Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
'Nta kizovamwo tutibonaniye na Putin' – Trump ku biganiro ku ntambara ya Ukraine
Umukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yavuze ko ata kintu gifadika kizova mu biganiro vy'amahoro muri Ukraine gushika we n'umukuru w'Uburusiya Vladimir Putin bibonaniye amaso mu yandi.
Yabibwiye abamenyeshamakuru bari kumwe mu ndege y'umukuru w'igihugu (Air Force One) mu rugendo arimwo mu bihugu vy'Ikogobe c'Abarabu.
Yabivuze mu gihe kuri uyu wa kane muri Turkiya hari hategekanijwe ibiganiro vya mbere vy'imbona nkubone hagati y'Uburusiya na Ukraine kuva intambara igitangura mu 2022.
Mu gihe umukuru wa UKraine yari yavuze ko ata wundi akeneye ko babonana atari umukuru w'Uburusiya ubwiwe muri ivyo biganiro, Prezida Putin yarindiriye buca ivyo biganiro biba kugira amenyeshe ko atazovyitaba.
Intumwa z'Uburusiya nazo abakuru bazirimwo ni abo ku rwego rw'ivyegera vy'abashikiranganji n'umujenama w'umukuru w'igihugu.
Abajijwe niba yagaye urwo rugero rw'intumwa Uburusiya bwarungitse muri Turkiya, Prezida Trump yishuye ati:
''Nkubwire, nta na kimwe kizoba gushika Putin nanje duhuye. Okay?''
''Kandi birumvikana ko atari kugenda. Yari kujayo, ariko yibajije ko nanje nari kujayo.
''Ntiyari kujayo nanje ntahari kandi nibaza ko ata na kimwe kija kuba, uvyanka canke ubikunda, gushika we nanje duhuye, ariko tugiye kubitorera inyishu kuko hariko hapfa abantu benshi cane,''
Kuva Putin we nyene avuze ko hazoba ibiganiro, umukuru wa Ukraine Volodymyr Zelensky yaciye avuga ko arindiriye guhurira muri Turkiya na mugenziwe w'Uburusiya. Kandi Zelensky yagiyeyo. Indege yiwe yashikiye ku kibuga c'indege ca Ankara.
Avuga ku rugero rw'intumwa z'Uburusiya, Zelensky yagize ati:
''Ku mugaragaro, sinzi urugero rw'intumwa z'Uburusiya. Ariko ku vyo twabonye, basa nk'uko ari ''ababaye barahagarara mu kibanza c'abandi''.
Kuba ibiro vya Putin vyamenyesheje ko ataja muri Turkiya ntawe vyatangaje muri Ukraine.
Ku vyavuzwe na Zelensky kuri izo ntumwa z'Uburusiya, itangazo ryo mu biro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya rivuga ko harungitswe ''intumwa zo ku rwego rwo hejuru zishobora gutegura ingingo zikenewe''.
Nawe umuvugizi w'ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe imigenderanire yavuze ngo ''Umutezi w'ibinanga kandi ariko aratsindwa ariko aravuga ku bantu b'abubahwa.''
Ku ruhande rwa Ukaine vyahavuye bimenyekana ko intumwa muri ivyo biganiro vya Istanbul zizoba zirongowe n'umushikiranganji wo kwivuna abansi.
Perezida wa Ukraine yavuze ko yarungitse umushikiranganji wiwe wo kwivuna abansi ku ''kwubaha Prezida Trump na Perezida Erdogan''.
Zelensky yavuze ko atibaza ko Uburusiya bushimitse ku ntumbero yo kugarukana amahoro ariko avuga ko yizeye ko baja kwerekana ko atari uko bimeze muri iyo nama.
Hari ibibazo bikomeye Uburusiya na Ukraine badahurizako vyongeye gusubira kuja ahabona mu gihe hari ivyo biganiro vya Istanbul.
Umwe mu bategetsi b'Uburusiya yavuze Ukraine ikiyiraje ishinga conyene ari ukuvugana ihagarikwa ry'intambara, ariko ''ivyo ntibihuye n'ingene Uburusiya bubibona''.
Ariko mu kiganiro yatanze ahejeje kuboana na perezida wa Turkiya Tayepp Erdogan, prezida Zelensky yavuze ko hamwe umukuru w'Uburusiya Putin yoba yiteguriye ko bagirana ibiganiro ata kirinze gusabwa, ''reka duhure''.
Ariko n'uburundi avuga ko ata biganiro kw'ihagarikwa ry'intambara iyo ntambara idashobora kurangizwa.
Abajijwe intambwe ikurikira Ukraine igiye gufata, Zelensky yishuye ati : ''Nta kamaro ko gutakaza umwanya nvuga ku mahoro ya Ukraine gusa kuko bamwe baraja kubikunda, abanda bibagwe nabi.''
Ikirangamwanya c'ivyo biganiro nticemejwe - ariko Zelensky yavuze ko Ukraine n'ubu ''yiteguriye ibiganiro bitaziguye''.
Yasavye ko hokwongerezwa ingingo zo gutera igitsure Putin. Yamwagirije ko, n'ubwo ari we nyene yahamagaje ibiganiro, atavyitavye ubwiwe. ''Ntashaka ko intambara ihagarara,'' niko Zelensky yavuze.
Ku ruhande rw'Uburusiya, umukuru w'intumwa mu biganiro vya Istanbul, Vladimir Medinsky, yavuze ko ''twiteguriye kugira ivyo duheberanira ku neza y'amahoro, turiteguriye kubiganirako''.
Yavuze ko intumwa arongoye zaje ''gukora''.