Senegal: uko aba Jigeen Ñi bariko barahindura uko umuziki ubonwa
Senegal: uko aba Jigeen Ñi bariko barahindura uko umuziki ubonwa
Yatangajwe
Ni abagore bo muri Senegal b’aba nya muziki, ata mugabo abavanzemwo.
Nibo bivugiriza ibicurarangisho vy’umuziki w’igihe tugezemwo.
Bemera ko ari vyinshi abagabo bakora, n’abagore boshobora.
Aba bagore 5, b’umugwi Jigeen Ñi baririmba indirimbo ndangamuco.
Ariko n’imvamahanga, cane cane za Africa, barazishobora.




