gushika hasohotse iyindi ngingo”.
Hamas ivuga ko yakubise imodoka za Israel mu buraruko bushira uburengero bwa Gaza
Mu masaha makeya aheze, ishami rya gisirikare rya Hamas, Izzedine al-Qassam Brigades, ryanditse kuri konte yaryo yo ku rubuga rwa Telegram ko ryateye ibibombe ku modoka z’intambara za Israel mu buraruko bushira uburengero bwa Gaza.
Ibi bije inyuma y’aho igisirikare ca Israel gitangarije ko ingabo n’imodoka z’intambara zinjiye muri Gaza mw’ijoro ryakeye kandi ko “zikiri ku rubuga”. Igisirikare ntikiratangaza aho caciye neza na neza mu kwinjira muri Gaza.
‘Ntitwari tuzi ko buca’

Ahavuye isanamu, Getty images
Abanyamakuru ba BBC bahavuye baronka umumenyeshamakuru ari mu gisagara ca Gaza, avuga ko ibitero vya bombe vyo mw’ijoro ryakeye vyari “ivy’ubugome”.
Avuga ati: “Ntitwari tuzi ko buteba bugaca”.
Avuga ko ibibombe bikomakomeye vyatewe mu mabarabara, ku mazu ya reta, mu burere bitagira abantu, ku mweha”.
“Turi hagati mu gisagara, ariko ibibombe vyatewe cane cane mu burengero no mu buraruko. Inzu yanje niyo iri”.
Ingabo za Israel zasubiye gutera akamo abasivire muri Gaza guhungira mu bumanuko
Umuvugizi w’igisirikare ca Israel Daniel Hagari yasubiye gutanga “ubutumwa bwihuta” ku banyagihugu baba mu buraruko bwa Gaza hamwe no mu gisagara ca Gaza kwimukira mu bumanuko “vuba bwango”.
Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa X, rwahoze rwitwa Twitter, Hagari avuga ko bazoshobora gusubira mu zabo igihe “intambara zikaze zizoba zihagaze”.
Avuga ko Hamas yashize ubuzima bwabo mu kaga mu kubika ibirwanisho vyayo mu turere dutuwemwo n’abasivire, kandi ko Israel idashobora kwibagira ibitero vy’uno murwi vyo ku wa 07 Gitugutu (20).
"Muracasigaranye akanya gato," niko Hagari avuga mu kubagabisha. "Ku bwo umutekano wanyu, ni mwimukire mu bumanuko”.










