Israel-Gaza: Aba mbere mu banyurujwe na Hamas barekuwe, ni umunezero mu miryango yabo

Yatangajwe

Imiryango y’Abanya-Israel 13 barekuwe na Hamas bavuga ko ari umunezero kubona ababo batashe.

Aba barekuwe harimwo abana bakiri bato n’abatamakazi, ubu bakaba bashitse muri Israel babifashijwemwo n’ishirahamwe Croix Rouge ryabacishije mu Misiri.

Inyuma y’aho gato, impfungwa z’Abanya-Paletsina 39 zarekuwe ahitwa Beituniya mu karere ka Cisjordanie/West Bank.

Abanya-Thailand cumi n’umunya-Filipine (Philippines) nabo nyene barekuwe na Hamas, mu masezerano atandukanye n’aya yahagarariwe n’igihugu ca Qatar.

Muri aya masezerano yahagarariwe na Qatar, bitegekanijwe ko impfungwa za Israel zishika 50 hamwe n’iza Palestina zishika 150 zizorekurwa mu misi ine y’agahengwe kemewe.

Izi mpfungwa zarekuwe na Hamas ejo ku wa gatanu zatwawe mu bitaro vyo mu Misiri kugira bazipime amagara yazo imbere y’uko bazijana muri Israel.

Muri aba banya-Israel harimwo abana bane - bafise imyaka ibiri, ine, itandatu n’icenda – hamwe n’umutamakazi w’imyaka 85.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu , agira ati: "Twahejeje kurekuza impfungwa za mbere. Abana, ba nyina babo hamwe n’abandi bagore.

"Ariko ndabashimangirira mwebwe – imiryango, hamwe na mwebwe – abanyagihugu ba Israel: twiyemeje gutahukana impfungwa zacu zose”.

Muri ano masezerano yo guhana impfungwa, Abanya-Paletsina 39 nabo bari bapfungiwe mu mabohero ya Israel barekuwe.

Bagirizwa ivyaha bitandukanye, kuva ku vyaha vyo gutera amabuye gushika kuvy’ubwicanyi. Hari bamwe bari bamaze kwagirwa n’icaha mu gihe abandi bari bakirindiriye kuburanishwa.

Abagore 24 n’imiyabaga y’abahungu 15 nibo barekuwe ku kigo ca Beituniya mu gace kigaruriwe na Israel mu karere ka Cisjordanie, aho isinzi n’isinzi ry’abantu bari babarindiriye baririmba.

Igisata ca Israel kijejwe amabohero kivuga ko bazokwemererwa gusubira mu miryango yabo.

Umwe muri aba banya-Palestina yarekuwe yitwa Marah Bakeer. Yari yahagaritswe mu 2015 igihe yari afise imyaka 16, akaba yari yaciriwe umunyororo w’imyaka umunani n’igice yagiriwe n’icaha c’igitero akoresheje imbugita (icyuma mu Kinyarwanda) ku mupolisi yacungera urubibe.

Bakeer yabwiye abanyamakuru bari barindiriye ati: "Aya masezerano aje inyuma y’abantu batari bake bapfuye kandi ibi ntibitunezereje mbere ntibitugwa neza”.

Uno mwigeme avuga ko yapfungiwe mu cumba ca wenyene kandi ko ata na kimwe yari azi “ku vyariko birabera hanze, nta na kimwe nari nzi ku vyariko bibera muri Gaza”.

Ati: "Inkuru y’ano masezerano yabaye igitangaza”.

Izi mpfungwa zacaguwe ku rutonde rw’abagore 300 n’abana rwakozwe na Israel.

Abari musi y’ica kane c’aba bari kuri uru rutonde baragiriwe n’icaha – abenshi muri bo bakaba bapfunzwe vy’agateganyo mu gihe bakirindiriye kuburanishwa. Abenshi kuri uru rutonde ni abahungu b’imiyabaga – 40% muri bo bakaba bari musi y’imyaka 18. Harimwo kandi n’umukobwa w’umuyabaga hamwe n’abagore 32.

Vyikekwa ko Abanya-Palestina barenga 6000 bapfungiwe muri Israel bagirizwa guhungabanya umutekano – benshi muri bo bakaba bakirindiriye kuburanishwa.

Mu gitero ca Hamas co ku wa 07 Gitugutu (10) cagandaguriwemwo abantu 1200, abarenga 200 barafashwe bunyagano.

Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu avuga ko igitigiri c’Abanya-Palestina bapfunzwe ata manza baciriwe caraduze cane kuva habaye ibitero vyo ku wa 07 Gitugutu.

Kuva habaye agahengwe mu ntambara, amakamyo nibura 60 atwaye imfashanyo aramaze kwinjira muri Gaza – Israel ikavuga ko amakamyo umunani yinjije igitoro, mu rwego rwo kwinjiza amalitiro 130.000 buri musi muri aka gahengwe.

N’aho aya masezerano y’agahengwe k’imisi ine avuga ko uturere twose twategerezwa kuba twuguruye kugira amashirahamwe atanga imfashanyo ashoboye gushikayo, Israel yabwiye Abanya-Palestina ubu bahungiye mu bumanuko ko batohirahira ngo basubire mu mihana yabo, ikavuga ko uburaruko ari akarere k’intambara – n’aho ibihumbi n’ibihumbi vy’abasivire bivugwa ko ariyo bakiri.